Yosuwa 22:1-34

  • Abo mu buseruko bwa Yorodani basubira iwabo (1-8)

  • Bubaka igicaniro hafi ya Yorodani (9-12)

  • Basigura igituma bubatse igicaniro (13-29)

  • Amatati atorerwa umuti (30-34)

22  Maze Yosuwa ahamagara Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase.  Ababwira ati: «Mwarakoze ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse vyose+, kandi nanje mwaranyumviye muragamburuka ivyo nabategetse vyose+.  Iki gihe cose kihaciye ntimwigeze muheba benewanyu gushika n’uyu musi+, kandi mwaragamburutse ibwirizwa rya Yehova Imana yanyu+.  Yehova Imana yanyu yamaze guha amahoro benewanyu, nk’uko nyene yabibasezeraniye+. Ubu murashobora kwisubirira iwanyu*, mu karere Musa umusavyi wa Yehova yabahaye hakurya ya Yorodani*+.  Ariko mwitwararike cane kugamburuka ibwirizwa n’amategeko Musa umusavyi wa Yehova yabahaye+, mu gukunda Yehova Imana yanyu+, mu kwama mugendera mu nzira adusaba gucamwo+, mu kwubahiriza amabwirizwa yiwe+, mu kumugumako+ no mu kumukorera+ n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+  Yosuwa aca arabahezagira hanyuma arabarungika baja iwabo.  Igice c’umuryango wa Manase, Musa yari yaragihaye intoranwa muri Bashani+, ikindi gice na co Yosuwa agiha intoranwa mu burengero bwa Yorodani+ hamwe na benewabo. Igihe rero Yosuwa yabarungika iwabo yarabahezagiye,  ababwira ati: «Nimwisubirire iwanyu, mujane amatungo menshi n’ibitungwa vyinshi cane, n’ifeza n’inzahabu n’ibikozwe mu mujumpu n’ibikozwe mu cuma n’impuzu nyinshi cane+. Nimutware ivyo mwasahuye+ abansi banyu, mubigabure na benewanyu.»  Inyuma y’ivyo, Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bavana n’abandi Bisirayeli. Bava i Shilo mu gihugu ca Kanani, basubira mu karere ka Gileyadi+. Ni ko karere bari barahawe ngo bakabemwo, nk’uko Yehova yabitegetse biciye kuri Musa+. 10  Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bashitse mu karere ka Kanani kari hafi ya Yorodani, baca bubaka igicaniro kinini cane iruhande ya Yorodani. 11  Mu nyuma, abandi Bisirayeli bumva amakuru+ avuga ngo: «Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bubatse igicaniro ku mupaka w’igihugu ca Kanani mu karere kari hafi ya Yorodani, ku ruhande rutwegukira.» 12  Bakivyumva ishengero ryose ry’Abisirayeli rica rikoranira i Shilo+ kugira ngo baje kubatera. 13  Maze Abisirayeli batuma Finehasi+ mwene Eleyazari umuherezi ku Barubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase mu karere ka Gileyadi, 14  ari kumwe n’abakuru cumi. Umukuru wese yaserukira umwe mu migwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, akaba kandi yari umukuru w’umugwi avamwo, mu bantu ibihumbi bo muri Isirayeli+. 15  Bamaze gushika mu karere ka Gileyadi, babwira Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bati: 16  «Ibi ni vyo ishengero ryose rya Yehova rivuze: “Kubera iki mwahemukiye+ Imana ya Isirayeli? Raba uyu musi muteye akagere Yehova. Mwiyubakiye igicaniro, mugarariza Yehova+. 17  Mbega ikosa ry’i Peyori ribaye rito? Honyene gushika n’uyu musi ntiriratuvako naho ishengero rya Yehova ryahanishijwe icago+. 18  None namwe ubu mushaka gutera akagere Yehova? Mugararije Yehova uyu musi, ejo azoca ashavurira ishengero ryose rya Isirayeli+. 19  Nimba na ho mwabikoze kubera ko igihugu mwahawe gihumanye, nimujabuke muze kubana natwe mu gihugu ca Yehova+, ahaba ihema ryeranda* rya Yehova+. Mugabo ntimugararize Yehova mu kwiyubakira igicaniro kandi hasanzwe hariho igicaniro ca Yehova Imana yacu, ngo mutume natwe twitwa abagarariji+. 