Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Nararetse Yehova arayobora intambuko zanje

Nararetse Yehova arayobora intambuko zanje

Nkiri umuyabaga narihitiyemwo inzira, kakaba kari akazi k’umubiri nakunda cane. Ariko Yehova yaransavye ngo nce mu yindi nzira. Ni nk’aho yambwiye ati: “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo.” (Zab. 32:8) Kureka Yehova akayobora intambuko zanje vyatumye nkoresha ubuzima bwanje mu murimo wiwe, ndironkera uduteka twinshi n’imihezagiro, ushizemwo n’imyaka 52 namaze ndi muri Afrika.

MVA MU BWONGEREZA NKAJA MURI AFRIKA

Navukiye i Darlaston mu 1935, mu karere kitwa Black Country ko mu Bwongereza karimwo amahinguriro menshi arekura ivyotsi vyinshi. Igihe nari mfise nk’imyaka ine, abavyeyi banje baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango y’ubuyabaga bwanje, naranyuzwe n’ukuri maze mbatizwa mu 1952 mfise imyaka 16.

Nko muri ico gihe nyene, naratanguye kwimenyereza mw’ihinguriro rinini rikora ibikoresho vy’iminwe be n’ivyuma vy’imiduga. Naratanguye kumenyerezwa ngo mbe umunyamabanga w’iryo hinguriro, igikorwa nakunda cane.

Narahanganye no gufata ingingo ihambaye igihe umucungezi w’ingenzi yansaba kuza ndahagarikira Inyigisho y’igitabu y’ishengero mw’ishengero ryacu ry’i Willenhall. Ariko hariho intambamyi. Ico gihe nifatanya n’amashengero abiri. Ikoraniro ryo hagati mu ndwi naryitaba mw’ishengero ryo hafi yo ku kazi i Bromsgrove, hakaba hari nko ku bilometero 32 uvuye muhira. Mu mpera z’indwi na ho, naca ntaha muhira nkaryitaba mw’ishengero ry’i Willenhall.

Kubera ko nipfuza gushigikira ishirahamwe rya Yehova naremeye ivyo umucungezi yansavye, naho vyansaba guheba ka kazi nakunda cane. Kuba nararetse Yehova akayobora intambuko zanje ico gihe vyaranyugururiye umuryango ujana mu buzima ntokwigeze nicuza.

Nkigirira ikoraniro mw’ishengero ry’i Bromsgrove narahuriyeyo na mushiki wacu asa n’irirenga kandi akunda Yehova cane yitwa Anne. Twubakanye mu 1957 maze turaterwa uduteka twinshi, nko kuba abatsimvyi basanzwe, abatsimvyi badasanzwe, igikorwa co kugendera amashengero no gukorera kuri Beteli. Anne yaratumye namana umunezero.

Mu 1966, twarahimbawe no kwitaba Ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira 42. Twarungitswe gukorera muri Malawi, igihugu co muri Afrika kizwi ko kirimwo abantu bimereye neza kandi b’igishika. Ntitwari tuzi ko tutomazeyo na kabiri.

DUKORERA MURI MALAWI MU BIHE BIDURUMBANYE

Imodoka twakoresha mu gikorwa co kugendera amashengero muri Malawi

Twashitse muri Malawi itariki 1 Ruhuhuma 1967. Inyuma y’ukwezi kwose twamaze twiga ururimi rwaho tutaruhuka, naciye ntangura igikorwa co kuba umucungezi w’intara. Twari dufise umuduga bamwe biyumvira ko ushobora guca aho ari ho hose naho hoba mu nzuzi. Ariko ntivyari vyo. Twawucisha gusa ahari amazi makeyi cane. Rimwe na rimwe twarara mu nzu isakajwe ivyatsi, bikaba vyasaba ko dusanza ihema hejuru kugira ntituvirwe mu gihe c’imvura. Twatanguye umurimo w’ubumisiyonari mu buzima bugoye cane, ariko twarawukunda.

Muri Ndamukiza, naramenye ko leta yari igiye kuturwanya. Narumvise ijambo Hastings Banda umukuru w’igihugu ca Malawi yashikirije kw’iradiyo yagiriza Ivyabona vya Yehova ko batariha amakori kandi barwanya leta. Ariko ukwo kwari ukutubeshera. Twese twari tuzi ko aduhora kuba ata ho duhengamiye muri politike, na canecane kubera tutagura ikarata y’umugambwe.

