Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IYO UWAWE APFUYE

Kwihanganira intuntu

Kwihanganira intuntu

Havugwa ibintu vyinshi ku bijanye n’uko umuntu yovyifatamwo. Ariko si vyose bishobora kudufasha. Nk’akarorero, hari aboshobora kuvuga ko udakwiye kurira canke kwerekana umubabaro mu buryo na bumwe. Abandi na bo boshobora kukuremesha kugaragaza umubabaro wawe uko ushoboye kwose. Bibiliya iratwereka ingene twovyifatamwo mu buryo buri ku burimbane, mbere bushigikirwa n’ivyo abahinga bavuga.

Mu mico imwimwe bavuga ko amarira y’umugabo atemba aja mu nda. Ariko none hoba hari impamvu yo guterwa isoni no kurira n’aho abantu boba babona? Abahinga mu vy’amagara yo mu mutwe bavuga ko kurira bishobora kugufasha igihe wabuze. Uko haca igihe urashobora kurengera umubabaro ukomeye ufise maze ubuzima bukabandanya. Kwirengagiza uwo mubabaro umuntu afise vyovyo birashobora kumugirira nabi aho kumufasha. Bibiliya ntishigikira iciyumviro c’uko ari bibi kurira canke ko bitaranga ukwigumya. Rimbura nk’akarorero ivyashikiye Yezu. Igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa, yararize naho yari afise ubushobozi bwo kuzura abapfuye.​—Yohani 11:33-35.

Kuza urashavura ni ikindi kintu gikunze gushika na canecane iyo urupfu rushitse tutari tuvyiteze. Ivyo biterwa n’impamvu nyinshi, nk’igihe umuntu yubahwa abwiye uwabuze uwiwe amajambo atiyumviriye canke ivyiyumviro bitagira ishingiro. Mike wo muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Dawe yapfuye mfise imyaka 14 gusa. Turi ku maziko, umupasitori w’umwangilikani yavuze ko Imana ikenera abantu beza kandi ko ica ibatwara hakiri kare. * Ivyo vyaranshavuje cane kubera ko dawe twari tumukeneye cane. Naho haciye imyaka 63 ivyo bibaye, biracambabaza cane.”

Bite ho ku biyagiriza? Igihe urupfu rushitse bukwi na bukwi, uwabuze arashobora kwiyumvira ati: “Iyo ngira iki canke kiriya kumbure ntiyari gupfa.” Canke na ho umusi muherukanirako mukaba mwarashwanye. Ivyo vyoshobora gutuma urushiriza kwiyagiriza.

Nimba ukwiyagiriza canke ishavu biguma bikubuza amahoro, ntuvyigumizemwo. Ahubwo, nubiyagire umugenzi. Arashobora kukwumviriza akagusubiriza umutima mu nda ko kwiyumva gutyo ari ibintu vyama vyabaye ku babuze ababo. Bibiliya itwibutsa iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

Yehova Imana ni we mugenzi mwiza aruta abandi woshobora kugira. Numusukire ibiri mu mutima wawe kuko ‘akubabaye.’ (1 Petero 5:7) Vyongeye asezeranira abamwitura bose kubaha “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Abafilipi 4:6, 7) Ivyo bizotuma baremururwa mu mutima. N’ikindi Imana irashobora kuguhumuriza biciye kw’Ijambo ryayo Bibiliya. Niwiyandikire ahantu ivyanditswe biremesha. (Raba  uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro.) Hari aho vyoba vyiza ufashe ku mutwe ivyanditswe bike muri ivyo. Kuzirikana kuri ivyo vyanditswe birashobora kugufasha na canecane mw’ijoro igihe uri wenyene bikaba bigoye no gutora agatiro.​—​Yesaya 57:15.

Umugabo yitwa Jack w’imyaka 40 aherutse kubura umugore wiwe ahitanywe na kanseri. Jack avuga ko hari igihe yicwa n’irungu. Ariko isengesho riramufasha cane. Avuga ati: “Igihe cose nsenze Yehova sinigera numva irungu. Akenshi ndikangura mw’ijoro kandi sinsubira gusinzira. Ariko maze gusoma nkongera nkazirikana ku vyiyumviro biremesha vyo muri Bibiliya hanyuma nkabwira Yehova mw’isengesho uko niyumva, ndatekana mu mutima no mu bwenge maze ngasubira gusinzira.”

Umugore akiri muto yitwa Vanessa yarabuze nyina ahitanywe n’indwara. Na we nyene yariboneye ububasha bw’isengesho. Avuga ati: “Igihe naba ndi mu bihe bigoye napfa kuvuga izina Yehova amosozi akantanga hasi. Yehova yarumviriza amasengesho namutura kandi imisi yose yarampa inkomezi naba nkeneye.”

Abatanga impanuro mu bijanye n’ukwihanganira intuntu bamwebamwe bahanura abumva barengewe n’intuntu ko bofasha abandi canke bakitanga mu gufasha ababanyi. Ivyo bituma bene kubura bahimbarwa kandi bakumva baruhuriwe. (Ivyakozwe 20:35) Abenshi mu bakirisu babuze ababo basanze gufasha abandi bibahumuriza cane.​—2 Abakorinto 1:3, 4.

^ ing. 5 Ivyo si vyo Bibiliya yigisha kuko yo yerekana impamvu zitatu zituma abantu bapfa.​—Umusiguzi 9:11; Yohani 8:44; Abaroma 5:12

.