Yosuwa 12:1-24

  • Abami batsinzwe mu buseruko bwa Yorodani (1-6)

  • Abami batsinzwe mu burengero bwa Yorodani (7-24)

12  Aba rero ni bo bami Abisirayeli batsinze mu buseruko bwa Yorodani maze bigarurira ibihugu vyabo kuva ku mubande* wa Arunoni+, kuduga gushika ku musozi Herumoni+, n’akarere kose ka Araba amaja mu buseruko+:  uwa mbere ni Sihoni+ umwami w’Abamori. Yaba i Heshiboni, agatwara igisagara ca Aroweri+ cari ku mpera y’umubande* wa Arunoni+. Yatwara n’akarere kava hagati mu mubande wa Arunoni gushika ku mwonga wa Yaboki hamwe n’igice ca Gileyadi. Umwonga wa Yaboki ni wo wari urubibe rw’Abamoni.  Yatwara kandi akarere ka Araba gushika ku kiyaga ca Kinereti*+ amaja mu buseruko. Ako karere karabandanya no ku kiyaga co muri Araba ari co kiyaga c’Umunyu, mu buseruko werekeza i Beti-Yeshimoti, kakabandanya n’amaja mu bumanuko munsi y’umusozi Pisiga+.  Akandi karere Abisirayeli bigaruriye ni aka Ogi+ umwami wa Bashani. Yari umwe mu masigarira y’Abarefayimu+, akaba yaba i Ashitaroti n’i Edireyi.  Yaganza umusozi Herumoni n’i Saleka n’i Bashani+ hose, akabandanya no ku rubibe rw’Abageshuri, Abamayakati+ n’igice ca Gileyadi, gushika ku rubibe rw’akarere ka Sihoni umwami wa Heshiboni+.  Musa umusavyi wa Yehova n’Abisirayeli ni bo batsinze abo bami+. Musa umusavyi wa Yehova aca yegurira akarere kabo Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase+.  Aba na bo ni bo bami Yosuwa n’Abisirayeli batsindiye mu burengero bwa Yorodani, kuva i Bayali-Gadi+ mu kiyaya ca Libani+ gushika ku musozi Halaki+ uduga amaja i Seyiri+. Igihugu cabo Yosuwa yaciye acegurira Abisirayeli kugira umuryango wose utorane umugabane wawo+.  Cari kigizwe n’akarere k’imisozi, aka Shefela, aka Araba, imisozi ihanamye, ubugaragwa n’akarere ka Negebu+. Cari igihugu c’Abaheti, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. Abo bami ni aba:   umwami wa Yeriko+, umwami wa Ayi+ iruhande ya Beteli, 10  umwami wa Yeruzalemu, umwami wa Heburoni+, 11  umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi, 12  umwami wa Eguloni, umwami wa Gezeri+, 13  umwami wa Debiri+, umwami wa Gederi, 14  umwami wa Horuma, umwami wa Aradi, 15  umwami wa Libuna+, umwami wa Adulamu, 16  umwami wa Makeda+, umwami wa Beteli+, 17  umwami wa Tapuwa, umwami wa Heferi, 18  umwami wa Afeki, umwami wa Lasharoni, 19  umwami wa Madoni, umwami wa Hazori+, 20  umwami wa Shimuroni-Meroni, umwami wa Akishafu, 21  umwami wa Tanaki, umwami wa Megido, 22  umwami wa Kedeshi, umwami wa Yokineyamu+ i Karumeli, 23  umwami wa Dori mu mirambi y’i Dori+, umwami wa Goyimu i Gilugali, 24  n’umwami wa Tiruza. Bose hamwe bari abami 31.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mwonga.»
Canke «umwonga.»
Ni ikiyaga ca Genesareti, icitwa kandi ikiyaga ca Galilaya.