Yosuwa 14:1-15

  • Bagabura akarere mu burengero bwa Yorodani (1-5)

  • Kalebu atorana igisagara ca Heburoni (6-15)

14  Iyi rero ni yo ntoranwa Abisirayeli baronse mu gihugu ca Kanani. Umuherezi Eleyazari na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* ya Isirayeli ni bo babahaye iyo ntoranwa ngo ibegukire+.  Imiryango icenda n’igice yaronse intoranwa yayo biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarabitegetse Musa+.  Ya miryango ibiri n’igice na yo, Musa yari yarayihaye intoranwa yayo hakurya ya Yorodani*+. Mugabo Abalewi ntiyabahaye intoranwa mu miryango y’Abisirayeli+.  Abakomoka kuri Yozefu baharurwa ko ari imiryango ibiri+: uwa Manase n’uwa Efurayimu+. Abalewi nta mugabane baronse, uretse gusa ibisagara+ vyo kubamwo n’amatongo yo kuragiramwo n’amatungo yabo+.  Nuko Abisirayeli bagabura igihugu nk’uko Yehova yari yarabitegetse Musa.  Maze abagabo bo mu muryango wa Yuda baza kuraba Yosuwa i Gilugali+. Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi amubwira ati: «Urazi neza ivyo Yehova yabwiye+ Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+ ku bitwerekeye twe nawe igihe twari i Kadeshi-Baruneya+.  Nari mfise imyaka 40 igihe Musa umusavyi wa Yehova yandungika ndi i Kadeshi-Baruneya ngo nje gusuma urusaku* mu gihugu+, kandi igihe nagaruka nazanye amakuru y’ukuri*+.  Naho benewacu twari twajanye batumye abantu baranduka umutima*, jewe nakurikiye Yehova Imana yanje n’umutima wanje wose*+.  Kuri uwo musi Musa yarandahiye ati: “Igihugu wahonyojemwo ikirenge kizokwama ari intoranwa yawe n’abahungu bawe, kuko wakurikiye Yehova Imana yanje n’umutima wawe wose+.” 10  Imyaka 45 iraheze kuva Yehova abwiye Musa iryo sezerano, igihe Abisirayeli bari bakigendagenda mu bugaragwa+. Muri iyo myaka yose, Yehova yaranzigamye+ nk’uko yabisezeranye+. Raba n’ubu ndacariho, mfise imyaka 85. 11  Ariko ndacakomeye nk’uko nari nkomeye igihe Musa yandungika. Inguvu mfise ubu ni nk’izo nari mfise kiriya gihe, haba ku rugamba canke mu bindi bikorwa. 12  Numpe rero aka karere k’imisozi Yehova yanyemereye urya musi. Naho karimwo bene Anaki+ n’ibisagara bikomeye bikingijwe ibihome+ nk’uko wavyumvise kiriya gihe, ndazi neza* ko Yehova azobana nanje+. Nzobomora nk’uko Yehova yabisezeranye+ 13  Yosuwa aca ahezagira Kalebu mwene Yefune maze amuha Heburoni ngo ibe intoranwa yiwe+. 14  Ni co gituma Heburoni yegukira Kalebu mwene Yefune Umukenizi. Ni intoranwa yiwe gushika n’uyu musi, kuko yakurikiye Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose+. 15  Igisagara ca Heburoni cahora citwa Kiriyati-Aruba+ (Aruba yari we muntu akomeye cane muri bene Anaki). Nuko igihugu kiruhuka intambara+.

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.
Canke «navuze ijambo rihuye n’ibiri mu mutima wanje.»
Canke «gutata.»
Mu giheburayo havuga ngo «batumye imitima y’abantu ishonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «bimwe bishitse» canke «ntiziganya.»
Canke «ndizeye neza.»