Yosuwa 7:1-26

  • Abisirayeli batsindwa i Ayi (1-5)

  • Isengesho rya Yosuwa (6-9)

  • Igicumuro catumye Abisirayeli batsindwa (10-15)

  • Akani afatwa agaterwa amabuye (16-26)

7  Mugabo Abisirayeli barahemuka barenga kw’itegeko Imana yari yabahaye ku bijanye n’ibintu vyabwirizwa gutikizwa, kuko Akani yatwaye ku bintu vyo gutikizwa+. Akani+ yari mwene Karumi, Karumi mwene Zabidi, Zabidi mwene Zera wo mu muryango wa Yuda. Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli+.  Maze Yosuwa arungika abagabo ngo baje mu gisagara ca Ayi+ bavuye i Yeriko. Ico gisagara cari hafi ya Beti-Aveni, kikaba no mu buseruko bwa Beteli+. Ababwira ati: «Nimuduge musume urusaku* muri ako karere.» Nuko nya bagabo baduga gusuma urusaku mu gisagara ca Ayi.  Bagarutse kwa Yosuwa, bamubwira bati: «Ntibikenewe kurungikayo abasoda bose. Abagabo nka 2.000 canke 3.000 bohafata. Ntiwirirwe uraruhisha abasoda bose ubarungikayo, kuko habayo abantu bake.»  Hadugayo rero nk’abagabo 3.000 mugabo baratsindwa, bahunga abagabo b’i Ayi+.  Abagabo b’i Ayi bica abagabo 36 muri bo, barabakurikira kuva kw’irembo ry’igisagara gushika i Shebarimu*, bagenda barabicira ku mumanuko. Abantu ngo bavyumve, baranduka umutima, bacika intege*.  Yosuwa aca yitaburirako impuzu, apfukama imbere y’isandugu ya Yehova arunama mu maso hiwe hashika hasi. Agumaho gushika ku mugoroba ari kumwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli. Baguma bisūrirako umukungugu ku mitwe.  Yosuwa avuga ati: «Ewe Mukama Segaba Yehova, kuki watujabukanye Yorodani? Ni ukugira gusa udutange ku Bamori ngo baduhonye? Iyo dupfuma twigumira hakurya ya Yorodani*.  Urantunga Yehova, mbega mvuge iki ko Isirayeli yahunze* abansi bayo?  Abanyakanani n’abandi bose baba mu gihugu nibavyumva, bazodukikuza baduhonye ku buryo n’izina ryacu rizimangana kw’isi. Uzokora iki none kugira urwanire izina ryawe rihambaye+ 10  Yehova yishura Yosuwa ati: «Haguruka! Kubera iki uguma wunamye hasi? 11  Abisirayeli bacumuye. Barenze isezerano+ nabategetse kwubahiriza. Batwaye ku bintu vyo gutikizwa+. Bavyivye+ baca babinyegeza mu bintu vyabo+. 12  Ku bw’ivyo, Abisirayeli ntibazoshobora gutsinda abansi babo. Bazota bahunge abansi babo, kuko bikwegeye gutikizwa. Sinzosubira kubana namwe mudakuye hagati yanyu ivyari bikwiye gutikizwa+. 13  Haguruka utegure* abantu+, ubabwire uti: “Mwiyeze ku bw’ejo, kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ewe Isirayeli, hari ibintu vyari bigenewe gutikizwa biri hagati yanyu. Ntimuzoshobora gutsinda abansi banyu ivyo bintu mutarabikura hagati yanyu. 14  Muze murenguke mu gitondo, umuryango umwumwe ukwawo. Umuryango Yehova azotora+ uze wegere imbere yiwe, inzu imwimwe ukwayo. Inzu Yehova azotora ize yegere imbere yiwe, urugo rumwerumwe ukwarwo. Urugo Yehova azotora ruze rwegere imbere yiwe, umugabo umwumwe ukwiwe. 15  Uwuzofatanwa ivyo bintu vyo gutikizwa azoca aturirwa+, we hamwe n’ivyiwe vyose, kuko yarenze isezerano+ rya Yehova agakora ikintu c’agaterasoni muri Isirayeli.’”» 16  Nuko Yosuwa avyuka kare mu gitondo, ahamagaza Isirayeli umuryango umwumwe ukwawo, maze umuryango wa Yuda uba ari wo ufatwa. 17  Aca abwira inzu zo mu muryango wa Yuda ngo zegere maze inzu ya bene Zera+ irafatwa. Ubukurikira abwira inzu ya bene Zera ngo yegere, umugabo umwumwe ukwiwe, maze Zabidi arafatwa. 18  Mu kurangiza, abwira urugo rwa Zabidi ngo rwegere, umugabo umwumwe ukwiwe. Maze Akani mwene Karumi, Karumi mwene Zabidi, Zabidi mwene Zera wo mu muryango wa Yuda, aba ari we afatwa+. 19  Yosuwa aca abwira Akani ati: «Mwananje, ndakwinginze uninahaze Yehova Imana ya Isirayeli, umwaturire ico wakoze. Ndagusavye umbwire ivyo wakoze. Ntumpishe.» 20  Akani yishura Yosuwa ati: «Mu vy’ukuri, ni jewe nacumuye kuri Yehova Imana ya Isirayeli. Uku ni ko vyagenze: 21  nabonye mw’isahu impuzu nziza y’agaciro yavuye i Shinari+, na shekeli* 200 z’ifeza na shekeli 50 z’inzahabu. Naciye ndavyipfuza maze ndabitwara. Binyegeje mu kuzimu mw’ihema ryanje. Ifeza n’inzahabu biri munsi* ya nya mpuzu.» 22  Yosuwa aca atuma abantu, banyarukira kuri nya hema, basanga ya mpuzu inyegeje mw’ihema, ifeza n’inzahabu biri munsi yayo. 23  Nuko babikura mw’ihema maze babizanira Yosuwa n’Abisirayeli bose, babishira imbere ya Yehova. 24  Yosuwa n’Abisirayeli bose baca bafata Akani+ mwene Zera, na za feza, ya mpuzu nziza y’agaciro na ya nzahabu+, abahungu biwe n’abakobwa biwe, inka ziwe, indogobwa ziwe n’ibindi bitungwa vyiwe, ihema ryiwe n’ibintu vyiwe vyose, babijana mu kiyaya ca Akori+. 25  Maze Yosuwa avuga ati: «Kubera iki wadukwegeye ivyago*+? Uyu musi nawe Yehova araguteza ivyago.» Abisirayeli bose baca bamutera amabuye+ n’umuryango wiwe, hanyuma barabaturira+. Gutyo bose babicisha amabuye. 26  Baraheza bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kandi kiracariho gushika n’uyu musi. Ishavu rya Yehova rica rirahwama+. Ni co catumye aho hantu hitwa ikiyaya ca Akori* gushika n’uyu musi.

Utujambo tw'epfo

Canke «mutate.»
Iryo zina risobanura ngo «ahantu bimba amabuye (ikariyeri).»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima w’abantu urashonga ucika nk’amazi.»
Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.
Canke «yahindukiye igahunga.»
Mu giheburayo havuga ngo «weze.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «amahera ari munsi.»
Canke «ingorane», «ugukumirwa.»
Iryo zina risobanura ngo «ivyago» canke «ugukumirwa.»