Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IYO UWAWE APFUYE

Vyoba ari bibi kugira intuntu?

Vyoba ari bibi kugira intuntu?

Woba urigera ufatwa n’indwara imara igihe gito? Kumbure waranyarutse gukira mbere ukaba utacibuka n’ivy’iyo ndwara. Ariko intuntu iva ku kubura uwawe yo si ko imeze. Mu gitabu canditswe na muganga Alan Wolfelt kivuga ivy’intuntu iterwa n’ukubura uwo mwubakanye, yavuze ati: “Nta kintu kigoye nko gukira bene iyo ntuntu, ariko uko haca igihe kandi abandi bakagufata mu mugongo, iragabanuka bukebuke.”

Nk’akarorero, raba uko Aburahamu yamerewe igihe umugore wiwe yapfa. Igisomwa co mu ntango ca Bibiliya kivuga ko Aburahamu ‘yatanguye kuborogera Sara no kumuririra.’ Kuba bivugwa ngo “yatanguye” vyerekana ko vyafashe igihe kugira ashobore kuvyihanganira. * Akandi karorero ni aka Yakobo, uwahenzwe ko umuhungu wiwe Yozefu yagandaguwe n’igikoko. Yaramuririye “imisi myinshi,” kandi nta n’umwe mu muryango wiwe yashoboye kumuhoza. N’inyuma y’imyaka itari mike, urupfu rwa Yozefu rwari rukimubabaje.​—Itanguriro 23:2; 37:34, 35; 42:36; 45:28.

Aburahamu yaratuntujwe n’urupfu rw’umugore wiwe Sara

Ivyo ni ko biri no muri iki gihe ku bantu benshi babuze uwabo. Rimbura ubu burorero bubiri.

  • “Umugabo wanje Robert yapfuye itariki 9 Mukakaro 2008. Uwo musi w’isanganya wari umeze nk’iyindi misi yose. Duhejeje kwivuna umusase nk’uko twari dusanzwe tubigira, imbere y’uko aja ku kazi twaragumbiranye turasezerana. Naho haciye imyaka itandatu, ndacumva intuntu mu mutima. Sinzi ko iyo ntuntu izokwigera ihera.”​—​Gail w’imyaka 60.

  • “Naho haciye imyaka 18 mbuze umukenyezi wanje nikundira, ndacamukumbura kandi ndacafise intuntu. Igihe cose mbonye akantu kandyohera nca ndamwibuka. Nca niyumvira ingene yari kumererwa iyo aza kubona ako kantu.”​—Etienne w’imyaka 84.

Biraboneka ko kumarana intuntu igihe kirekire ari ikintu gisanzwe. Twese ntitugaragaza umubabaro cokimwe. Ku bw’ivyo ntibiranga ubukerebutsi kunegura uburyo umuntu avyifatamwo igihe ashikiwe n’ivyago. Ariko kandi ntidukwiye kwiyagiriza bishitse tukabona umengo twarengeje urugero igihe tubuze uwacu. None twokwihanganira gute intuntu iva ku kubura?

^ ing. 4 Izahaki umuhungu wa Aburahamu na we nyene yaramaze igihe atuntuye. Nk’uko biboneka muri iki kinyamakuru mu kiganiro “Niwigane ukwizera kwabo,” n’inyuma y’imyaka itatu nyina wiwe Sara apfuye, Izahaki yari agifise intuntu.​—Itanguriro 24:67.