Nehemiya 2:1-20

  • Nehemiya yemererwa kuja i Yeruzalemu (1-10)

  • Nehemiya asuzuma inzitiro z’igisagara (11-20)

2  Umusi umwe mu kwezi kwa Nisani*, mu mwaka ugira 20+ umwami Aritazerusi+ aganza, umuvinyu wari uteretse imbere yiwe. Maze ntora uwo muvinyu ndawumuha nk’uko bisanzwe+. Mugabo sinari bwigere nza imbere yiwe mbabaye.  Maze umwami ambwira ati: «Kubera iki usa n’uwubabaye kandi utarwaye? Uko biri kwose, urababaye mu mutima.» Nca ngira ubwoba bwinshi.  Nishura umwami nti: «Umwami nahangame! Noreka gute kubabara kandi igisagara bahamvyemwo ba sogokuruza carasambuwe n’amarembo yaco agaturirwa+  Umwami na we ambwira ati: «None wipfuza iki?» Ubwo nyene nca nsenga Imana yo mw’ijuru+.  Hanyuma nishura umwami nti: «Nimba ubishimye mwami kandi ukaba ubona ko jewe umusuku wawe ndaguhimbara, ndagusavye undungike mu Buyuda, nje mu gisagara bahamvyemwo ba sogokuruza, nsubire ndacubake+  Umwami yari yicaranye n’umwamikazi wiwe. Ambwira ati: «Urugendo rwawe ruzomara igihe kingana gute? Uzoca ugaruka ryari?» Umwami rero ashima kundungika+, maze ndamubwira igihe nzomarayo+.  Nca ndamubwira nti: «Nimba ubishimye mwami, nibampe amakete nshira ba buramatari bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*+ kugira bandeke ndengane gushika nshitse mu Buyuda.  Nibampe n’ikete nshira Asafu umurinzi w’ishamba ry’umwami kugira ngo ampe ibiti vyo gukuramwo ibigiga. Nzoheza ndavyubakishe amarembo y’inyubakwa ikomeye+ iri hafi y’urusengero*, inzitiro z’igisagara+ n’inzu nzobamwo.» Nuko umwami ampa ayo makete+, kuko Imana yanje nziza yari kumwe nanje*+.  Maze gushikira ba buramatari bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, ndabaha nya makete y’umwami. Umwami yari yampaye n’abakuru b’ingabo n’abagendera ku mafarasi bamperekeza. 10  Umuhoroni yitwa Sanibalati+ n’umutware* w’Umwamoni+ yitwa Tobiya+ bavyumvise, barababara cane kubona hari umuntu yaje gukorera iciza Abisirayeli. 11  Amaherezo nshika i Yeruzalemu. Haheze imisi itatu, 12  mvyuka mw’ijoro ndi kumwe n’abagabo bakeyi. Mugabo nta n’umwe nabwiye iciyumviro Imana yanje yashize mu mutima wanje c’ivyo nkwiye gukorera Yeruzalemu. Kandi nta kindi gitungwa nagiye njanye kiretse ico nariko ngenderako. 13  Muri iryo joro nsohokana mw’irembo ryo ku mubande+, nca imbere y’isôko ryitwa isôko ry’ikiyoka nerekeza kw’irembo ry’ibirundo vy’umunyota+. Nagenda nsuzuma inzitiro za Yeruzalemu zari zarasenyutse n’amarembo yaho yari yaraturiwe+. 14  Nca ndabandanya nshika kw’irembo ryo kw’isôko+ no ku kidengeri c’umwami, ariko mbura aho ncisha igitungwa nariko ngenderako. 15  Nca nguma nduga mu mubande*+ muri iryo joro, nsuzuma uruzitiro. Ndaheza nsubira inyuma, ninjirana mw’irembo ryo ku mubande, nca ndataha. 16  Abatware bo hasi+ ntibari bazi iyo nagiye n’ico nariko ndakora, kuko ata na kimwe nari bwabwire Abayuda, abaherezi, abanyacubahiro, abatware bo hasi n’abandi bose bariko bakora igikorwa co kwubaka. 17  Amaherezo ndababwira nti: «Muribonera neza ko ibintu bimeze nabi: Yeruzalemu yarasambuwe, amarembo yaho na yo araturirwa. Nimuze dusubire twubake inzitiro za Yeruzalemu kugira ngo ntitugume turi akamenyo.» 18  Hanyuma ndabiganira ivyiza Imana yankoreye*+ n’ivyo umwami yari yambwiye+. Baca bavuga bati: «Reka tuve hasi twubake.» Nuko barazikenyera* ngo bakore ico gikorwa ciza+. 19  Wa Muhoroni yitwa Sanibalati na wa mutware* w’Umwamoni+ yitwa Tobiya+ be n’Umwarabu+ yitwa Geshemu bavyumvise, batangura kudutwenga+ no kutugaya bavuga bati: «Ivyo mukora ni ibiki? Mugira mugararize umwami+ 20  Ariko ndabishura nti: «Imana yo mw’ijuru ni yo izotuma bigenda neza+. Twebwe abasavyi bayo twiyemeje kwubaka. Mugabo mwebwe nta mugabane canke uburenganzira mufise i Yeruzalemu, nta n’ikintu mwahakoze twobibukirako*+

Utujambo tw'epfo

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «kuko ukuboko kwiza kw’Imana yanje kwari kuri jewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «umusuku.»
Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakomeza amaboko yabo.»
Canke «ingene ukuboko kwiza kw’Imana yanje kwabaye kuri jewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «wa musuku.»
Canke «nta n’aho muhuriye na kahise kaho.»