Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari? (Igice ca 1)

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari? (Igice ca 1)

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Karoli yagendeye umugabo twise Yohani.

‘GUMA URONDERA’ UGUTAHURA

Karoli: Yoha, ndahimbarwa n’ukuntu duhora tuyaga kuri Bibiliya. * Igihe duheruka kuyaga, warambajije ikibazo kijanye n’Ubwami bw’Imana. Wambajije uti: ‘Kubera iki muvuga ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914?’

Yohani: Egome, igihe nariko ndasoma kimwe mu bitabu vyanyu, nabonye kivuga ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914. Ivyo vyatumye nipfuza kumenya igituma, kubera muvuga ko ivyo mwemera vyose bishingiye kuri Bibiliya.

Karoli: Ni vyo.

Yohani: Ndamaze gusoma Bibiliya yose, ariko sindabona umurongo uvuga ivy’uwo mwaka wa 1914. Naragize n’ubushakashatsi mu zindi Bibiliya, ariko nta na hamwe nabonye uwo mwaka.

Karoli: Uri uwo gukezwa Yoha! Ubwa mbere, warasomye Bibiliya yose. Emwe, urakunda Ijambo ry’Imana vy’ukuri.

Yohani: Kurikunda gusa? None ko ata kindi gitabu kimeze nka yo!

Karoli: Uvuze ukuri nk’ukurima. Ikindi gituma ngukeza ni uko warondereye muri Bibiliya inyishu y’ikibazo cawe. Ivyo nyene ni vyo Bibiliya ituremesha kugira. Itubwira ngo ‘tugume turondera’ ugutahura. * Ni vyiza kubona nawe uriko urabigira.

Yohani: Urakoze. Erega umuntu ni uwoguma yiga. Naragize n’ubushakashatsi muri iki gitabu dukoresha mu kwiga, maze nubuka ku makuru ajanye n’uwo mwaka wa 1914. Ayo makuru avuga ibijanye n’indoto umwami umwe yarose ijanye n’igiti ciciwe maze kirasubira gukura, ibintu nk’ivyo.

Karoli: Ego, iyo nkuru ndayibuka. Ni inkuru dusanga mu kigabane ca 4 co muri Daniyeli. Ivuga ibijanye n’indoto Nebukadinezari umwami wa Babiloni yarose.

Yohani: Asha, ni iyo. Iyo nkuru narayisomye incuro n’izindi. Ariko mvugishije ukuri, simbona isano ifitaniye n’Ubwami bw’Imana be n’umwaka wa 1914.

Karoli: Erega Yoha, mu bisanzwe na Daniyeli ubwiwe ntiyatahura ibintu vyose Imana yamubwiye kwandika!

Yohani: Utabesha?

Karoli: Oya simbeshe. Muri Daniyeli 12:8, Daniyeli avuga ati: “Nayo jewe, ndumva, ariko sinategera.”

Yohani: Numva ndi mu bandi. Ndaremye.

Karoli: Mu bisanzwe, Daniyeli ntiyabitahuye kubera ko kitari co gihe Imana yashaka ko abantu batahura neza ibintu vyerekeye kazoza bivugwa mu  gitabu ca Daniyeli. Ariko muri iki gihe turashobora gutahura neza ivyo bintu.

Yohani: Kubera iki?

Karoli: Raba ibivugwa mu murongo ukurikira. Muri Daniyeli 12:9 havuga hati: “Aya majambo yagizwe akabanga kandi [a]bikwa nk’ayadomweko ikidodo gushika mu gihe c’iherezo.” Mu “gihe c’iherezo” ni ho abantu botahuye ivyo bintu vyerekeye kazoza bivugwa mu gitabu ca Daniyeli. Nk’uko tuzohava tuvyiga, ibimenyamenya birerekana ko ubu tubayeho muri ico gihe. *

Yohani: None ubona wonsigurira ivyo bintu Daniyeli yanditse?

Karoli: Reka ngerageze.

IVYO NEBUKADINEZARI YAROSE

Karoli: Reka mbanze ndakubwire muri make ivyo Umwami Nebukadinezari yarose. Hanyuma turaza kubona ico bisobanura.

Yohani: Jako.

