Yoweli 3:1-21

  • Yehova acira imanza amahanga yose (1-17)

    • Ikiyaya ca Yehoshafati (2, 12)

    • Ikiyaya baciramwo imanza (14)

    • Yehova azobera igihome gikomeye Abisirayeli (16)

  • Yehova azohezagira abantu biwe (18-21)

3  «Nkako, muri iyo misi no muri ico gihe,ninagarukana abantu bagizwe imbohe bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+,   nzokwegeraniriza hamwe amahanga yose,ndayamanukane mu kiyaya* ca Yehoshafati*. Aho ni ho nzobacira urubanza+kubera ivyo bakoreye abantu banje n’intoranwa yanje Isirayeli,kuko babashwiragije mu mahanga,baca bagabangana igihugu canje+.   Bagize ubupfindo mu kugabangana abantu banje+,bakagurisha umuhungu kugira barihe umumaraya,n’umukobwa kugira baronke umuvinyu binywera.   Ewe Tiro, Sidoni, namwe turere twose tw’Ubufilisitiya,mweho dupfa iki? Hari ico nabakoreye ku buryo mushaka kunyihora? Nimba muriko muranyihora,ukwihora kwanyu nzogusubiza ku mitwe yanyu ningoga+.   Kuko mwatwaye ifeza zanje n’inzahabu zanje+,mukajana ubutunzi bwanje bw’agaciro mu nsengero zanyu.   Abantu bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu mwabagurishije ku Bagiriki+,kugira mubomore baje kure y’akarere kabo.   Ubu rero ngira ndabagarukane ndabakure iyo mwabagurishije+,maze nsubize ukwihora kwanyu ku mitwe yanyu.   Nzogurisha abahungu banyu n’abakobwa banyu ku bantu bo mu Buyuda+,na bo bazobagurisha ku bantu b’i Sheba, ihanga rya kure cane,kuko jewe Yehova ndabivuze.   Nimutangaze ibi mu mahanga+ muti: “Nimwitegurire* intambara! Hagurutsa abagabo b’intwari! Ingabo zose nizize maze zifate urugendo+! 10  Amasuka* yanyu nimuyacuremwo inkota, imihoro yanyu na yo muyicuremwo amacumu. Umuntu agoyagoya navuge ati: ‘Ndakomeye.’ 11  Yemwe mahanga yo hirya no hino mwese, nimuze mufashanye, mukoranire hamwe+!”» Ewe Yehova, nuzane abanyenkomezi* bawe muri ico kibanza! 12  «Amahanga nahaguruke, aje mu kiyaya* ca Yehoshafati,kuko ari ho nzokwicara kugira ncire urubanza amahanga yo hirya no hino yose+. 13  Nimutore agakero, kuko ivyimburwa vyeze. Nimumanuke mugane* inzabibu, kuko uruganiro rwuzuye+. Amato baganiramwo yasesekaye kuko ibibi vyabo birenze urugero. 14  Amasinzi, emwe amasinzi ari mu kiyaya* baciramwo imanza*,kuko umusi wa Yehova uri hafi+. 15  Izuba n’ukwezi bizohinduka umwiza,kandi n’inyenyeri zizoreka gukayangana. 16  Yehova azoroha ari i Siyoni,asemerere ari i Yeruzalemu. Ijuru n’isi bizonyiganyiga,ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe+,abere igihome gikomeye Abisirayeli. 17  Muzomenya vy’ukuri ko ndi Yehova Imana yanyu, umwe aba i Siyoni, umusozi wanje mweranda+. Yeruzalemu hazocika ahantu heranda+,kandi nta munyamahanga azosubira kuhaca+. 18  Ico gihe imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,imitumba na yo itembe amata,kandi imigezi yose yo mu Buyuda izotemba amazi. Iriba rizotemba rivuye mu nzu ya Yehova+,rivomere umubande* w’ibiti vy’iminyinya. 19  Ariko Misiri izosigara ari umusaka+,Edomu icike agahinga kahebwe+,kubera ikibi bakoreye abantu bo mu Buyuda+,kandi bagasesa amaraso y’abantu b’intungane mu gihugu cabo+. 20  Ariko abantu bazokwama baba mu Buyudacokimwe n’i Yeruzalemu, uko urunganwe* ruzokurikira urundi+. 21  Nzobafata ko ari intungane* naho ntahora ndabafata gutyo+,kandi jewe Yehova nzoba i Siyoni+

Utujambo tw'epfo

Canke «mu mwonga.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni umucamanza.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Canke «amasuka arimishwa n’inka.»
Canke «abarwanyi.»
Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «muganishe ibirenge.»
Canke «mu mwonga.»
Canke «bafatiramwo ingingo.»
Canke «umwonga.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaraso yabo nzoyafata ko ari ay’intungane.»