Muri Nyakanga, twarasomye mu kinyamakuru kimwe ko umukuru w’igihugu yagirije abavukanyi ngo bahungabanya umutekano mu gihugu cose. Yatangaje mw’ikoraniro ry’umugambwe ko leta igiye kwihutira gushiraho itegeko rihagarika ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova. Iryo tegeko ryashizwe mu ngiro ku wa 20 Gitugutu 1967. Bidatevye, abapolisi n’abakorera ku biro bijejwe kuraba abinjira n’abasohoka mu gihugu baraje kwugara ibiro vy’ishami no kwirukana abamisiyonari.

Igihe twafatwa tugaca twirukanwa muri Malawi mu 1967 turi kumwe n’abandi bamisiyonari Jack na Linda Johansson

Inyuma y’imisi itatu turi mw’ibohero twararungitswe mu mazinga ya Maurice yatwarwa n’Ubwongereza. Ariko rero, abategetsi bo muri ayo mazinga ntibatwemereye kuhaba. Twaciye turungikwa muri Rhodésie (ubu hakaba hitwa Zimbabwe). Dushitseyo twasanze uwukorera mu biro bijejwe kuraba abinjira n’abasohoka mu gihugu yashangashiwe aca aratwankira kwinjira mu gihugu, atubwira ati: “Barabirukanye muri Malawi, barabirukana muri Maurice, none muraronse aho citwara.” Anne yaciye arira. Ni nkaho bose batatwerekwa! Muri ako kanya, naciye numva nokwisubirira mu Bwongereza. Amaherezo, abategetsi bakorera mu biro bijejwe kuraba abinjira n’abasohoka mu gihugu baratwemereye kurara ku biro vy’ishami ariko badutegeka ko bukeye twoca turenguka ku biro bikuru vyabo. Naho twari turushe cane, twarabandanije kurekera ibintu mu maboko ya Yehova. Bukeye ku muhingamo tutari tuvyiteze, twararonse uruhusha rutwemerera kuguma muri Zimbabwe. Sinzigera nibagira uko niyumvise uwo musi. Nariboneye neza ko Yehova ariko arayobora intambuko zacu.

NSHINGWA IGIKORWA GISHASHA CO GUKORA IVYO MURI MALAWI NDI MURI ZIMBABWE

Turi kumwe na Anne kuri Beteli yo muri Zimbabwe mu 1968

Ndi ku biro vy’ishami ryo muri Zimbabwe, nashinzwe gukorera mu Rwego rujejwe umurimo nkitwararika ivyo muri Malawi no muri Mozambike. Abavukanyi bo muri Malawi bari mu ruhamo rukomeye. Ivyo nakora harimwo guhindura amaraporo yarungikwa n’abacungezi bo muri Malawi. Igihe kimwe ndiko ndakora ijoro ryitereye, narakoroye amosozi mbonye ingene abavukanyi na bashiki bacu bariko barakubagurwa bimwe bibi. * Ariko kandi narakozwe ku mutima cane n’ukudahemuka kwabo, ukwizera kwabo n’ukwihangana kwabo.​—2 Kor. 6:4, 5.

Twarakora ibishoboka vyose kugira turonse ibifungurwa vy’impwemu abavukanyi bari basigaye muri Malawi n’abari bahungiye muri Mozambike kubera amabi bakorerwa. Abahindura mu gicicewa, ururimi ruvugwa n’abantu benshi muri Malawi, barimuriwe mw’itongo ry’umuvukanyi umwe muri Zimbabwe. Yarabahaye amazu be n’ibiro bakoreramwo. Aho ni ho babandanirije igikorwa kidasanzwe co guhindura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.

Twaratunganije ivy’uko buri mwaka abacungezi b’imizunguruko bo muri Malawi boza baritaba ihwaniro ry’intara ryo mu gicicewa muri Zimbabwe. Ng’aho bararonswa incacagu z’insiguro zaba zashikirijwe. Basubiye muri Malawi baca bakora uko bashoboye kugira babwire abavukanyi ibiri muri izo nsiguro. Igihe kimwe baje muri Zimbabwe twaratunganije Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami kugira turemeshe abo bacungezi b’imizunguruko b’umutima rugabo.

