Zakariya 4:1-14

  • Iyerekwa rya 5: Ico baterekako amatara. Ibiti bibiri vy’imyelayo (1-14)

    • «Ntibizoba kubera ububasha, bizoba kubera impwemu yanje» (6)

    • Ntimugaye ibikorwa bitobito bikorwa mu misi y’intango (10)

4  Wa mumarayika yariko avugana nanje aragaruka arankangura, nka kurya bakangura umuntu mw’itiro.  Nuko ambwira ati: «Ubona iki?» Nanje nti: «Mbona ico baterekako amatara, cose gikozwe mu nzahabu+, hejuru yaco hakaba hari ibakure. Kiriko n’amatara indwi+, emwe indwi, kandi ayo matara ari hejuru yaco afise imiringoti indwi.  Iruhande yaco hari ibiti bibiri vy’imyelayo*+, kimwe iburyo bw’iyo bakure, ikindi ibubamfu.»  Maze mbaza uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: «Ibi bisobanura iki ga mukama wanje?»  Uwo mumarayika yariko avugana nanje ambaza rero ati: «Ntuzi ico ivyo bisobanura?» Nanje nti: «Oya, mukama wanje.»  Aca ambwira ati: «Yehova abwiye Zerubabeli ati: “‘Ntibizoba kubera inguvu za gisirikare canke kubera ububasha+, ahubwo bizoba kubera impwemu yanje+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.  Uri iki ga wa musozi munini? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba ikiyaya*+. Azozana ibuye ryo hejuru rihereza*, hariko havuzwa impundu ngo: ‘Ewe kuntu ari ryiza! Ewe kuntu ari ryiza!’”»  Yehova yongera kumbwira ati:  «Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashinze umushinge w’iyi nzu+, kandi ni yo azoyisozera+. Muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yabantumyeko. 10  Ni nde yagaye ibikorwa bitobito bikorwa mu misi y’intango*+? Bazonezerwa bongere babone inivo* mu kuboko kwa Zerubabeli. Ayo* indwi ni amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose+ 11  Nca ndamubaza nti: «Birya biti vy’imyelayo bibiri biri iburyo n’ibubamfu bwa kirya baterekako amatara+, bisobanura iki?» 12  Nongera kumubaza nti: «Turya dushami* tubiri tw’ibiti vy’imyelayo tuvamwo amazi asa n’inzahabu aca muri irya miringoti ibiri y’inzahabu, twotwo dusobanura iki?» 13  Nuko ambaza ati: «Ntuzi ico ivyo bisobanura?» Nishura nti: «Oya, mukama wanje.» 14  Avuga ati: «Turya ni bamwe babiri Imana yatoye*, bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose+

Utujambo tw'epfo

Ivyo biti vyama imyelayo (olive).
Canke «akarere gashashe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ryo ku mutwe.»
Canke «ni nde yagaye umusi w’ibintu bitobito?»
Canke «karisho.» Mu giheburayo havuga ngo «ibuye», «ubutare bw’ibati.» Karisho wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
Ashobora kuba ari amatara canke amaso.
Ni ukuvuga udushami turiko ivyamwa.
Canke «yarobanuje amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).