Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI BANDE BABA MW’IJURU?

Bibiliya irahishura ababa mw’ijuru

Bibiliya irahishura ababa mw’ijuru

Bibiliya irimwo inkuru zerekeye ibintu bishimishije Imana yeretse abantu, bituma tumera nk’abatereza akajisho mw’ijuru. Turagusavye uzikurikirane witonze. Ni ivy’ukuri yuko bimwebimwe mu vyo beretswe ari ibigereranyo. Ariko muri rusangi, ivyo beretswe biradufasha kumenya ababa mw’ijuru no gutahura ingene batwitwararika.

YEHOVA NI WE RUDASUMBWA

“Intebe y’ubwami yari mu kibanza cayo mw’ijuru, kandi hari uwari yicaye kuri nya ntebe. Kandi uwari yicaye, uravye ishusho yiwe, yasa n’ibuye ryitwa yasipi be n’ibuye ry’agaciro ry’ibara ritukura, hirya no hino ya nya ntebe na ho hakaba umunywamazi usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa emerode.”​—Ivyahishuwe 4:2, 3.

“Yarakaka irya n’ino. Hari ikintu kimeze nk’ishusho y’umuheto uza mu gicu ku musi imvura icuncubuka. Ukwo ni ko ishusho ya nya kwakaka yari imeze impande zose. Yari ishusho y’ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova busa.”​—Ezekiyeli 1:27, 28.

Ivyo bintu intumwa Yohani be n’umuhanuzi Ezekiyeli beretswe biradondora ubwiza bwakaka bw’Imana Musumba vyose, Yehova. Hakoreshwa ibintu dushobora guca tubona mu bwenge, nk’amabuye y’agaciro aca ibibatsi, umunywamazi be n’ubwiza ntangere bw’intebe y’ubwami. Ivyo biratwereka ko Yehova yisakaye ubwiza buteye akoba, buteye igomwe kandi burabagirana bimwe bihebuje.

Ukwo kuntu Imana idondorwa kurahuye n’ivyo umwanditsi w’amazaburi yavuze, ati: “Kuko Yehova ahambaye kandi ni uwo gushemezwa rwose. Arateye ubwoba hejuru y’izindi mana zose. Kuko imana zose z’ibisata vy’abantu ari imana ata co zimaze; ariko Yehova we, ni we yakoze amajuru. Iteka n’ubwiza bwakaka biri imbere yiwe; inkomezi n’ubwiza biri aheranda hiwe.”​—Zaburi 96:4-6.

Naho Yehova ari Rudasumbwa, aradusaba kumwiyegereza mw’isengesho, akanaduhumuriza ko yumva amasengesho tumutura. (Zaburi 65:2) Imana iradukunda ikongera ikatwitwararika cane, ku buryo intumwa Yohani yavuze neza yuko “Imana ari urukundo.”​—1 Yohani 4:8.

YEZU ARI IBURYO BW’IMANA

“[Umwigishwa Sitefano], yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru, abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana, avuga ati: ‘Ehe mbonye ijuru ryuguruye be n’Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana.’”​—Ivyakozwe 7:55, 56.

Gatoyi imbere y’uko Sitefano yerekwa ivyo bintu, Yezu yari yishwe bivuye ku ndongozi z’Abayuda, izo nyene Sitefano yariko arabwira. Ivyo vyarerekanye neza ko Yezu yari muzima, ko yari yarazuwe be n’uko yari yarahawe icubahiro. Ku bijanye n’ivyo, intumwa Paulo yanditse ko Imana yazuye Yezu “mu bapfuye ikamwicarika iburyo bwayo mu bibanza vyo mw’ijuru, hejuru cane y’intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose n’ubutware bwose n’amazina yose avugwa, atari muri iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.”​—Abanyefeso 1:20, 21.

Uretse ko Bibiliya idondora ikibanza gihambaye Yezu afise, iranavuga ko yitwararika cane abantu, nk’uko Yehova abigira. Igihe yari kw’isi, yarakijije abarwaye, abafise ubumuga, arazura n’abapfuye. Mu gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu, yarerekanye ko akunda cane Imana hamwe n’abantu. (Abanyefeso 2:4, 5) Kubera ko Yezu ari iburyo bw’Imana, vuba agiye gukoresha ubukuru bwiwe kugira ngo atume abantu bagamburuka bo hirya no hino kw’isi, bironkera imihezagiro ikomeye.

ABAMARAYIKA BAKORERA IMANA

“[Jewe umuhanuzi Daniyeli] mbandanya kwitegereza gushika hashizweho intebe z’ubwami, hanyuma Umwe wa kera mu misi [Yehova] a[r]icara. . . . Hari ibihumbi igihumbi baguma bamukorera, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe.”​—Daniyeli 7:9, 10.

Daniyeli ntiyabonye umumarayika umwe gusa, mugabo yabonye amasinzi n’amasinzi. Emwe, ivyo yeretswe bitegerezwa kuba vyaramuteye akoba! Abamarayika ni ibiremwa vy’impwemu bifise ubuninahazwa, ubwenge be n’ububasha. Muri bo harimwo abaserafi n’abakerubi. Bibiliya iravuga ibijanye n’abamarayika incuro zirenga 250.