Karoli: Umwami Nebukadinezari yarabonye igiti amahero cashika kw’ijuru. Maze yumva umumarayika w’Imana ategeka ngo bicire ico giti ariko igishitsi caco ntikirandurwe. Ariko ico giti cosubiye gukura haciye “ibihe indwi.” * Ubwa mbere, iyo ndoto yarangukiye kuri uwo mwami akomeye yagereranywa n’ico giti cashika kw’ijuru. Ico giti ciciwe igihe uwo mwami yamara “ibihe indwi” avuye ku ngoma. Woba wibuka ingene vyagenze?

Yohani: Nta vyo nibuka.

Karoli: Nta ngorane. Bibiliya yerekana yuko Nebukadinezari yamaze ibihe indwi, ni ukuvuga imyaka indwi, ari umusazi. Muri ico gihe cose, ntiyashobora kuganza. Ariko ivyo bihe indwi bimaze kurangira, ubwenge bwaragarutse maze arasubira ku ngoma. *

Yohani: Ivyo vyose umbwiye ndavyumva. Ariko simbona isano bifitaniye n’Ubwami bw’Imana be n’umwaka wa 1914.

Karoli: Muri make, ivyo bintu Daniyeli yanditse vyarangutse mu buryo bubiri. Vyarangutse ubwa mbere igihe Umwami Nebukadinezari yamara igihe atari ku ngoma. Iranguka rigira kabiri ryabaye igihe ubutegetsi bw’Imana bwamara igihe budategeka kw’isi. Iryo ranguka rya kabiri ni ryo rero rijanye n’Ubwami bw’Imana.

Yohani: None ubwirwa n’iki ko ivyo bintu Daniyeli yanditse bifise iranguka rya kabiri rijanye n’Ubwami bw’Imana?

Karoli: Ikimenyamenya ca mbere tugisanga muri ivyo bintu nyene Daniyeli yanditse. Muri Daniyeli 4:17 herekana ko Imana yamenyesheje ivyo bintu vyobaye muri kazoza “kugira ngo abantu bariho bamenye ko Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu.” Woba wabonye amajambo avuga ngo “ubwami bw’abantu”?

Yohani: Ego, umurongo uvuga ko “Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu.”

Karoli: Ego cane. None wibaza ko “Musumbavyose” ari nde?

Yohani: Nibaza ko ari Imana.

Karoli: Neza cane. Ivyo bica bitwereka ko ivyo bintu menyeshakazoza Imana yavuze biterekeye gusa Nebukadinezari. Birerekeye n’ubutegetsi Imana ifise ku muryango w’abantu kubera ko havuze ko Musumbavyose ari we Mutware mu “bwami bw’abantu.” Ivyo dushobora kubitahura turavye ibivugwa mu bindi bigabane vy’igitabu ca Daniyeli.

Yohani: Ushatse kuvuga iki?

IKINTU IGITABU CA DANIYELI GISHIMIKAKO

Karoli: Hari ikintu kimwe igitabu ca Daniyeli kiguma gishimikako. Ico gitabu kiguma gishimika ku gushingwa kw’Ubwami bw’Imana burongowe n’Umwana wayo Yezu. Nk’akarorero, reka dusubire inyuma ibigabane bikeyi. Ubona wosoma Daniyeli 2:44?

 Yohani: Egome. Havuga hati: “Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”

Karoli: Urakoze. Woba wibaza ko uyu murongo uvuga ibijanye n’Ubwami bw’Imana?

Yohani: Sha, sinzi.

Karoli: Uwo murongo uvuga ko ubwo Bwami “buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” Twokwitega ko Ubwami bw’Imana buhangama ibihe vyose. Ariko twoba twovyitega ku ntwaro z’abantu?

Yohani: Sinibaza.

Karoli: Ehe raba ibindi bintu menyeshakazoza igitabu ca Daniyeli cavuze ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Tubisanga muri Daniyeli 7:13, 14. Ku bijanye n’umwami yokwimitswe muri kazoza, havuze hati: “Ahabwa ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa.” Hoba hari ikintu cavuzwemwo kijanye n’ivyo turiko turayaga?

Yohani: Nabonye havuga ibijanye n’ubwami.

Karoli: Ni vyo. Kandi si ubwami ubwo ari bwo bwose. Havuga yuko ubwo Bwami bwoganje “ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose.” Mu yandi majambo rero, bwoganje isi yose.

Yohani: Uzi ko ari vyo ga nani! Sinari nabonye ko ico ari co bisobanura.

Karoli: Havuga kandi hati: “Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa.” Ubona bidasa n’ivyo twasomye muri Daniyeli 2:44?

Yohani: Emwe, birasa.

