Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOFASHA ABATUNTUYE

Intuntu yo kubura uwawe

Intuntu yo kubura uwawe

“Twe na Sophia a twari tumaze imyaka irenga 39 twubakanye igihe yahitanwa n’indwara yari amaranye igihe kirekire. Abagenzi baramfashije cane, kandi nanje nama mfise vyinshi nkora. Ariko namaze umwaka wose mfise intuntu idasanzwe. Ivyanje vyaguma bihindagurika. Vyarashika nkagira intuntu nyinshi ahandi na ho igacureha. Mbere n’ubu naho haheze imyaka nk’itatu apfuye birashika nkumva intuntu, kandi akenshi bikaza giturumbuka.”​—Kostas.

Woba umaze kubura uwawe? Nimba vyaragushikiye, Kostas uramutahura neza. Nta coza gitera intuntu canke kivuna umutima kuruta kubura uwo mwubakanye, incuti, canke umugenzi wikundira. N’abahinga biga ibijanye n’intuntu iterwa n’ukubura, baravyemeza. Ikiganiro kimwe co mu kinyamakuru co muri Amerika kivuga ivy’indwara zo mu mutwe, kivuga ko kubura uwawe ari co cago gitera intuntu idasanzwe kuruta, kuko abenshi babona ko iyo babuze uwabo biba biheze. Intuntu nk’iyo iratuma uwabuze uwiwe yibaza ati: ‘Iyi ntuntu izohera ryari? Noba nzosubira kunezerwa? Nokura hehe impumurizo?’

Iki kinyamakuru Be maso! kirishura ivyo bibazo. Ikiganiro gikurikira, kiravuga ivyo wokwitega nimba uherutse kubura uwawe. Ibindi na vyo, biraca irya n’ino ibintu vyogufasha kugabanya intuntu.

Turizigiye tudakeka ko ibiganiro bikurikira biza kuremesha no gufasha cane uwo wese atuntujwe no kubura uwiwe.

a Muri ibi biganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.