Yeremiya 23:1-40

  • Abungere beza na babi (1-4)

  • «Umunago ugororotse» uzozana umutekano (5-8)

  • Abahanuzi b’ikinyoma bacirwa urubanza (9-32)

  • «Umuzigo» wa Yehova (33-40)

23  Yehova avuze ati: «Baragowe abungere bariko barahonya bakongera bagasanzaza intama zo mw’itongo ryanje ryo kuragiramwo+  Ibi rero ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bungere baragira abantu biwe: «Mwarasanzaje intama zanje. Mwagumye muzishwiragiza, ntimwazitaho+. Ngira rero niteho ivyanyu kubera ibikorwa vyanyu bibi», ni ko Yehova avuze.  «Nzoca nkoraniriza hamwe intama zanje zisigaye, ndazikuye mu bihugu vyose nazishwiragijemwo+. Nzozigarukana aho zahora ziragirirwa+ maze zirondoke, zigwire+.  Nzozironderera abungere bazoziragira neza+. Ntizizokwongera gutinya canke ngo ziranduke umutima, kandi nta n’imwe izobura», ni ko Yehova avuze.  «Mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+. Hari umwami azoganza+ kandi azokorana ubukerebutsi, ashigikire ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.  Mu gihe ciwe Ubuyuda buzokizwa+ na Isirayeli yibere mu mutekano+. Azokwitwa: Yehova ni we bugororotsi bwacu+  «Ariko rero mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «ntibazosubira kuvuga ngo: “Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye Abisirayeli mu gihugu ca Misiri+!”  Ahubwo bazovuga ngo: “Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye abakomoka ku Bisirayeli mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragijemwo, akabagarukana.” Bazoba mu gihugu cabo bwite+  Ku vyerekeye abahanuzi, mvuze nti: Umutima wanje wajanjaguritse. Amagufa yanje yose ariko aranyiganyiga. Meze nk’umuntu yaborewe,nk’umuntu yarengewe n’umuvinyu,kubera Yehova no kubera amajambo yiwe meranda. 10  Kuko igihugu cuzuye abarenga ibigo+.Kubera umuvumo, igihugu kiri mu kigandaro+kandi amatongo yo kuragiramwo yo mu gahinga* yumye+. Ingeso zabo ni mbi, kandi bakoresha nabi ububasha bafise. 11  Yehova avuze ati: «Umuhanuzi n’umuherezi bompi barahumanye*+. No mu nzu yanje nasanzeyo ububisha bwabo+ 12  «Ni co gituma inzira yabo izosigara ari inzira inyerera kandi iri mu mwiza+.Bazosunikwa bagwe. Nzobazanako ivyagoumwaka ivyabo bizorabwa», ni ko Yehova avuze. 13  «Hari ikintu gishisha nabonye mu bahanuzi b’i Samariya+. Bavuga ubuhanuzi mw’izina rya Bayali,bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli. 14  Hari ibintu biteye ikinya nabonye mu bahanuzi b’i Yeruzalemu. Bararenga ibigo+, bakagendera mu kinyoma+.Baremesha inkozi z’ikibi*,kandi nta n’umwe aheba ububisha bwiwe. Kuri jewe bose bameze nka Sodomu+,ababa mu gisagara bakamera nka Gomora+ 15  Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo avuze ku bahanuzi: «Ngira ndabarishe ibirura,ndabanyweshe n’amazi arimwo ishano+. Kuko abahanuzi b’i Yeruzalemu batumye mu gihugu cose hakwiragira agatima ko guheba Imana* 16  Yehova Nyeningabo avuze ati: «Ntimwumvirize ivyo abahanuzi bababwira+. Barabahenda*. Ibintu bavuga ko beretswe ni ivyo bikurira mu mutima wabo bwite+,si ibiva mu kanwa ka Yehova+. 17  Baguma babwira abatanyubaha ngo:“Yehova avuze ati: ‘Muzogira amahoro+.’” Abakurikira umutima wabo w’intagondwa bababwira ngo:“Nta vyago bizobashikira+.” 18  Mbega ni nde yahagaze mu mugwi w’abagenzi somambike ba Yehovango abone yongere yumve ijambo ryiwe? Ni nde yitayeho ijambo ryiwe kugira ngo aryumve? 19  Ehe! Umuyaga ukaze wa Yehova uzozanana ishavu ryinshi.Uzozungurukira ku mutwe w’ababisha nka kurya kw’ikivumbuzi+. 