Yeremiya 9:1-26

  • Umubabaro mwinshi wa Yeremiya (1-3a)

  • Yehova agira ico abaza Ubuyuda (3b-16)

  • Gucurira intimba Ubuyuda (17-22)

  • Niwirate kubera uzi Yehova (23-26)

9  Ese iyaba umutwe wanje wari amazi,n’amaso yanje akaba isoko ry’amosozi+! Norize rero umurango n’ijorondirira abantu bo mw’ihanga ryacu bishwe.   Icompa uburaro bw’ingenzi mu bugaragwa! Nociye mbisa aba bantu bo mw’ihanga ryacu, nkigira kure yabo,kuko bose barenga ibigo+,bakaba ari akagwi k’ibihemu.   Bafora ururimi rwabo nk’umuheto.Ibinyoma ni vyo vyuzuye mu gihugu mu gishingo c’ubwizigirwa+. «Bava mu bubi baja mu bundi,kandi ntibanyitaho+», ni ko Yehova avuze.   «Mwese nimwirinde bagenzi banyu,ntimwizere na benewanyu. Kuko umuntu wese ahemukira mwenewabo+,umuntu wese akabeshera mugenziwe+.   Umwe wese acamwo mugenziwe,kandi nta n’umwe avugisha ukuri. Bigishije ururimi rwabo kuvuga ikinyoma+. Barakora ikibi bakaruha.   Uba hagati mu binyoma. Baranse kumenya ibinyerekeye kubera ibinyoma vyabo», ni ko Yehova avuze.   Ku bw’ivyo rero Yehova Nyeningabo avuze ati: «Nzobashongesha, ndabasuzume+.None hari ikindi nokorera abantu banje*?   Ururimi rwabo ni umwampi wica uvuga ibinyoma. Umuntu abwira mugenziwe ivy’amahoro ku munwa gusa,mugabo mu mutima amubundiye.»   «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze. «Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo+? 10  Nzoririra imisozi ndayiborogere,ncurire intimba* uburagiro bwo mu gahinga,kuko bahaturiye ku buryo ata wukihaca,kandi nta jwi ry’ibitungwa ricumvikana. Inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyarahunze, nta bikihari+. 11  Yeruzalemu nzohagira ibirundo vy’amabuye+, ahantu haba imbwebwe+,ibisagara vy’Ubuyuda na vyo ndabigire umusaka, bisigare ata wubibamwo+. 12  Ni nde afise ubukerebutsi bukwiye ngo atahure igituma ibi bintu biriko biraba? Ni nde Yehova yavugishije ngo abimenyekanishe? Kubera iki igihugu cayogeye? Kubera iki cababutse kikamera nk’ubugaragwaku buryo ata wukihaca?» 13  Yehova yishura ati: «Ni kubera ko bahevye amategeko* nabahaye no kubera ko batayakurikije ngo bumvire ijwi ryanje. 14  Ahubwo bagumye bakurikira imitima yabo babigiranye akagagazo+, basenga* ibishusho vya Bayali, nk’uko ba se bari barabibigishije+. 15  Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: “Aba bantu ngira ndabarishe ibirura*, ndabanyweshe n’amazi arimwo ishano+. 16  Nzobasanzariza mu mahanga bo hamwe na ba se batamenye+, kandi nzorungika inkota ibakurikire gushika ndabahoneje+.” 17  Yehova Nyeningabo avuze ati:“Nimukoreshe ubwenge*. Nimutumeko abagore baririmba uturirimbo tw’intimba+,mutumeko n’abagore bazi kurira, 18  kugira ngo banyaruke baducurire intimba n’ijwi rirenga,amosozi atembe mu maso yacu,ibigohe vyacu bijojote amazi+. 19  Kuko i Siyoni humvikanye ijwi ry’abacura intimba+, rigira riti: ‘Ese ukuntu twatikijwe! Ibimaramare biratwishe! Kuko twavuye mu gihugu, kandi amazu yacu barayasambuye+.’ 20  Yemwe bagore, nimwumve ivyo jewe Yehova mvuga. Ugutwi kwanyu nikwakire ivyo akanwa kanje kavuga. Nimwigishe abakobwa banyu aya majambo yo gucura intimba,namwe mwigishanye aka karirimbo k’intimba+. 21  Kuko urupfu rwinjiranye mu madirisha yacu.Rwinjiye mu minara yacu ikomeye,kugira rurandure abana mu mabarabara,n’imisore mu bibanza rusangi+.” 22  Nimuvuge muti: “Yehova avuze ati: ‘Imivyimba y’abantu izokwandagara nk’intabire mu murima,nk’ibinyantete umwimbuzi ahejeje gutema,ntihagire n’umwe avyegeranya+.’”» 23  Yehova avuze ati: «Umuntu w’inkerebutsi ntiyiratire ubukerebutsi bwiwe+,umunyenkomezi ntiyiratire inkomezi ziwen’umutunzi ntiyiratire ubutunzi bwiwe+ 24  «Mugabo uwirata, niyiratire iki kintu: ko atahura cane ibinyerekeye kandi akaba anzi+,ko ndi Yehova, Umwe yerekana urukundo rudahera*, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi+,kuko ivyo ari vyo bimpimbara+», ni ko Yehova avuze. 25  Yehova avuze ati: «Mu misi iri mbere, nzogira ico mbaza abantu bose bagenyerewe ariko batagenyerewe vy’ukuri+, 26  ni ukuvuga Misiri+, Ubuyuda+, Edomu+, Abamoni+, Abanyamowabu+ n’abantu bose bafise imisaya imoye baba mu bugaragwa+. Kuko amahanga yose atagenyerewe, kandi abo mw’ihanga rya Isirayeli bose ntibagenyerewe mu mutima+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’abantu banje.»
Canke «ndirimbire akaririmbo k’intimba.»
Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakurikira.»
Canke «ibamba.»
Canke «ugutegera.»
Canke «rudahemuka.»