Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Kubera iki Yezu yakoroye amosozi imbere y’uko azura Lazaro, nk’uko bivugwa muri Yohani 11:35?

Igihe tubuze uwacu, mu bisanzwe turakorora amosozi kubera tuzomukumbura. Naho Yezu yiyumvamwo Lazaro, ntiyakoroye amosozi abitumwe n’uko Lazaro yari yapfuye. Yakoroye amosozi kubera yumviye impuhwe abari bagandaye, nk’uko vyerekanwa n’ibivugwa mu nkuru ya Yohani.—Yoh. 11:36.

Igihe Yezu yumva ko Lazaro arwaye, ntiyaciye yihutira kuja iyo ari kugira ngo amukize. Iyo nkuru ivuga iti: “Aho [Yezu] yumviye ko [Lazaro] arwaye, yaciye aguma imisi ibiri aho yari ari.” (Yoh. 11:6) Kubera iki Yezu yatevye? Hari icatumye abigira. Yavuze ati: “Intumbero y’iyo ndwara si urupfu, ahubwo ni ubuninahazwa bw’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana aninahazwe biciye kuri yo.” (Yoh. 11:4) Ni mu buryo ubuhe urupfu rutari yo “ntumbero,” ni ukuvuga iherezo, y’indwara ya Lazaro? Yezu yari afise intumbero yo gukoresha urupfu rwa Lazaro ku bw’ “ubuninahazwa bw’Imana.” Uti gute? Yezu yagira akore igitangaro gikomeye mu kuzura uwo mugenzi yikundira amukuye mu mva.

Mu kiyago Yezu yagiraniye n’abigishwa biwe ico gihe, yagereranije urupfu n’itiro. Ni co gituma yababwiye ko yari ‘agiyeyo gukangura Lazaro mw’itiro.’ (Yoh. 11:11) Kuri Yezu, kuzura Lazaro vyobaye cokimwe n’umuvyeyi akangura umwana wiwe mu gatiro. Nta mvo n’imwe rero yari afise yo gutuntuzwa n’urupfu rwa Lazaro ubwarwo.

Ni igiki none catumye Yezu akorora amosozi? N’aha nyene, ibivugwa muri iyo nkuru biratanga inyishu. Igihe Yezu yabonana na mushiki wa Lazaro ari we Mariya maze akamubona ariko ararira hamwe n’abandi, “[yaranishe] mu mutima, abura amahoro.” Kubona umubabaro bari bafise vyatumye Yezu ababara gushika aho ‘aniha mu mutima.’ Ico ni co catumye ‘Yezu akorora amosozi.’ Yezu yarababajwe cane no kubona abagenzi biwe yikundira bishwe n’intuntu.—Yoh. 11:33, 35.

Iyo nkuru irerekana ko Yezu afise ububasha n’ubushobozi bwo gutuma abacu basubira kuba bazima bakongera bakagira amagara meza mw’isi nshasha yimirije. Iradufasha kandi gutahura ko Yezu yumvira impuhwe ababa babuze ababo biturutse ku rupfu barazwe na Adamu. Ikindi cigwa twokura kuri iyo nkuru ni ic’uko dukwiye kwumvira impuhwe abagandariye ababo.

Yezu yari azi ko yagira azure Lazaro. Naho vyari ukwo, yarakoroye amosozi abitumwe n’urukundo be n’impuhwe bigera kure yari afitiye abo bagenzi biwe. Muri ubwo buryo nyene, impuhwe zacu zoshobora gutuma ‘turirana n’abarira.’ (Rom. 12:15) Kugaragaza umubabaro nk’uwo ntivyerekana ko umuntu atizera izuka. Birabereye rero kuba Yezu yaratanze akarorero mu bijanye no kugirira impuhwe abagandaye mu gukorora amosozi ata buryarya naho nyene yagira azure Lazaro.