Zakariya 7:1-14

  • Yehova ariyamiriza ukwisonzesha kw’ikinyoma (1-14)

    • «Vy’ukuri mwisonzesha kugira munezereze?» (5)

    • «Mukoreshe ubutungane, mugiriranire ubuntu n’imbabazi» (9)

7  Mu mwaka ugira kane umwami Dariyo aganza, Yehova avugana na Zakariya+ ku musi ugira kane w’ukwezi kugira icenda kwitwa Kisilevu*.  Abantu b’i Beteli barungika Shareseri na Regemu-Meleki n’abantu biwe kugira batakambire Yehova,  babwire abaherezi bo mu nzu* ya Yehova Nyeningabo n’abahanuzi bati: «Mbega tuzorire mu kwezi kugira gatanu+, twiyime n’ibifungurwa, nk’uko tumaze imyaka myinshi tubigira*  Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati:  «Bwira abanyagihugu bose n’abaherezi uti: “Hamwe mwahora mwisonzesha mwongera muboroga mu kwezi kugira gatanu no mu kugira indwi+, mukabigira mu myaka 70+, mbega vy’ukuri mwisonzesha kugira munezereze?  Hamwe mwahora murya mwongera munywa, mbega ntimwabigira kugira gusa mwinezereze?  Mbega ntimwari mukwiye kugamburuka ivyo Yehova yavuze biciye ku bahanuzi ba kera+? Ico gihe abantu bari bakiri i Yeruzalemu no mu bisagara bihakikuje kandi hari amahoro. Ico gihe kandi abantu bari bakiba i Negebu no mu karere ka Shefela.”»  Yehova yongera kubwira Zakariya ati:  «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Nimuce imanza mukoresheje ubutungane nyakuri+ kandi mugiriranire ubuntu*+ n’imbabazi. 10  Ntimuzurume* umupfakazi canke impfuvyi*+, umunyamahanga+ canke umukene+, kandi ntimutegure mu mitima yanyu imigambi yo kugiriranira nabi+.” 11  Mugabo bagumye banka kwumviriza+, bantera ibitugu n’akagagazo+, bariziba amatwi ngo ntibumve+. 12  Bakomantaje umutima wabo nka diyama*+, banka kugamburuka amategeko* n’amajambo Yehova Nyeningabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe, biciye ku bahanuzi ba kera+. Vyatumye Yehova Nyeningabo ashavura cane+ 13  «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Kurya nabahamagaye* ntibumvirize+, ni ko na bo bahamagaye sinumvirize+. 14  Narabasanzaje mu mahanga yose batamenye+ nkoresheje igihuhusi, igihugu gisigara ari umusaka bamaze kukivamwo. Nta n’umwe yagicamwo canke yakigarukamwo+. Ivyo vyabaye kubera igihugu ciza bari bakigize akajoreza.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «mu rusengero.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzorire . . . niyime . . . maze . . . ndabigira.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «umwana atagira se.»
Canke «ntimwibe», «ntimugunge.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’ibuye rigumye.»
Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «yabahamagaye.»