20  Ishavu rya Yehova ntirizosubira inyumaadashize mu ngiro ivyipfuzo vy’umutima wiwe akabishitsa. Mu misi y’iherezo muzobitahura neza. 21  Sinatumye abahanuzi, yamara barirutse. Sinavuganye na bo, yamara baravuze ubuhanuzi+. 22  Mugabo iyo bahagarara mu mugwi w’abagenzi banje somambike,baba rero baratumye abantu banje bumva amajambo yanje,kandi baba baratumye baheba ingeso zabo mbi n’ibikorwa vyabo bibi+ 23  «Mbega ndi Imana igihe gusa ndi hafi, simbe Imana igihe ndi kure?», ni ko Yehova abajije. 24  «Mbega hari umuntu yokwinyegeza mu kibanza cihishije sindamubone+?», ni ko Yehova abajije. «Mbega sinuzuye ijuru n’isi+?», ni ko Yehova abajije. 25  «Narumvise abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ikinyoma mw’izina ryanje, ngo: “Narose! Narose+!” 26  Mbega abahanuzi bazoguma biyumvira mu mutima wabo kuvuga ubuhanuzi bw’ikinyoma gushika ryari? Bavuga ubuhanuzi bw’ububeshi bakuye mu mutima wabo+. 27  Barondera kwibagiza abantu banje izina ryanje biciye ku ndoto babwirana, nk’uko ba se bibagiye izina ryanje kubera Bayali+. 28  Umuhanuzi yarose navuge ivyo yarose, mugabo uwufise ijambo ryanje, narivuge mu kuri.» «Mbega ibikumbi wobigereranya n’intete?», ni ko Yehova abajije. 29  «Mbega ijambo ryanje ntirimeze nk’umuriro+, rikamera kandi nk’inyundo y’umucuzi imenagura urutare+?», ni ko Yehova abajije. 30  «Ngira rero ndwanye abahanuzi biba amajambo yanje, umwe wese akayiba mugenziwe+», ni ko Yehova avuze. 31  «Ngira ndwanye abahanuzi», ni ko Yehova avuze, «bamwe bakoresha ururimi rwabo bavuga bati: “Ng’ibi ivyo yavuze+!”» 32  «Ngira ndwanye abahanuzi barotora indoto z’ikinyoma», ni ko Yehova avuze, «bamwe bazivuga maze bakazimiza abantu banje kubera ibinyoma vyabo n’ukwirata kwabo+ «Mugabo sinabatumye canke ngo ngire ico ndabategeka. Ni co gituma ata na kimwe bazomarira aba bantu+», ni ko Yehova avuze. 33  «Kandi aba bantu canke umuhanuzi canke umuherezi nibakubaza bati: “Umuzigo* wa Yehova udufitiye ni uwuhe?” Uze ubishure uti: “Yehova avuze ati: ‘Umuzigo ni mwebwe. Nzobikurako+.’” 34  Nayo umuhanuzi canke umuherezi canke uwundi muntu avuga ngo: “Ubutumwa bwa Yehova ni umuzigo*!”, nzokwitaho ivyiwe n’urugo rwiwe. 35  Umwe wese aguma abaza mugenziwe na mwenewabo ngo: “Yehova yishuye iki? Yehova yavuze iki?” 36  Ntimuze musubire kuvuga ko ubutumwa bwa Yehova ari umuzigo, kuko amajambo umwe wese muri mwebwe avuga ari yo muzigo*, kandi mwarahinduye amajambo y’Imana nzima, Yehova Nyeningabo, Imana yacu. 37  Umuhanuzi uze umubaze uti: “Yehova yakwishuye iki? Yehova yavuze iki? 38  Muguma muvuga ngo: ‘Ubutumwa bwa Yehova ni umuzigo.’ Nimwabibandanya, Yehova avuze ati: ‘Kubera ko muvuga ngo: “Ijambo rya Yehova ni umuzigo*”, kandi narababujije kuvuga ngo: “Ijambo rya Yehova ni umuzigo*!”, 39  nzobaterura ndabate kure mumve imbere, mwebwe n’igisagara nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu. 40  Nzotuma mugira ibimaramare vyamaho n’agateterwe kamaho katazokwibagirana+.’”»

Utujambo tw'epfo

Canke «samuragwa.»
Canke «mu bugaragwa.»
Canke «barabaye abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Mu giheburayo havuga ngo «bakomeza amaboko y’inkozi z’ikibi.»
Canke «hakwiragira ubuhuni.»
Canke «batuma mugira ivyizigiro ata co bimaze.»
Canke «ubutumwa buruhisha.» Mu giheburayo iryo jambo rifise insobanuro zibiri: «ubutumwa buremereye buvuye ku Mana» canke «ikintu kiruhisha.»
Canke «buraruhisha.»
Canke «ari bwo butumwa buruhisha.»
Canke «ni ubutumwa buruhisha.»
Canke «ni ubutumwa buruhisha.»