Zakariya 8:1-23
8 Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati:
2 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Nzorwanira Siyoni n’umwete mwinshi+. Nzoharwanira ndabigiranye umwete, mfise uburake bwinshi.”»
3 «Yehova avuze ati: “Nzogaruka i Siyoni+ mbe i Yeruzalemu+. Yeruzalemu izokwitwa igisagara kirangwa n’ukuri*+, umusozi wa Yehova Nyeningabo na wo witwe umusozi mweranda+.”»
4 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abatama n’abatamakazi bazosubira kwicara mu bibanza rusangi vy’i Yeruzalemu, umwe wese yishimikije inkoni kubera imyaka myinshi*+.
5 Kandi ibibanza rusangi vy’ico gisagara bizokwuzura abahungu n’abakobwa babikiniramwo+.”»
6 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Naho ico gihe abazoba basigaye muri aba bantu bazobona umenga ntibishoboka, ugira ngo no kuri jewe bizoba bidashoboka?”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.»
7 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ngira nkize abantu banje ndabakure mu bihugu vyo mu buseruko no mu burengero*+.
8 Nzobazana babe i Yeruzalemu+. Bazoba abantu banje, nanje ndababere Imana+ irangwa n’ukuri* be n’ubugororotsi.”»
9 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Amaboko yanyu nakomere*+, mwebwe ubu mwumva amajambo ava mu kanwa k’abahanuzi+, ya majambo nyene yavugwa umusi hashingwa umushinge w’inzu ya Yehova Nyeningabo kugira ngo urusengero rwubakwe.
10 Kuko imbere y’aho ata muntu canke igitungwa vyaronka impembo+. Uruja n’uruza rwarimwo akaga kubera umwansi, kuko umwe wese namushuhurira kuri mugenziwe.”
11 “Ariko ubu abasigaye muri aba bantu sinzobagirira nk’uko nagize kera+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
12 “Hazobibwa imbuto y’amahoro. Umuzabibu uzokwama ivyamwa, isi yimbuke+ n’ijuru ritange urume. Nzotuma abasigaye muri aba bantu batorana ivyo bintu vyose+.
13 Yemwe abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli, naho mwabaye umuvumo mu mahanga+, nzobakiza mucike umuhezagiro+. Ntimutinye+. Amaboko yanyu nakomere*+.”
14 Yehova Nyeningabo avuze ati: “‘Nk’uko nari niyemeje kubateza ivyago kubera ba sogokuruza banyu banshavuza kandi nkabigira*+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze,
15 ‘ni ko n’ubu niyemeje gukorera iciza ab’i Yeruzalemu no mu Buyuda+. Ntimutinye+.’”
16 “Ibi ni vyo mukwiye gukora: muvugane ukuri+ kandi mu marembo y’ibisagara vyanyu muce imanza ziremesha ukuri n’amahoro+.
17 Ntimutegure mu mitima yanyu umugambi wo kugiriranira nabi+, kandi ntimukunde indahiro z’ikinyoma+, kuko ivyo vyose ndavyanka+”, ni ko Yehova avuze.»
18 Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati:
19 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira kane+, ukwo mu kwezi kugira gatanu+, ukwo mu kwezi kugira indwi+ n’ukwo mu kwezi kugira cumi+, kuzoba ari akaryo ko kwigina no kunezerwa+ ku baba mu Buyuda, imisi mikuru y’umunezero. Nimukunde rero ukuri n’amahoro.”
20 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abantu bo mu mahanga atandukanye n’ababa mu bisagara vyinshi bazoza ata kabuza.
21 Ababa mu gisagara kimwe bazoja ku baba mu kindi, bavuge bati: ‘Tabaranya tuje gutakambira Yehova no kurondera Yehova Nyeningabo. Natwe tuzogenda+.’
22 Abantu benshi n’amahanga akomeye bazoza i Yeruzalemu kurondera Yehova Nyeningabo+, baze no gutakambira Yehova.”
23 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga+ bazofata ikanzu* y’Umuyuda*, emwe bazoyifata bayigumye bavuge bati: ‘Dushaka kujana namwe+, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe+.’”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubwizigirwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»
^ Canke «mu gihugu c’i burasirazuba n’ic’i burengerazuba.»
^ Canke «ubwizigirwa.»
^ Canke «nimugire umutima rugabo.»
^ Canke «nimugire umutima rugabo.»
^ Canke «sinicuze.»
^ Canke «igice co ku mpera c’impuzu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umugabo w’Umuyuda.»