UMUNARA W’INDERETSI No 6 2016 | Ni bande baba mw’ijuru?

Numere nk’uwubona ibitaboneka biciye kuri Bibiliya.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyo abantu bibaza ku baba mu karere k’impwemu

Turashobora kuronka inyishu zo kwizigirwa.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya irahishura ababa mw’ijuru

Ivyanditswe biduhishurira iki ku vyerekeye Yehova Imana, Yezu Kristu be n’abamarayika b’intahemuka?

Ivyigwa twigira ku nyoni zo mu kirere

Ibinyabuzima vy’amababa ntibishingira intahe gusa igikorwa c’irema c’Imana, ariko kandi turavyigirako ibintu bihambaye kuruta.

INKURU Y’UBUZIMA

Narakiriye ukuri ntagira amaboko

Naho umusore umwe yahuye n’isanganya rikomeye, yararonse ibimenyamenya vyatumye yemera ko Umuremyi abaho.

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba yumviriza amasengesho yawe kandi ikayishura?

Ibindi usanga kuri internet

Imana yoba yaremye Shetani kugira ngo itugerageze?

Inyishu Bibiliya itanga irumvikana kandi irahumuriza.