Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibindi vyofasha abavyeyi

Ibindi vyofasha abavyeyi

Nk’uko wabibonye, impanuro zatanzwe muri iki kinyamakuru zishingiye kuri Bibiliya. Bibiliya irimwo impanuro nziza cane zofasha umwe wese mu bagize umuryango kubaho neza. Izo mpanuro ziratuma umuntu arushiriza kubona kure kandi agafata ingingo zibereye.​—Imigani 1:1-4.

BIBILIYA IRISHURA KANDI IBIBAZO NKORAMUTIMA NK’IBI:

Tukuremesheje kwitohoreza ivyo Bibiliya ivuga kugira ngo uronke inyishu z’ivyo bibazo be n’ibindi. Raba ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Ja kuri jw.org.