Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

Imana irumviriza abantu bo mu mahanga yose. (Zaburi 145:18, 19) Ijambo ryayo Bibiliya riraturemesha kuyibwira ibituraje ishinga vyose. (Abafilipi 4:6, 7) Ariko rero, hariho amasengesho adahimbara Imana. Nk’akarorero, gusubiramwo amasengesho umuntu yafashe ku mutwe ntibiyihimbara.—Soma Matayo 6:7.

Vyongeye, Yehova aranka amasengesho y’abantu barenga n’ibigirankana kw’itegeko ryiwe. (Imigani 28:9) Nk’akarorero, mu bihe vya Bibiliya, Imana yaranse kwumviriza Abisirayeli bagirwa n’ubwicanyi. Biragaragara rero yuko hari ibintu dutegerezwa gushitsa nimba twipfuza ko Imana itwumviriza.—Soma Yesaya 1:15.

Twokora iki kugira ngo Imana itwumvirize?

Ntidushobora kwiyegereza Imana mw’isengesho tutagira ukwizera. (Yakobo 1:5, 6) Dutegerezwa kwemera ko ibaho be n’uko itwitwararika. Turashobora gukomeza ukwizera kwacu mu kwiga Bibiliya, kuko ukwizera nyakuri gushingiye ku bimenyamenya be n’imihango biri mw’Ijambo ry’Imana.—Soma Abaheburayo 11:1, 6.

Dukwiye gusenga twicishije bugufi kandi tukavuga ibivuye ku mutima. N’Umwana w’Imana, Yezu, yaricisha bugufi mu gusenga. (Luka 22:41, 42) Aho kubwira rero Imana ivyo yokora, dukwiye kurondera gutahura ivyo idusaba mu gusoma Bibiliya. Aho ni ho twosenga duhuza n’ukugomba kw’Imana.—Soma 1 Yohani 5:14.