Abamarayika si abantu bahoze baba kw’isi. Imana yabaremye hagisigaye igihe kirekire ngo ireme abantu. Igihe Imana yarema isi, abamarayika bariko baravyihweza bongera bavuza impundu.​—Yobu 38:4-7.

Kimwe mu vyo abamarayika b’abizigirwa bakorera Imana, ni ukugira uruhara mu gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose kw’isi muri kino gihe, na co akaba ari ugutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Intumwa Yohani yareretswe urwo ruhara barangura, maze yandika ati: “Mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mu kirere, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose.” (Ivyahishuwe 14:6) Naho abamarayika batavugana n’abantu muri kino gihe nk’uko babigira kera, barayobora abavuga inkuru nziza bakaberekeza ku bantu bipfuza kumenya Imana.

SHETANI ARAZIMIZA ABANTU AMAMILIYONI

“Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli [Yezu Kristu] n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco mugabo nticanesha, eka mbere ntihongera kuboneka ikibanza cabo mw’ijuru. Nuko ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.”​—Ivyahishuwe 12:7-9.

Vyarigeze gushika amahoro arahungabana mw’ijuru. Haciye igihe gitoyi abantu baremwe, hari umumarayika yagize icipfuzo gikomeye co gusengwa, bituma agarariza Yehova, maze acika Shetani, ni ukuvuga “Umurwanizi.” Hari abandi bamarayika bahavuye bifatanya na we muri ubwo bugarariji, maze bacika amadayimoni. N’ububisha n’akantu, bararwanya Yehova bivuye inyuma kandi baramaze gutesha inzira y’Imana abantu benshi cane.

Shetani n’amadayimoni yiwe barononekaye cane kandi ni ba ruburakigongwe. Baranka abantu kandi menshi mu marushwa turimwo aturuka kuri bo. Nk’akarorero, Shetani yarasasitse ibitungwa vya wa mwizigirwa Yobu be n’abasuku biwe. Ubukurikira, yagandaguye abana ba Yobu bose uko ari cumi, mu guteza “umuyaga ukomeye” wahitanye inzu barimwo. Mu nyuma, Shetani yaciye ateza Yobu “ibihute bikaze, kuva mu bworo bw’ikirenge gushika mu rutwariro.”​—Yobu 1:7-19; 2:7.

Ariko rero, vuba Shetani agiye gukurwaho. Kubera ko yaterewe mu micungararo y’isi, arazi ko “afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12) Emwe, imisi ya Shetani iraharuye, kandi iyo ni inkuru nziza vy’ukuri!

ABANTU BAVUYE KW’ISI

Yohani yarumvise amajwi abwira Yezu ati: “Ukoresheje amaraso yawe [waraguriye] Imana abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose, kandi wabagize ubwami n’abaherezi ku Mana yacu, kandi bazoganza isi.”​—Ivyahishuwe 5:9, 10.

Kurya nyene Yezu yazuwe akaja kuba mw’ijuru, hariho n’abandi bantu batewe iryo teka. Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ngiye kubategurira ikibanza. Vyongeye, . . . ndiko ndagaruka kandi nzobakira i muhira iwanje, kugira ngo aho ndi abe ari ho namwe muba.”​—Yohani 14:2, 3.

Abaja mw’ijuru barafise igikorwa kiba kibajanyeyo. Bazofatanya na Yezu kuganza Ubwami buzotegeka ababa kw’isi yose, maze bubazanire imihezagiro myinshi. Ubwo Bwami ni bumwe Yezu yabwira abigishwa biwe gusaba muri ca gisabisho ca Dawe wa twese. Yavuze ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”​—Matayo 6:9, 10.

ABARI MW’IJURU BAZOKORA IKI?

Intumwa Yohani avuga kandi ati: “Nca numva ijwi rirenga riva kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: ‘Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, . . . kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.’”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ivyo bintu Yohani yeretswe bizoranguka igihe Ubwami bw’Imana, uburongowe na Yezu hamwe na bamwe bazukira ijuru, buzokuraho intwaro ya Shetani maze bugatuma isi ihinduka iparadizo. Ibintu vyateje abantu amarushwa n’umubabaro ukomeye, ntibizoba bikiriho. Mbere n’urupfu ntiruzoba rukiriho.

None bizogendera gute abantu amamiliyoni bapfuye ariko batazozukira ijuru? Muri kazoza bazosubira kuba bazima, babeho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Luka 23:43.

Ivyo bintu abantu beretswe, biradukura amazinda ko Yehova Imana, Umwana wiwe Yezu Kristu, abamarayika b’abizigirwa hamwe na bamwe bakurwa mw’isi, batwitwararika cane kandi ko barondera ineza yacu. Nimba wipfuza kumenya n’ibindi bazokora, turagusavye urondere Ivyabona vya Yehova canke uje ku rubuga rwacu, ari rwo www.pr418.com, maze uvome igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?