Ndiko ndatanga insiguro mu gicicewa kw’ihwaniro ryabereye muri Zimbabwe mu gicicewa no mu gishona

Muri Ruhuhuma 1975, naragendeye Ivyabona bo muri Malawi bari mu makambi yo muri Mozambike. Abo bavukanyi baguma bakurikiza ubuyobozi bushasha bwatangwa n’ishirahamwe rya Yehova, ushizemwo n’intunganyo nshasha y’uko habaho inama y’abakurambere. Abari baherutse kuba abakurambere barakora ibikorwa vyinshi, muri ivyo hakaba harimwo gushikiriza insiguro za bose, guhagarikira icanditswe c’umusi n’Umunara w’Inderetsi, eka mbere n’amateraniro. Ikambi bari bayitunganije nk’ihwaniro, barashiramwo inzego z’isuku, izijejwe ibifungurwa n’umutekano. Abo bavukanyi b’intahemuka barakoze ibintu vyinshi babifashijwemwo na Yehova, nkaba navuyeyo ndemeshejwe cane.

Mu mpera z’imyaka ya 1970, ishami rya Zambiya ni ryo ryaciye rihagarikira igikorwa muri Malawi. Ariko nagumije ku mutima ibibera muri Malawi nongera ndabishira mu masengesho, kandi ni ko n’abandi benshi babigize. Kubera ko nari mu bagize Komite y’ishami rya Zimbabwe, akatari gake narabonana n’ababa baserukiye icicaro gikuru, abavukanyi bajejwe amabanga muri Malawi, muri Afrika y’Epfo no muri Zambiya. Igihe cose tubonanye twama tubazanya duti: “Ni ibindi bintu ibihe twokora ngo dufashe abavukanyi bo muri Malawi?”

Haciye igihe uruhamo rwaragabanutse. Abavukanyi bari barahunze baratanguye kugaruka bukebuke muri Malawi, abari barasigaye na bo bagenda bararuhuka amabi bakorerwa. Mu bihugu bibanyi, igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cariko kiremerwa n’amategeko, n’ibihano bari barafatiwe bitangura gukurwaho. N’igihugu ca Mozambike cahavuye kigira nk’ukwo nyene mu 1991. Ariko twaribaza duti: “Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi bazoronka agahengwe ryari?”

DUSUBIRA MURI MALAWI

Ivya politike muri Malawi vyahavuye bihinduka maze mu 1993 ubutegetsi buremera igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Inyuma y’aho gatoya, hari umumisiyonari twariko turayaga maze ambaza ati: “Uzosubira muri Malawi?” Kubera ko ico gihe nari mfise imyaka 59, namwishuye nti: “Oya, ndisaziye.” Ariko rero, uwo musi nyene twararonse ubutumwa buvuye ku Nama Nyobozi budusaba gusubirayo.

Twarakunda igikorwa twakora muri Zimbabwe. Iyo ngingo rero ntiyatworoheye gufata. Hari habaye nko muhira, dufise abagenzi beza kandi tumaranye igihe kinini. Inama Nyobozi ibigiranye umutima mwiza yaratubwiye ko tutova muri Zimbabwe kiretse tuvyishakiye. Vyari vyoroshe rero ko twihitiramwo inzira yacu tukigumira muri Zimbabwe. Ariko narazirikanye ku karorero ka Aburahamu na Sara ingene bagamburukiye Yehova bagaheba inzu yabo nziza mu busaza bwabo.​—Ita. 12:1-5.

Twahisemwo gukurikiza ubuyobozi bw’ishirahamwe rya Yehova turasubira muri Malawi ku wa 1 Ruhuhuma 1995, hakaba hari haciye imyaka 28 kuva igihe twashikayo ari ryo rya mbere. Harashinzwe Komite y’ishami, ikaba yari igizwe na jewe n’abandi bavukanyi babiri, kandi twaciye tuja ku kivi turatunganya igikorwa c’Ivyabona vya Yehova.

YEHOVA NI WE AKUZA

Ese ukuntu ari agateka kubona ingene Yehova yatumye igikorwa gitera imbere vyihuta! Igitigiri c’abamamaji cavuye nko ku 30.000 mu 1993 gishika ku barenga 42.000 mu 1998. * Inama Nyobozi yaremeje ko hokwubakwa inyubakwa nshasha z’ibiro vy’ishami zokwitwararitse ico gikorwa caguma congerekana. Twaraguze itongo ry’amahegitari 12 muri Lilongwe nca ngenwa kuba muri komite ijejwe iyo poroje.

