Yosuwa 12:1-24
12 Aba rero ni bo bami Abisirayeli batsinze mu buseruko bwa Yorodani maze bigarurira ibihugu vyabo kuva ku mubande* wa Arunoni+, kuduga gushika ku musozi Herumoni+, n’akarere kose ka Araba amaja mu buseruko+:
2 uwa mbere ni Sihoni+ umwami w’Abamori. Yaba i Heshiboni, agatwara igisagara ca Aroweri+ cari ku mpera y’umubande* wa Arunoni+. Yatwara n’akarere kava hagati mu mubande wa Arunoni gushika ku mwonga wa Yaboki hamwe n’igice ca Gileyadi. Umwonga wa Yaboki ni wo wari urubibe rw’Abamoni.
3 Yatwara kandi akarere ka Araba gushika ku kiyaga ca Kinereti*+ amaja mu buseruko. Ako karere karabandanya no ku kiyaga co muri Araba ari co kiyaga c’Umunyu, mu buseruko werekeza i Beti-Yeshimoti, kakabandanya n’amaja mu bumanuko munsi y’umusozi Pisiga+.
4 Akandi karere Abisirayeli bigaruriye ni aka Ogi+ umwami wa Bashani. Yari umwe mu masigarira y’Abarefayimu+, akaba yaba i Ashitaroti n’i Edireyi.
5 Yaganza umusozi Herumoni n’i Saleka n’i Bashani+ hose, akabandanya no ku rubibe rw’Abageshuri, Abamayakati+ n’igice ca Gileyadi, gushika ku rubibe rw’akarere ka Sihoni umwami wa Heshiboni+.
6 Musa umusavyi wa Yehova n’Abisirayeli ni bo batsinze abo bami+. Musa umusavyi wa Yehova aca yegurira akarere kabo Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase+.
7 Aba na bo ni bo bami Yosuwa n’Abisirayeli batsindiye mu burengero bwa Yorodani, kuva i Bayali-Gadi+ mu kiyaya ca Libani+ gushika ku musozi Halaki+ uduga amaja i Seyiri+. Igihugu cabo Yosuwa yaciye acegurira Abisirayeli kugira umuryango wose utorane umugabane wawo+.
8 Cari kigizwe n’akarere k’imisozi, aka Shefela, aka Araba, imisozi ihanamye, ubugaragwa n’akarere ka Negebu+. Cari igihugu c’Abaheti, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. Abo bami ni aba:
9 umwami wa Yeriko+, umwami wa Ayi+ iruhande ya Beteli,
10 umwami wa Yeruzalemu, umwami wa Heburoni+,
11 umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi,
12 umwami wa Eguloni, umwami wa Gezeri+,
13 umwami wa Debiri+, umwami wa Gederi,
14 umwami wa Horuma, umwami wa Aradi,
15 umwami wa Libuna+, umwami wa Adulamu,
16 umwami wa Makeda+, umwami wa Beteli+,
17 umwami wa Tapuwa, umwami wa Heferi,
18 umwami wa Afeki, umwami wa Lasharoni,
19 umwami wa Madoni, umwami wa Hazori+,
20 umwami wa Shimuroni-Meroni, umwami wa Akishafu,
21 umwami wa Tanaki, umwami wa Megido,
22 umwami wa Kedeshi, umwami wa Yokineyamu+ i Karumeli,
23 umwami wa Dori mu mirambi y’i Dori+, umwami wa Goyimu i Gilugali,
24 n’umwami wa Tiruza. Bose hamwe bari abami 31.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku mwonga.»
^ Canke «umwonga.»
^ Ni ikiyaga ca Genesareti, icitwa kandi ikiyaga ca Galilaya.