20  Mbega igihe Akani+ mwene Zera yarenga kw’itegeko Imana yari yatanze ku bijanye n’ibintu vyabwirizwa gutikizwa, Imana ntiyashavuriye ishengero ryose rya Isirayeli+? Kandi si we wenyene yahitanywe n’ikosa ryiwe+.”» 21  Nuko Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bishura ba bakuru baserukira imiryango* ya Isirayeli+ bati: 22  «Imana Nyenububasha Yehova*, Imana Nyenububasha Yehova+ irabizi. Isirayeli na yo nyene irabimenya. Nimba twaragararije Yehova tukamuhemukira, ntadukize uyu musi. 23  Nimba twiyubakiye igicaniro kugira dutere akagere Yehova, no kugira ngo tugitangeko amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’intete n’ibimazi vyo gusangira, Yehova azobiduhanira+. 24  Twacubatse riho kubera iyindi mvo. Twibwiye duti: “Muri kazoza abana banyu bazobwira abana bacu bati: ‘Nta burenganzira mufise bwo gusenga Yehova Imana ya Isirayeli. 25  Yehova yashinze ko uruzi Yorodani ruba urubibe hagati yacu namwe Abarubeni n’Abagadi. Nta burenganzira mufise bwo gusenga Yehova*.’ Abana banyu rero bazobuza abana bacu gusenga* Yehova.” 26  Twaciye tuvuga duti: “Dutegerezwa kugira ico dukoze, twubake igicaniro. Ntikizoba ari ico gutangako amashikanwa aturirwa canke ibimazi. 27  Ahubwo kizoba icabona hagati yacu namwe+ be n’abazodukomokako*. Kizoba icabona yuko tuzokorera Yehova, tukamushikanira amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira be n’ibindi bimazi+, kugira ngo abana banyu ntibaze babwire abana bacu muri kazoza ngo: ‘Nta burenganzira mufise bwo gusenga Yehova.’” 28  Twibwiye rero duti: “Muri kazoza nibatubwira ivyo, twebwe hamwe n’abazodukomokako* tuzoca tubishura duti: ‘Ehe igicaniro ba sokuruza bacu bubatse gisa n’ica Yehova. Si ico gutangako amashikanwa aturirwa canke ibimazi, ahubwo ni icabona hagati yacu namwe.’” 29  Ntitwokwubahuka kugarariza Yehova, ngo dutere akagere Yehova+ uyu musi mu kwubaka igicaniro co gutangako amashikanwa aturirwa, amashikanwa y’intete n’ibimazi, kandi hasanzwe hariho igicaniro ca Yehova Imana yacu kiri imbere y’ihema ryiwe ryeranda+ 30  Umuherezi Finehasi n’abakuru b’ishengero n’abakuru baserukira imiryango* ya Isirayeli bari kumwe na we, bumvise amajambo abakomoka kuri Rubeni, Gadi na Manase bavuze, barabishima+. 31  Nuko Finehasi mwene Eleyazari umuherezi abwira abakomoka kuri Rubeni, Gadi na Manase ati: «Uno musi turamenye ko Yehova ari kumwe natwe, kuko mutakoze ico kintu c’ubuhemu ngo mugararize Yehova. Muratabaye Abisirayeli, Yehova ntakibahanye.» 32  Finehasi mwene Eleyazari umuherezi na ba bakuru baca bava i Gileyadi mu karere k’Abarubeni n’Abagadi, basubira mu gihugu ca Kanani. Bazanira abandi Bisirayeli inkuru y’imvaho. 33  Bishimisha Abisirayeli, baca bashemeza Imana. Ntibongera kuvuga ivyo gutera Abarubeni n’Abagadi ngo bahonye igihugu cabo. 34  Nuko Abarubeni n’Abagadi bita izina ico gicaniro*, kuko bavuze bati: «Ni icabona hagati yacu namwe yuko Yehova ari we Mana y’ukuri.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ku mahema yanyu.»
Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.
Mu giheburayo havuga ngo «ibihumbi.» Ni ukuvuga imigwi y’abantu 1.000.
Canke «Imana nya Mana Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta mugabane mufise kuri Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «amayaruka yacu.»
Mu giheburayo havuga ngo «amayaruka yacu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibihumbi.» Ni ukuvuga imigwi y’abantu 1.000.
Twisunze ibivugwa muri uwo murongo, ico gicaniro bashobora kuba bacise «Icabona.»