Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Mu bihe vya Bibiliya ababwiriza bari bajejwe iki?

MU BIHE vya Bibiliya, umubwiriza yazezwa urugo canke itongo vy’uwundi muntu. Ijambo ry’igiheburayo be n’iry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umubwiriza,” rimwe na rimwe ryerekeza ku muhagarikizi canke ku wujejwe ivyo mu rugo.

Igihe Yozefu umuhungu wa Yakobo yari umushumba mu Misiri, yarabaye umubwiriza w’inzu ya shebuja. Nkako, shebuja wiwe, uno akaba yari Umunyamisiri, “[yararekeye] ikintu ciwe cose mu kuboko kwa Yozefu.” (Ita. 39:2-6) Mu nyuma, igihe Yozefu na we yaba umutegetsi akomeye mu Misiri, yaragenye umubwiriza ahagarikira inzu yiwe.​—Ita. 44:4.

Mu gihe ca Yezu, bene amatongo bibera mu bisagara kure y’amatongo yabo. Baca rero bagena ababwiriza kugira bahagarikire ibikorwa vya buri musi vyakorwa n’abakozi bo muri ayo matongo.

None ni nde yashingwa iryo banga ry’umubwiriza? Umwanditsi w’Umuroma wo mu kinjana ca mbere yitwa Columella, yahanuye ko uwogenwa mw’ibanga ry’umubwiriza yotegerejwe kuba “yaragejejwe” mu bijanye n’imirima. Yotegerejwe kuba ari umuntu “yitwararika cane ibintu kandi adacinyiza abo ajejwe.” Yongeyeko ati: “Ico asabwa kuruta ibindi vyose ni uko adakwiye kwiyumvira ko azi vyose, kandi akwiye kuguma arondera kumenya n’ibindi.”

Ijambo ry’Imana riragereranya ibikorwa vy’umubwiriza n’ibikorwa bimwebimwe vyo mw’ishengero. Nk’akarorero, intumwa Petero aremesha abakirisu gukoresha ingabirano bahawe n’Imana “mu gukoreranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”​—1 Pet. 4:10.

Na Yezu yarakoresheje akarorero k’umubwiriza mu kigereranyo dusanga muri Luka 16:1-8. Vyongeye, mu buhanuzi yatanze buvuga ivyerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe ari Umwami, Yezu yarakuye amazinda abayoboke biwe yuko yogenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” canke “umubwiriza w’umwizigirwa.” Igikorwa nyamukuru uwo mubwiriza yojejwe cobaye ari ukwama aronsa ibifungurwa vy’impwemu abayoboke ba Kristu mu gihe c’iherezo. (Mat. 24:45-47; Luka 12:42) Ese ukuntu ari agateka kuba turi mu baronswa ivyo bitabu bikomeza ukwizera bitegurwa n’uwo mubwiriza w’umwizigirwa, kandi agaca abikwiragiza hirya no hino kw’isi.