Umuvukanyi Guy Pierce wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro yo kwegurira Yehova izo nyubakwa muri Rusama 2001. Ivyabona baho barenga ibihumbi bibiri ni bo bitavye ivyo birori, benshi muri bo bakaba bari bamaze imyaka irenga 40 babatijwe. Abo bavukanyi na bashiki bacu b’intahemuka bari baramaze imyaka itari mike bihanganiye amakuba yabashikiye igihe igikorwa cari kibujijwe. Naho bari bakenye, bari abatunzi bakomeye mu vy’impwemu. Ico gihe rero, barahimbawe no gutemberera inyubakwa nshasha za Beteli. Aho baca hose bariko baratemberezwa, waguma wumva baririmba indirimbo z’Ubwami mu mudiho wo muri Afrika, ivyo bikaba vyatumye ico kiringo kiba igikora ku mutima kuruta ibindi niboneye mu buzima bwanje. Ivyo vyarerekanye ko Yehova ahezagira cane abihanganira ibigeragezo badahemuka.

Ibiro vy’ishami bimaze kwuzura, narahimbawe no kuza ndaterwa uduteka two kuza ndaja kwegurira Yehova Ingoro z’Ubwami. Ingoro z’Ubwami zo muri Malawi zubatswe muri ya programa yo kwubaka Ingoro z’Ubwami mu gihe gito mu bihugu bikenye. Imbere y’aho, amashengero amwamwe yakoranira mu ngoro zubakishijwe imikaratusi. Basakaza ivyatsi bagashiramwo n’intebe ndende z’ibiti. Abavukanyi barakoze baratama mu kwituririra amatafari yo kwubakisha ibibanza vyiza vyo kugiriramwo amakoraniro. Ariko baracikundira intebe ndende kubera ko zishobora kwicarako abantu benshi gusumba inyegamo.

Narahimbawe kandi no kwibonera ingene Yehova afasha abantu gutera imbere mu vy’impwemu. Narakozwe ku mutima canecane n’abavukanyi bakiri bato bo muri Afrika, mbonye ukuntu bitanga babikunze n’ukuntu banyaruka kwiga ibintu vyinshi mu kumenyerezwa baronka mw’ishirahamwe rya Yehova no mu gikorwa baba bashinzwe. Ivyo vyatumye bashingwa amabanga yiyongereye muri Beteli no mu mashengero. Amashengero yarakomejwe cane n’abacungezi b’imizunguruko b’imvukira baheruka kugenwa, benshi muri bo bakaba bari bubatse. Abo bagabo n’abagore babaye barihoza ivyo kuvyara kugira barushirize gukora vyinshi mu murimo wa Yehova, naho bitandukanye n’imico yabo kandi bamwebamwe imiryango ikaba itaborohereza.

NDAHIMBAWE KUBERA INGINGO NAFASHE

Turi kumwe na Anne kuri Beteli yo mu Bwongereza

Inyuma y’imyaka 52 nkorera muri Afrika, naragize ingorane z’amagara. Inama Nyobozi yaremeye ivyo Komite y’ishami yasavye ko noja gukorera mu Bwongereza. Twarababajwe no kuva ku gikorwa twikundira, ariko umuryango wa Beteli yo mu Bwongereza uriko uratwitwararika mu busaza bwacu.

Narajijutse ko kureka Yehova akayobora intambuko zanje yabaye yo ngingo nziza kuruta izindi nafashe. Iyo nkora ibintu uko ndabibona, sinzi uko ubuzima bwanje buba bumeze. Yehova yamye azi ivyo nkeneye kugira ‘agorore iminyuro yanje.’ (Imig. 3:5, 6) Nkiri muto, nararyoherwa no kwiga ibijanye n’ingene ihinguriro rinini rikora. Ariko ishirahamwe rya Yehova rikwiye kw’isi yose ryarampaye igikorwa gihimbaye kuruta ibindi. Mbona ko gukorera Yehova vyatumye ngira ubuzima buhimbaye vy’ukuri, kandi n’ubu bikibandanya.

^ Inkuru yerekeye Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi yasohowe mu Gitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1999, urupapuro rwa 148-223.

^ Ubu abamamaji bo muri Malawi bararenga 100.000.