Yeremiya 17:1-27

  • Igicumuro c’Ubuyuda caratsimbataye (1-4)

  • Imihezagiro iva ku kwizigira Yehova (5-8)

  • Umutima ni umuhemu (9-11)

  • Yehova, icizigiro ca Isirayeli (12, 13)

  • Isengesho rya Yeremiya (14-18)

  • Isabato igume ari nyeranda (19-27)

17  «Igicumuro c’Ubuyuda candikishijwe ikaramu* y’icuma. Casaruwe ku mutima wabono ku mahembe y’ibicaniro vyabo hakoreshejwe isonga rya diyama.   Abahungu babo na bo bibuka ibicaniro vyabo n’inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+vyari iruhande y’igiti gitotahaye, ku mirambi miremire+   no ku misozi yo mu gahinga. Ibintu vyawe, amatunga yawe yose, nzoreka babisahure+.Bazosahura ibiri mu bibanza vyawe vyo gusengeramwo* kubera igicumuro gikorerwa mu turere twawe twose+.   Uzoheba intoranwa nari naraguhaye, uyihebe ari wewe bivuyeko+. Nzotuma ukorera abansi bawe mu gihugu utazi+,kuko ishavu ryanje mwaridometse nk’umuriro*+. Uzoguma waka ibihe vyose.»   Yehova avuze ati: «Aravumwe umuntu* yizigira abantu buntu+,akisunga ububasha bw’abantu*+,umutima wiwe ukava kuri Yehova.   Azoba nk’igiti cirebanga mu bugaragwa. Iciza nicaza ntazobibona,ahubwo azoba ahantu hagadutse mu gahinga,mu gihugu c’umunyu ata muntu ashobora kukibamwo.   Arahezagiwe umuntu* yizigira Yehova,Yehova akaba amizero yiwe+.   Azoba nk’igiti gitewe iruhande y’amazi,gishora imizi yaco ku ruzi. Ubushuhe nibwaza ntazobwumva,ahubwo amababi yiwe azokwama atotahaye+. Mu mwaka w’uruzuba ntazogira amaganya,canke ngo areke kwama ivyamwa.   Umutima ni umuhemu* kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane*+. Ni nde yowumenya? 10  Jewe Yehova nsesa umutima+,ngasuzuma ivyiyumviro vy’ibwina*,kugira ngo umwe wese ndamuhe ibihuye n’ingeso ziwe,ibihuye n’ivyo akora*+. 11  Uwurondera ubutunzi mu buryo bw’ububeshi*+ameze nk’inkware yegeranya amagi itataye. Acagatije ubuzima bwiwe, ubwo butunzi buzokwigira.Amaherezo azoboneka ko ari imburabwenge.» 12  Kuva mu ntango intebe y’ubwami ininahaye y’Imana yamye iri hejuru.Ni yo kibanza cacu ceranda+. 13  Ewe Yehova, cizigiro ca Isirayeli,abaguta bose bazomaramara. Abakuvako* bakaguheba* bazokwandikwa mw’ivu+,kuko bagutaye wewe Yehova, wewe soko ry’amazi y’ubuzima+. 14  Ewe Yehova nkiza, nanje ndakira. Ndokora ndarokoka+kuko ari wewe nshemeza. 15  Erega hari abambwira ngo: «Ivyo Yehova yavuze biri hehe+? Nibiranguke.» 16  Mugabo jewe, sinahunze ngo ndeke kuba umwungere agukurikira,canke ngo nipfuze umusi w’ivyago. Urazi neza ivyo iminwa yanje yavuze.Vyose vyabaye ubona. 17  Ntutume ntekerwa n’ubwoba. Uri ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago. 18  Abampama nibamaramare+,mugabo ntureke ngo maramare. Nibabe ari bo batekerwa n’ubwoba,mugabo ntureke ngo ntekerwe n’ubwoba. Nubazaneko umusi w’ivyago+,ubavunagure, ubazimanganye buhere*. 19  Yehova yambwiye ati: «Genda uhagarare mw’irembo nyamukuru* abami b’Ubuyuda bacamwo mu kwinjira no mu gusohoka, uhagarare no mu marembo yose ya Yeruzalemu+. 20  Ubabwire uti: “Nimwumve ivyo Yehova avuze, yemwe bami b’Ubuyuda namwe ababa mu Buyuda mwese n’i Yeruzalemu, mwinjirana muri aya marembo. 21  Yehova avuze ati: ‘Muragabe, ntihagire umutwaro mutwara ku musi w’isabato canke ngo muwinjize i Yeruzalemu muwucishije mu marembo yaho+. 22  Ntihagire umutwaro mukura mu mihana yanyu ku musi w’isabato, kandi ntihagire igikorwa na kimwe mukora+. Umusi w’isabato mugume mubona ko ari mweranda, nk’uko nabitegetse ba sogokuruza banyu+. 23  Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi. Babaye intagondwa* banka kugamburuka no gutozwa indero+.’” 24  “‘Mugabo nimwangamburukira vy’ukuri’, ni ko Yehova avuze, ‘ntihagire umutwaro mwinjiza muri iki gisagara muwucishije mu marembo yaco ku musi w’isabato kandi umusi w’isabato mukaguma mubona ko ari mweranda, ntimugire igikorwa na kimwe mukora kuri uwo musi+, 25  abami n’abaganwa* bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, na bo nyene bazokwinjira muri iki gisagara baciye mu marembo yaco. Bazohinjira bagendera ku mikogote no ku mafarasi, bo n’abaganwa babo, n’abagabo bo mu Buyuda be n’ababa i Yeruzalemu+. Kandi iki gisagara kizobamwo abantu ibihe vyose. 26  Abantu bazoza bavuye mu bisagara vy’Ubuyuda, mu micungararo ya Yeruzalemu, mu karere ka Benyamini+, mu karere k’imirambi+, mu misozi n’i Negebu*. Bazoza bazanye amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ibimazi+, amashikanwa y’intete+, imibavu*, n’ibimazi vyo gukenguruka, babizane mu nzu ya Yehova+. 27  Mugabo nimutangamburukira ngo umusi w’isabato mugume mubona ko ari mweranda, ngo mureke gutwara imitwaro no kuyinjiza i Yeruzalemu muyicishije mu marembo yaho ku musi w’isabato, nzoturira amarembo yaho, maze uwo muriro uturire koko iminara ikomeye y’i Yeruzalemu+, kandi ntuzozima+.’”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).
Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza vyawe bitaramutse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko mwadometswe nk’umuriro mw’ishavu ryanje.»
Canke «ukuboko kwiwe kw’inyama.»
Canke «umugabo akomeye.»
Canke «umugabo akomeye.»
Canke «umubeshi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urwaye indwara idakira.»
Canke «inyiyumvo z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe.»
Canke «atabigiranye ubutungane.»
Canke «bakaba abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Mu giheburayo havuga ngo «abamvako.» Biboneka ko hariko havugwa abava kuri Yehova.
Canke «ubazimanganye kabiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «ry’abana b’abantu.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaje izosi.»
Canke «abatware.»
Canke «mu bumanuko.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).