Yeremiya 20:1-18

  • Pashuri akubita Yeremiya (1-6)

  • Yeremiya ntashobora kunuma ubutumwa bw’Imana (7-13)

    • Ubutumwa bw’Imana ni nk’umuriro ururumba (9)

    • Yehova ameze nk’umurwanyi ateye ubwoba (11)

  • Amaganya ya Yeremiya (14-18)

20  Pashuri mwene Imeri, umuherezi, akaba kandi yari icariho kizigenza mu nzu ya Yehova, yariko arumviriza igihe Yeremiya yavuga ayo majambo y’ubuhanuzi.  Pashuri aca akubita umuhanuzi Yeremiya, yongera amushira mu mpatane z’ibiti+ zari kw’irembo ryitwa irembo ryo haruguru rya Benyamini, ryari hafi y’inzu ya Yehova.  Mugabo ku musi ukurikira, Pashuri akura Yeremiya muri nya mpatane z’ibiti, maze Yeremiya amubwira ati: «Yehova ntakikwise Pashuri, mugabo akwise “Iterabwoba irya n’ino+.”  Kuko Yehova avuze ati: “Nzotuma uba ikintu gituma wewe n’abagenzi bawe bose mugira ubwoba, kandi bazokwicwa n’inkota y’abansi babo urorera+. Nzotuma umwami wa Babiloni atsinda Ubuyuda bwose, ababayo abajane mu bunyagano i Babiloni, abicishe inkota+.  Nzoha abansi babo ibintu vyose vyo muri iki gisagara, ubutunzi bwaco bwose, ibintu vy’agaciro vyaco vyose n’amatunga yose y’abami b’Ubuyuda+. Bazobisahura maze babifate babijane i Babiloni+.  Nayo wewe ga Pashuri hamwe n’ababa mu nzu yawe bose, muzojanwa kugirwa imbohe. Uzoja i Babiloni maze upfireyo, kandi ni yo uzohambwa mwe n’abagenzi bawe bose, kuko wababwiye ubuhanuzi bw’ibinyoma+.”»   Ewe Yehova, warampenze ndahendeka. Warandushije inkomezi, uratsinda+. Basigaye bangira agatwengo bukarinda bwira.Nabaye akamenyo kuri bose+.   Kuko igihe cose mvuze, ntegerezwa gusemerera, nkatangaza nti:«Hari ubukozi bw’ikibi n’agatikizo!» Kubera ijambo rya Yehova, barantuka, bakancokora bukarinda bwira+.   Naciye mvuga nti: «Sinzosubira kuvuga ivyiwe,kandi sinzosubira kuvuga mw’izina ryiwe+ Mugabo mu mutima wanje ijambo ryiwe ryabaye nk’umuriro ururumba, wugaraniwe mu magufa yanje.Naruhishijwe no kuwigumizamwo,sinashobora kuguma ndawihanganiye+. 10  Kuko numvise ibibi vyinshi abantu bamvugako.Nkikujwe n’ibintu biteye ubwoba+. Bavuga bati: «Nimuvuge ivyiwe. Nimuze tubivuge.» Abantu bose banyipfuriza amahoro, baba bareretse ko notemba+. Bavuga bati: «Hari aho yokwihenda agakora ikosa,natwe tukamutsinda, tukamwihora.» 11  Mugabo Yehova yari kumwe nanje nk’umurwanyi ateye ubwoba+. Ni co gituma abampama bazotsitara, kandi ntibazotsinda+. Bazomaramara bimwe bikomeye kuko batazokwererwa. Agateterwe kamaho bazogira ntikazokwibagirana+. 12  Mugabo wewe Yehova Nyeningabo, urasuzuma umugororotsi.Urabona ivyiyumviro biri ibwina* hamwe n’umutima+. Ese nobona ingene ubihora+,kuko ari wewe nashikirije imburano zanje+. 13  Nimuririmbire Yehova! Nimushemeze Yehova! Kuko yarokoye umworo mu maboko y’inkozi z’ikibi. 14  Umusi navukiyeko urakavumwa! Umusi mawe yamvyariyeko ntugahezagirwe+! 15  Arakavumwa umuntu yazaniye inkuru nziza dawe, akamubwira ati: «Uvyaye umwana w’umuhungu!», bigatuma anezerwa cane. 16  Uwo muntu arakamera nk’ibisagara Yehova yatembagaje ntiyicuze. Aze yumve amaborogo mu gitondo n’akaruru k’intambara sasita. 17  Kubera iki atanyiciye mu nda ya mawe,maze mawe akambera imva,akazokwama yibungenze+? 18  Kubera iki navuye mu nda ya mawekugira mbone amagorwa n’intuntu,ngo nsozere imisi y’ubuzima bwanje mu bimaramare+?

Utujambo tw'epfo

Canke «inyiyumvo z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.»