Zakariya 10:1-12

  • Nimusabe imvura Yehova, aho kuyisaba ibigirwamana (1, 2)

  • Yehova akoraniriza hamwe abantu biwe (3-12)

    • Umukuru ava mu Buyuda (3, 4)

10  «Nimusabe Yehova imvura mu gihe c’imvura y’impeshi. Yehova ni we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi,agaha abantu imvura+,umwe wese akamuha ibimera mu murima.   Kuko ibigirwamana vy’umuryango* vyavuze ibintu vy’ububeshi*,n’abaraguzi berekwa ibinyoma. Bigana indoto ata co zimaze,bakagerageza guhoza abantu, ntihagire ikivamwo. Ni co gituma bazokwangara nk’intama, bazomererwa nabi kuko ata mwungere ariho.   Mfitiye abungere ishavu rirurumba,kandi nzogira ico mbaza indongozi zicinyiza abandi*,kuko Yehova Nyeningabo yitayeho ubusho bwiwe+, ni ukuvuga abo mu Buyuda.Yabagize nk’ifarasi yiwe y’icubahiro iri mu rugamba.   Mu Buyuda ni ho hava umukuru*,ni ho hava umutegetsi abushigikira*,ni ho hava umuheto w’urugamba,ni na ho hava abahagarikizi* bose. Abo bose ni ho bava.   Bazoba nk’abarwanyibahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba. Bazorwana intambara kuko Yehova ari kumwe na bo+.Abagendera ku mafarasi bazomaramara+.   Nzotuma abo mu Buyuda bakomera kuruta abandi,nkize abakomoka kuri Yozefu+. Nzobagarukanakuko nzobagirira imbabazi+.Bazomera nk’aho ntigeze ndabata+,kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura.   Abo muri Efurayimu bazoba nk’umurwanyi w’intwari,umutima wabo unezerwe nk’umuntu yanyoye umuvinyu+. Abana babo bazobibona banezerwe.Umutima wabo uzonezerwa kubera jewe Yehova+.   “Nzobahamagaza agahwa ndabakoranirize hamwe.Nzobacungura+ bagwire,bagume bagwira.   Naho ndabasanzariza mu mahanga nk’imbuto,bazonyibuka bari mu turere twa kure.Bo n’abana babo bazogarura agatege maze bagaruke. 10  Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri,ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri+.Nzobazana mu gihugu ca Gileyadi+ n’i Libani,babure n’aho bakwirwa+. 11  Nzoca mu kiyaga kigire amarushwa,nkubite imipfunda yo mu kiyaga+.Amazi yose ya Nili nzoyakamya gushika hasi epfo. Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi,agakoni k’ubwami ka Misiri kaveho+. 12  Jewe Yehova nzotuma bakomera kuruta abandi+,kandi bazogendera mw’izina ryanje+”, ni ko Yehova avuze.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «vy’amageza», «bisiga ubwenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «ico mbaza amasuguru y’impene.»
Mu giheburayo havuga ngo «umunara wo mu mfuruka.» Bigereranya umuntu akomeye canke ahambaye, w’umutegetsi.
Mu giheburayo havuga ngo «urumambo.» Bigereranya umuntu ashigikira abandi canke umutware.
Canke «abakoresha abandi ibikorwa.»