Zakariya 8:1-23

  • Yehova aha Siyoni amahoro n’ukuri (1-23)

    • Yeruzalemu, «igisagara kirangwa n’ukuri» (3)

    • «Nimuvugane ukuri» (16)

    • Ukwisonzesha kuzohinduka umusi mukuru (18, 19)

    • «Tabaranya tuje kurondera Yehova» (21)

    • Abantu cumi bafata ikanzu y’Umuyuda (23)

8  Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati:  «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Nzorwanira Siyoni n’umwete mwinshi+. Nzoharwanira ndabigiranye umwete, mfise uburake bwinshi.”»  «Yehova avuze ati: “Nzogaruka i Siyoni+ mbe i Yeruzalemu+. Yeruzalemu izokwitwa igisagara kirangwa n’ukuri*+, umusozi wa Yehova Nyeningabo na wo witwe umusozi mweranda+.”»  «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abatama n’abatamakazi bazosubira kwicara mu bibanza rusangi vy’i Yeruzalemu, umwe wese yishimikije inkoni kubera imyaka myinshi*+.  Kandi ibibanza rusangi vy’ico gisagara bizokwuzura abahungu n’abakobwa babikiniramwo+.”»  «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Naho ico gihe abazoba basigaye muri aba bantu bazobona umenga ntibishoboka, ugira ngo no kuri jewe bizoba bidashoboka?”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.»  «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ngira nkize abantu banje ndabakure mu bihugu vyo mu buseruko no mu burengero*+.  Nzobazana babe i Yeruzalemu+. Bazoba abantu banje, nanje ndababere Imana+ irangwa n’ukuri* be n’ubugororotsi.”»  «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Amaboko yanyu nakomere*+, mwebwe ubu mwumva amajambo ava mu kanwa k’abahanuzi+, ya majambo nyene yavugwa umusi hashingwa umushinge w’inzu ya Yehova Nyeningabo kugira ngo urusengero rwubakwe. 10  Kuko imbere y’aho ata muntu canke igitungwa vyaronka impembo+. Uruja n’uruza rwarimwo akaga kubera umwansi, kuko umwe wese namushuhurira kuri mugenziwe.” 11  “Ariko ubu abasigaye muri aba bantu sinzobagirira nk’uko nagize kera+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 12  “Hazobibwa imbuto y’amahoro. Umuzabibu uzokwama ivyamwa, isi yimbuke+ n’ijuru ritange urume. Nzotuma abasigaye muri aba bantu batorana ivyo bintu vyose+. 13  Yemwe abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli, naho mwabaye umuvumo mu mahanga+, nzobakiza mucike umuhezagiro+. Ntimutinye+. Amaboko yanyu nakomere*+.” 14  Yehova Nyeningabo avuze ati: “‘Nk’uko nari niyemeje kubateza ivyago kubera ba sogokuruza banyu banshavuza kandi nkabigira*+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze, 15  ‘ni ko n’ubu niyemeje gukorera iciza ab’i Yeruzalemu no mu Buyuda+. Ntimutinye+.’” 16  “Ibi ni vyo mukwiye gukora: muvugane ukuri+ kandi mu marembo y’ibisagara vyanyu muce imanza ziremesha ukuri n’amahoro+. 17  Ntimutegure mu mitima yanyu umugambi wo kugiriranira nabi+, kandi ntimukunde indahiro z’ikinyoma+, kuko ivyo vyose ndavyanka+”, ni ko Yehova avuze.» 18  Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati: 19  «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira kane+, ukwo mu kwezi kugira gatanu+, ukwo mu kwezi kugira indwi+ n’ukwo mu kwezi kugira cumi+, kuzoba ari akaryo ko kwigina no kunezerwa+ ku baba mu Buyuda, imisi mikuru y’umunezero. Nimukunde rero ukuri n’amahoro.” 20  Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abantu bo mu mahanga atandukanye n’ababa mu bisagara vyinshi bazoza ata kabuza. 21  Ababa mu gisagara kimwe bazoja ku baba mu kindi, bavuge bati: ‘Tabaranya tuje gutakambira Yehova no kurondera Yehova Nyeningabo. Natwe tuzogenda+.’ 22  Abantu benshi n’amahanga akomeye bazoza i Yeruzalemu kurondera Yehova Nyeningabo+, baze no gutakambira Yehova.” 23  Yehova Nyeningabo avuze ati: “Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga+ bazofata ikanzu* y’Umuyuda*, emwe bazoyifata bayigumye bavuge bati: ‘Dushaka kujana namwe+, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe+.’”»

Utujambo tw'epfo

Canke «ubwizigirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»
Canke «mu gihugu c’i burasirazuba n’ic’i burengerazuba.»
Canke «ubwizigirwa.»
Canke «nimugire umutima rugabo.»
Canke «nimugire umutima rugabo.»
Canke «sinicuze.»
Canke «igice co ku mpera c’impuzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «umugabo w’Umuyuda.»