Zakariya 10:1-12
10 «Nimusabe Yehova imvura mu gihe c’imvura y’impeshi.
Yehova ni we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi,agaha abantu imvura+,umwe wese akamuha ibimera mu murima.
2 Kuko ibigirwamana vy’umuryango* vyavuze ibintu vy’ububeshi*,n’abaraguzi berekwa ibinyoma.
Bigana indoto ata co zimaze,bakagerageza guhoza abantu, ntihagire ikivamwo.
Ni co gituma bazokwangara nk’intama,
bazomererwa nabi kuko ata mwungere ariho.
3 Mfitiye abungere ishavu rirurumba,kandi nzogira ico mbaza indongozi zicinyiza abandi*,kuko Yehova Nyeningabo yitayeho ubusho bwiwe+, ni ukuvuga abo mu Buyuda.Yabagize nk’ifarasi yiwe y’icubahiro iri mu rugamba.
4 Mu Buyuda ni ho hava umukuru*,ni ho hava umutegetsi abushigikira*,ni ho hava umuheto w’urugamba,ni na ho hava abahagarikizi* bose. Abo bose ni ho bava.
5 Bazoba nk’abarwanyibahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba.
Bazorwana intambara kuko Yehova ari kumwe na bo+.Abagendera ku mafarasi bazomaramara+.
6 Nzotuma abo mu Buyuda bakomera kuruta abandi,nkize abakomoka kuri Yozefu+.
Nzobagarukanakuko nzobagirira imbabazi+.Bazomera nk’aho ntigeze ndabata+,kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura.
7 Abo muri Efurayimu bazoba nk’umurwanyi w’intwari,umutima wabo unezerwe nk’umuntu yanyoye umuvinyu+.
Abana babo bazobibona banezerwe.Umutima wabo uzonezerwa kubera jewe Yehova+.
8 “Nzobahamagaza agahwa ndabakoranirize hamwe.Nzobacungura+ bagwire,bagume bagwira.
9 Naho ndabasanzariza mu mahanga nk’imbuto,bazonyibuka bari mu turere twa kure.Bo n’abana babo bazogarura agatege maze bagaruke.
10 Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri,ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri+.Nzobazana mu gihugu ca Gileyadi+ n’i Libani,babure n’aho bakwirwa+.
11 Nzoca mu kiyaga kigire amarushwa,nkubite imipfunda yo mu kiyaga+.Amazi yose ya Nili nzoyakamya gushika hasi epfo.
Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi,agakoni k’ubwami ka Misiri kaveho+.
12 Jewe Yehova nzotuma bakomera kuruta abandi+,kandi bazogendera mw’izina ryanje+”, ni ko Yehova avuze.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
^ Canke «vy’amageza», «bisiga ubwenge.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ico mbaza amasuguru y’impene.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umunara wo mu mfuruka.» Bigereranya umuntu akomeye canke ahambaye, w’umutegetsi.
^ Mu giheburayo havuga ngo «urumambo.» Bigereranya umuntu ashigikira abandi canke umutware.
^ Canke «abakoresha abandi ibikorwa.»