Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE URWO RUGAMBA RUZORANGIRA

Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi”

Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana “hazobaho amahoro menshi”

Vuba bwa Bwami bw’Imana tumaze igihe turindiriye, ni ukuvuga intwaro yashinzwe n’Imana izoba iganza isi yose, bugiye kuzana ubumwe n’amahoro kuri bose. Muri Zaburi 72:7 hasezerana ko “hazobaho amahoro menshi.” None ubwo Bwami buzotangura kuganza isi yose ryari? Buzobigenza gute? Kandi wokwungukira gute ku ntwaro yabwo?

UBWAMI BW’IMANA BUZOZA RYARI?

Bibiliya yari yaravuze ibintu bidasanzwe vyokwerekanye ko Ubwami bw’Imana buri hafi. Ivyo bintu bigize “ikimenyetso” kigizwe n’ibintu vyinshi. Muri ivyo harimwo intambara zobaye hirya no hino kw’isi, amapfa, indwara, vya nyamugigima, hamwe n’ukwongerekana kw’ubugarariji.​—Matayo 24:3, 7, 12; Luka 21:11; Ivyahishuwe 6:2-8.

Bibiliya yari yaravuze n’ibindi bintu vyobaye. Igira iti: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, . . . abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” (2 Timoteyo 3:1-4) Kuva kera hamye hari abantu bafise izo ngeso ku rugero kanaka. Ariko ubu ibintu vyarunyutse.

Ivyo bintu Bibiliya yari yaravuze vyatanguye kuranguka mu mwaka wa 1914. Nkako, abatohozakahise, abategetsi n’abanditsi baravuze ingene isi yahindutse cane inyuma y’uwo mwaka. Nk’akarorero, umutohozakahise wo muri Danemarke yitwa Peter Munch yanditse ati: “Intambara yadutse mu 1914 yarahinduye bimwe bidasanzwe kahise k’abantu. Twavuye mu kiringo ciza cane c’amaterambere, . . . duca twinjira mu gihe c’ivyago, ubwoba n’urwanko, igihe kirangwa n’umutekano muke mu mice yose.”

Ku rundi ruhande, ivyo bintu naho bibabaje ni integuza y’ivyiza. Vyerekana ko Ubwami bw’Imana bugiye kuganza isi yose. Nkako, muri ca kimenyetso cerekana ko iherezo ryegereje, Yezu yaravuzemwo ikintu ciza cobaye. Yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—Matayo 24:14.

Iyo nkuru nziza ni yo shimikiro ry’ubutumwa Ivyabona vya Yehova bigisha. Mbere ikinyamakuru basohora cane citwa Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova. Wama umenyesha ibintu vyiza igitangaza Ubwami bw’Imana buzokorera abantu hamwe n’isi.

UBWAMI BW’IMANA BUZOTANGURA KUGANZA ISI GUTE?

Inyishu ishingiye kuri ibi bintu bine bihambaye:

  1. Ubwo Bwami ntibuzokoresha indongozi mu vya politike z’iki gihe canke ngo buserukirwe na zo.

  2. Kubera ko indongozi mu vya politike zizoba zishaka kuguma ku butegetsi, zizogerageza kurwanya Ubwami bw’Imana.​—Zaburi 2:2-9.

  3. Bizoba ngombwa ko Ubwami bw’Imana bukuraho intwaro zose zishaka kuguma ziganza abantu. (Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 19:17-21) Iyo ntambara ya nyuma izoba ikwiye kw’isi yose yitwa Harumagedoni.​—Ivyahishuwe 16:14, 16.

  4. Abo bose bayoboka Ubwami bw’Imana n’umutima ukunze bazorokoka iyo ntambara ya Harumagedoni, binjire mw’isi nshasha y’amahoro. Bazoba bari mu mugwi w’abo Bibiliya yita “isinzi rinini,” bakaba baharurwa mu mamiliyoni.​—Ivyahishuwe 7:9, 10, 13, 14.

WOKWUNGUKIRA GUTE KU NTWARO Y’UBWAMI BW’IMANA?

Ikintu ca mbere umuntu yokora kugira abe umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, ni ukwiga Bibiliya. Nakare, Yezu yasenze Imana avuga ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Igihe abantu bamenye ko Yehova ari Imana ibaho, baravyungukirako mu buryo bwinshi. Raba uburorero bubiri gusa. Ubwa mbere, biratuma barushiriza kumwizera. Ukwo kwizera gushingiye ku bimenyamenya kurabereka neza ko Ubwami bw’Imana bubaho koko kandi ko buri hafi kuganza. (Abaheburayo 11:1) Ubwa kabiri, biratuma barushiriza gukunda Imana n’abantu. Urukundo bakunda Imana rutuma bayigamburukira n’umutima ukunze. Urukundo bakunda abandi na rwo ruratuma bashira mu ngiro amajambo ya Yezu agira ati: “Uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.”​—Luka 6:31.

Cokimwe n’umuvyeyi munyarukundo, Umuremyi wacu atwipfuriza ineza. Ashaka ko turonka ico Bibiliya yita “ubuzima nyakuri.” (1 Timoteyo 6:19) Ariko muri iki gihe, nta “buzima nyakuri” dufise. Abantu amamiliyoni babayeho mu buzima bugoye, kandi kugira baronke icorirenza ni urugamba rukomeye. Kugira umenye ingene ubwo “buzima nyakuri” buzoba bumeze, raba bimwebimwe mu bintu vyiza igitangaza Ubwami bw’Imana buzokorera abo butwara.

Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana abantu bazoba bafise umutekano be n’imfungurwa nyinshi