Rusi 3:1-18

  • Nawomi abwira Rusi ico yokora (1-4)

  • Rusi na Bowazi bari ku mbuga yo mu murima (5-15)

  • Rusi asubira kwa Nawomi (16-18)

3  Nawomi inabukwe wa Rusi amubwira ati: «Mukobwa wanje, nkwiye kukuronderera umugabo*+ kugira bikugendere neza.  Bowazi ni incuti yacu+. Barya bakobwa mwamanye ni we bakorera. Ku mugoroba ahava agosora sayiri ku mbuga yo mu murima*.  Niwoge rero, wisige utuvuta tumota maze wambare neza*, uheze umanuke kuri irya mbuga. Ntumwiyereke ataraheza kurya no kunywa.  Niyaryama, uze kuraba aho aryamye, uheze ugende umupfukure ku birenge hanyuma uryame. Na we araza kukubwira ico ukwiye gukora.»  Rusi amwishura ati: «Ivyo umbwiye vyose ndabikora.»  Nuko amanuka kuri ya mbuga maze akora ivyo inabukwe yamubwiye vyose.  Ico gihe Bowazi yariko ararya, anywa, kandi yari anezerewe. Yahavuye aja kuryama iruhande y’ikirundo c’intete. Hanyuma Rusi arasoboka, amupfukura ku birenge araheza araryama.  Ijoro rigeze hagati, Bowazi atangura kujugumira. Nuko aricara, aca asanga hari umugore aryamye hafi y’ibirenge vyiwe.  Araheza avuga ati: «Wewe uri nde?» Na we ati: «Ndi Rusi umusavyi wawe. Nutabare umusavyi wawe* kuko uri umwe mu bashobora kuducungura+ 10  Bowazi aca avuga ati: «Uragahezagirwa na Yehova, mukobwa wanje. Ubuntu* ugaragaje mu kudakurikira abasore, baba abatunze canke abakenye, buruta ubwo wagaragaje ubwa mbere+. 11  Ntutinye rero mukobwa wanje. Ivyo unsaba vyose ndabigukorera+, kuko abo mu gisagara bose bazi ko uri umugore ameze neza cane. 12  Ni ivy’ukuri yuko ndi umwe mu bashobora kubacungura+, ariko hariho incuti ya hafi kundusha yogucungura+. 13  Nugume ng’aha iri joro, maze mu gitondo niyashima kugucungura agucungure+, bizoba ari vyiza. Ariko natabishima, ndakurahiye Yehova Imana nzima ko nzoca ndagucungura. Niwiryamire ng’aha gushika mu gitondo.» 14  Rusi aca aguma aryamye hafi y’ibirenge vyiwe gushika mu bucagucagu, maze avyuka hatarabona neza ku buryo ata muntu yomenya uwundi. Nuko Bowazi avuga ati: «Ntihagire uwumenya ko hari umugore yaje hano ku mbuga.» 15  Yongerako ati: «Fata uwo mutamana wambaye, uwusanze.» Nuko arawusanza maze Bowazi asukamwo ingero zitandatu* za sayiri, aramukorera, hanyuma Bowazi yinjira mu gisagara. 16  Maze Rusi asubira kwa inabukwe, na we amubaza ati: «Vyagenze gute* ga mukobwa wanje?» Rusi amubwira ibintu vyose nya mugabo yamugiriye. 17  Yongerako ati: «Yampaye izi ngero zitandatu za sayiri, ambwira ati: “Ntiwosubira kwa nyokobukwe ata co utwaye.”» 18  Nawomi aca avuga ati: «Igumire aha mukobwa wanje, gushika umenye uko biza kugenda, kuko uwo mugabo aza kuruhuka atoreye umuti ico kibazo uno musi.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ahantu ho kuruhukira.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «wambare impuzu zo hejuru.»
Canke «nusanze igice c’epfo c’impuzu yawe ku musavyi wawe.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Zishobora kuba ari ingero zitandatu za seya, zoja mu kintu c’amalitiro nka 44. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «uri nde.»