Zakariya 13:1-9

  • Ibigirwamana n’abahanuzi b’ibinyoma bizokurwaho (1-6)

    • Abahanuzi b’ibinyoma bazomaramara (4-6)

  • Umwungere azokubitwa (7-9)

    • Abagize ica gatatu bazotyororwa (9)

13  Kuri uwo musi, umuryango* wa Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba kugira bozwe igicumuro n’ubuhumane+.  Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzokuraho amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa. Igihugu nzogikuramwo abahanuzi+ n’impwemu y’ubuhumane.  Nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye bazomubwira bati: “Ntugenda udapfuye kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.” Maze se na nyina bamuvyaye bazomusogota kubera ko yavuze ubuhanuzi+.  Kuri uwo musi abahanuzi bose bazomaramazwa n’ivyo beretswe igihe bazoba bariko baravuga ubuhanuzi. Ntibazokwambara impuzu y’ubwoya+ y’abahanuzi kugira bahende abantu.  Umwe wese muri bo azovuga ati: “Sindi umuhanuzi. Ndi umwirimizi. Hari umuntu yanguze nkiri muto.”  Nihagira uwumubaza ngo: “None ko ufise ibikomere hagati y’ibitugu*?” Azokwishura ati: “Nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje*.”»   Yehova Nyeningabo avuze ati: «Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+,urwanye umugenzi wanje. Kubita umwungere+, ubusho* busabagire+.Nzoduza ukuboko mpane abantu batoyi.»   «Mu gihugu cose», ni ko Yehova avuze,«ibice bibiri vy’abakibamwo bazorandurwa bahone*,hasigare ica gatatu cabo.   Abo bagize ica gatatu nzobacisha mu muriro.Nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza,ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+. Bazokwambaza izina ryanje,nanje ndabishure. Nzovuga nti: “Ni abantu banje+”, na bo bavuge bati: “Yehova ni Imana yacu.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’amaboko.» Ni ukuvuga mu gikiriza canke mu mugongo.
Canke «abankunda.»
Canke «intama.»
Canke «bapfe.»