Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imico myiza irashobora kwerekeza umwana wawe mu nzira nziza, nka kurya kw’akuma kerekana amerekero y’isi

ABAVYEYI

7: Imico myiza

7: Imico myiza

ICO BISOBANURA

Imico igizwe n’ibintu umuntu ahitamwo kubaho yisunga mu buzima. Nk’akarorero, woba wihatira kuvugisha ukuri mu bintu vyose? Nimba ari ukwo umeze, birashoboka ko wipfuza ko n’abana bawe bamera gutyo nyene.

Mu mico myiza harimwo n’inyifato ibereye. Nk’akarorero, umuntu afise inyifato ibereye ni umunyabikorwa, ntarenganya, kandi aritwararika abandi. Ivyo ni ibintu umuntu akwiye kwiga kuva akiri muto.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—Imigani 22:6.

IGITUMA BIHAMBAYE

Muri iki gihe c’ubuhinga bwa none, imico myiza irakenewe cane. Inabibondo umwe yitwa Karyn avuga ati: “Inyosha mbi umuntu ashobora kuzisanga mu twuma ngendanwa utwo ari two twose no ku mwanya uwo ari wo wose. Urashobora kuba wicaranye n’abana bawe ariko ntikibuze ko baraba ibintu biteye isoni.”

ICO BIBILIYA IVUGA: “Abantu bahumuye . . . ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Abaheburayo 5:14.

Indero runtu na yo nyene irahambaye. Mu ndero runtu harimwo gukoresha amajambo y’urupfasoni nka “ndakwinginze” canke “urakoze.” Harimwo no kwitwararika abandi, ico kikaba ari ikintu gisigaye ari imbonekarimwe, kuko abantu basa n’abitwararika cane ibintu kuruta abantu.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.”​—Luka 6:31.

ICO WOKORA

Babwire inyifato ubitezeko. Nk’akarorero, abashakashatsi bavuga ko abana b’imiyabaga bashobora kwirinda imibonano mpuzabitsina igihe baba barigishijwe ko iyo ngeso ari mbi.

ICOGUFASHA: Fatira ku kintu giherutse gushika maze muganire ku bijanye n’inyifato runtu. Nk’akarorero, nimba ibimenyeshamakuru bivuze ikintu c’ububisha cabaye, woshobora kuvuga uti: “Birababaje kubona ingene abantu bakorera abandi ivy’ubunyamaswa. Wibaza ko ivyo biva ku ki?”

“Igihe abana batigishijwe iciza n’ikibi birabagora cane kubitandukanya.”​—Brandon.

Bigishe indero runtu. N’abana bakiri bato cane barashobora kumenyerezwa kuvuga ngo “ndakwinginze” canke ngo “urakoze,” bakiga no kwitwararika abandi. Igitabu kimwe kivuga giti: “Iyo abana babona ko bari mu mugwi w’abandi bantu, nk’abagize umuryango, abo bigana, hamwe n’abo mu kibano, biratuma batiyumvira ineza yabo gusa mugabo biyumvira n’iy’abandi.”

ICOGUFASHA: Nuze urashinga abana bawe udukorwa tw’imuhira, gutyo ubamenyereze gukorera abandi.

“Abana bacu nibamenyera udukorwa tw’imuhira, ntibizobagora igihe tutazoba turi kumwe, kuko bazoba bakuze bakunda ibikorwa.”​—Tara.