Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Isinagogi yo mu kinjana ca mbere: Iyi shusho irerekana bimwe mu vyari bigize isinagogi yo mu kinjana ca mbere basanze i Gamla, nko ku bilometero 10 mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ikiyaga ca Galilaya. Iratwereka ukuntu isinagogi ya kera ishobora kuba yari imeze

Isinagogi yakomotse he?

IJAMBO “isinagogi” rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura “ihwaniro” canke “uguhurira hamwe.” Iryo zina rirabereye kubera ko kuva kera amasinagogi ari ibibanza Abayuda bahuriramwo kugira bige no kugira basenge. Nta na hamwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo havugwa amasinagogi. Ariko twisunze Ivyanditswe vy’ikigiriki, turabona neza ko ibibanza mwene ivyo vyari biriho mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu.

Abahinga benshi bavuga ko amasinagogi yatanguye igihe Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopaedia Judaica) kivuga giti: “Narirya abari baragizwe inyagano batari bagifise rwa rusengero mu gihugu kinyamahanga, barumva ko bakeneye kuremeshwa mu magogwa barimwo. Rero barahurira hamwe, kumbure ku masabato, kugira basome Ivyanditswe.” Biboneka ko n’igihe bava mu bunyagano, babandanije guhurira hamwe kugira basenge bongere basome Ivyanditswe, bakaba barashinga amasinagogi aho bagiye baraba hose.

Mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, Abayuda bari barasabagiye mu karere ka Mediterane, ak’ibihugu vy’Abarabu no muri Isirayeli bakoresha amasinagogi nk’ibibanza nyamukuru bigenewe ibijanye no gusenga be n’ibindi vyo mu buzima bwa misi yose. Umwigisha Lee Levine wo kuri kaminuza imwe y’i Yeruzalemu, avuga ati: “Cari ikibanza bigiramwo, bafunguriramwo imfungurwa nyeranda, baciramwo imanza, begeranirizamwo imfashanyo bakagiriramwo n’amanama y’ivya politike n’ivyo mu kibano.” Yongerako ati: “Ariko ibintu nyamukuru bahakorera vyari ibijanye no gusenga.” Ntibitangaje rero kuba Yezu yarakunda kuja mu masinagogi. (Mrk. 1:21; 6:2; Luka 4:16) Yarigisha akongera akaremesha ababa bahari. Ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa, n’intumwa Paulo yarakunda kwamamaza mu masinagogi. Abashimishwa n’ivy’Imana wasanga bakunda kujayo. Ni co gituma igihe Paulo yaba yinjiye mu gisagara, yabanza kuja kwamamaza kw’isinagogi.​—Ivyak. 17:1, 2; 18:4.