Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhanuzi bwarangutse

Ubuhanuzi bwarangutse

Imbere y’aha twavuze inkuru y’ingene Crésus yahenzwe na kamenyi w’i Delufi, bigatuma atsindwa n’umwami w’Ubuperesi. Ariko rero, Bibiliya irimwo inkuru menyeshakazoza idasanzwe, ni ukuvuga ubuhanuzi bwerekeye umwami w’Ubuperesi bwarangutse ido n’ido.

Hagisigaye nk’imyaka 200, ni ukuvuga imbere cane y’uko uwo mwami avuka, umuhanuzi w’Umuheburayo Yesaya yari yaravuze ingene Kuro yokwigaruriye igisagara gikomeye ca Babiloni.

Yesaya 44:24, 27, 28: “Ibi ni vyo Yehova avuze, . . . ‘Umwe abwira inyenga y’amazi ati: “Nimutumuke; kandi inzuzi zanyu zose nzozikamya”; Umwe avuga kuri Kuro ati: “Ni umwungere wanje, kandi ikimpimbara cose azogishitsa neza,” mbere n’ijambo mvuga kuri Yeruzalemu nti: “Hazosubira kwubakwa,” ku rusengero na ho nti: “Umushinge wawe uzoshingwa.”’”

Nk’uko umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote abivuga, ingabo za Kuro zarakebeje amazi y’Uruzi Efurate rwaca mu gisagara ca Babiloni. Ivyo vyatumye zijabuka ata ngorane, zirinjira muri ico gisagara. Kuro amaze kwigarurira ico gisagara, yararekuye Abayuda bari baragizwe inyagano i Babiloni maze barasubira kwubaka igisagara ca Yeruzalemu cari kimaze imyaka 70 ari umusaka.

Yesaya 45:1: “Ibi ni vyo Yehova abwiye uwo yarobanuje amavuta, Kuro, uwo mfashe ukuryo, ngo ntume amahanga ayoboka imbere yiwe, kugira ngo nkenyurure amafyinga y’abami; ngo nugurure imbere yiwe ya miryango y’inzugi zibirizibiri, ku buryo n’amarembo atazokwugarwa.”

Abaperesi binjiye muri ico gisagara baciye mu marembo afise inzugi zibirizibiri, ayari yagumye yuguruye kubera ugusamara. Iyo Abanyababiloni baza kumenya imigambi ya Kuro, bari kwugara amarembo yose yari aherereye kuri urwo ruzi. Yamara rero, ico gisagara catewe kititeguye.

Ubwo ni bumwe gusa mu buhanuzi budasanzwe bwinshi dusanga muri Bibiliya bwarangutse ido n’ido. a Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya si co kimwe n’ivyo abantu bavuga ku vyerekeye kazoza, kenshi bakaba babivuga kw’izina ry’imana zabo z’ikinyoma. Bwobwo bukomoka kuri ya Mana ivuga iti: “Ndi Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo, kuva kera agahishura ibintu bitarakorwa.”​—Yesaya 46:10.

Imana y’ukuri yonyene, iyitwa Yehova, ni yo ishobora kuvuga ayo majambo. Biboneka ko iryo zina risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Ryerekana ko ifise ububasha bwo kumenya kazoza no kuyobora ibintu bikagenda nk’uko ibishaka. Iryo zina riratwemeza ko izorangura ivyo yasezeranye vyose.

UBUHANUZI BURIKO BURARANGUKA MURI IKI GIHE

Woba ushaka kumenya ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’igihe turimwo? Haraciye nk’imyaka 2.000 Bibiliya ivuze ko “mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” None ni imisi ya nyuma y’iki? Si umuhero w’isi canke w’abantu, ahubwo ni umuhero w’indyane, agacinyizo be n’imibabaro bimaze imyaka ibihumbi birembeje abantu. Nimuze turimbure ubuhanuzi bukeyi gusa buranga “imisi ya nyuma.”

2 Timoteyo 3:1-5: “Mu misi ya nyuma . . . , abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana, bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo.”

None woharira ko ivyo bintu ari vyo birushiriza kuranga abantu muri iki gihe? Woba umaze kubona ko dukikujwe n’abantu bikunda birenze urugero, bakunda amahera kandi bivyimvya? Ntumaze kubona none ko abantu barushiriza kuba abadashoboka be n’uko badashaka kwumvikana na gato? Nta gukeka ko umaze kubona yuko ingeso yo kugambararira abavyeyi yiraye be n’uko abantu muri rusangi bakunda ibinezereza kuruta Imana. Vyongeye, ibintu biguma vyunyuka ku musi ku musi.

Matayo 24:6, 7: “Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara; . . . Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami.”

Hari abavuga ko abantu bahitanywe n’intambara kuva mu 1914 barenga imiliyoni 100. Ibaze nawe amarira, intuntu n’umubabaro ivyo vyakweze! Naho ari ukwo, amahanga ntiyigeze ahakura icigwa ngo ahagarike intambara.

Matayo 24:7: “Hazoba amapfa.”

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kurwanya inzara (PAM) ryavuze riti: “Naho kw’isi haboneka umwimbu ukwiye abantu bose, abantu imiliyoni 815, ni ukuvuga umuntu umwe ku bantu icenda, baracararana inzara mu nda. Mbere umuntu umwe kuri batatu usanga afise ingorane yo gufungura nabi.” Bivugwa ko buri mwaka, abana bashika imiliyoni zitatu bahitanwa n’inzara.

Luka 21:11: “Hazoba vya nyamugigima bikomakomeye.”

Buri mwaka, haraba nyamugigima nka 50.000 abantu bashobora kwumva. Izishika 100 zironona amazu, kandi hafi buri mwaka haraba nyamugigima imwe ikomeye cane. Raporo imwe ivuga ko kuva mu 1975 gushika mu 2000, nyamugigima zahitanye abantu 471.000.

Matayo 24:14: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”

Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni umunani bariko baramamaza bongera bashingira intahe inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana hirya no hino kw’isi, mu bihugu bishika 240. Barayamamaza mu bisagara birimwo uruja n’uruza no mu bigwati biri ukwa vyonyene, mu mashamba ya manyene no mu misozi. Bibiliya ivuga ko ico gikorwa nicarangurwa ku rugero Imana ishaka, “iherezo rizoca riza.” Ivyo bisobanura iki? Bisobanura ko intwaro z’abantu zizoca zivaho haze Ubwami bw’Imana. None ni imihango iyihe izoranguka mu gihe c’Ubwami bw’Imana? Bandanya usoma kugira uvyibonere.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Icibutso gishingira intahe ubuhanuzi bw’ukuri.”