Karoli: Reka rero dusubiremwo gatoyi ivyo tumaze kuyaga. Imana yaravuze ibintu menyeshakazoza biri muri Daniyeli ikigabane ca 4 kugira ngo abantu bamenye yuko “Musumbavyose ari we Mutware mu bwami bw’abantu.” Ivyo vyonyene biratwereka yuko ivyo bintu bifise iranguka rihambaye kuruta ivyashikiye Nebukadinezari. Kandi mu gitabu cose ca Daniyeli haravugwa ibijanye n’ugushingwa kw’Ubwami bw’Imana burongowe n’Umwana wayo. Woba wibaza ko twoba twihenze tuvuze ko ivyo bintu menyeshakazoza dusoma mu gitabu ca Daniyeli ikigabane ca 4 bifitaniye isano n’Ubwami bw’Imana?

Yohani: Ntitwoba twihenze. Ariko sindabona ibijanye n’umwaka wa 1914.

“IBIHE INDWI BIGIKURAKURANIRWEKO”

Karoli: Reka tugaruke ku Mwami Nebukadinezari. Niwibuke yuko ca giti camara ibihe indwi ciciwe cagereranya Nebukadinezari. Uwo mwami yarabaye umusazi amara ibihe indwi atari ku ngoma. Ivyo bihe indwi vyarangiye igihe ubwenge bwagaruka maze agasubira ku ngoma. Ku bijanye n’iranguka rigira kabiri, ubutegetsi bw’Imana kw’isi bwomaze igihe kanaka buhagaze. Ariko ntivyari kuba bisobanura ko Imana vyayinaniye gutegeka.

Yohani: Ushatse kuvuga iki?

Karoli: Mu bihe vya kera, abami bose ba Isirayeli batwara bari i Yeruzalemu, vyavugwa ko bicaye ku “ntebe y’ubwami ya Yehova.” * Ivyo vyasobanura  ko baserukira Imana mu gutwara abantu bayo. Rero ubutegetsi bw’abo bami bwaserukira ubutegetsi bw’Imana. Ariko rero, benshi muri abo bami baratanguye kutumvira Imana, bituma benshi mu bo batwara bigana akarorero kabo kabi. Ukwo kutumvira Imana kwatumye ireka Abanyababiloni barigarurira Yeruzalemu mu 607 Imbere ya Kristu. Kuva ico gihe, nta bami basubiye guserukira Yehova i Yeruzalemu. Muri ubwo buryo rero, ubutegetsi bw’Imana bwari buhagaze. Turi kumwe?

Yohani: Turi kumwe.

Karoli: Vya bihe indwi ubutegetsi bw’Imana bwari kumara buhagaze, vyatanguye rero mu 607 Imbere ya Kristu. Ivyo bihe indwi bimaze kurangira, Imana yokwimitse umwami mushasha ayiserukira, ariko ico gihe hoho akaba yobaye ari uwo mw’ijuru. Vya bintu menyeshakazoza twasomye mu bindi bigabane vy’igitabu ca Daniyeli, vyobaye rero birangutse. Ikibazo rero gihambaye gisigaye ni iki: None ivyo bihe indwi vyarangiye ryari? Nitwishura ico kibazo, duca tumenya igihe Ubwami bw’Imana bwatangura kuganza.

Yohani: Aaaa, ndabitahuye! Ubwo ivyo bihe indwi ntivyarangiye mu 1914?

Karoli: Urarashe!

Yohani: None ivyo tuvyemezwa n’iki?

Karoli: Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ko ivyo bihe indwi bitari bwarangire. * Uca wumva rero yuko ico kiringo cari kirekire cane. Ico kiringo catanguye imyaka amajana imbere y’uko Yezu aza ng’aha kw’isi, kirabandanya gushika igihe kanaka amaze gusubira mw’ijuru. Uribuka kandi yuko vya bintu menyeshakazoza twasoma muri Daniyeli vyotahuwe neza mu “gihe c’iherezo.” * Mu mpera z’imyaka ya 1800, hari abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete batanguye kwihweza bitonze ibijanye n’ivyo bihe indwi be n’ibindi bintu menyeshakazoza. Baratanguye gutahura ko ivyo bihe indwi vyorangiye mu 1914. Ibintu bihambaye vyabaye kw’isi kuva mu 1914, vyarerekanye ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mw’ijuru muri uwo mwaka. Ico gihe ni ho isi yashika mu misi yayo ya nyuma, ni ukuvuga mu gihe c’iherezo. Gushika aha Yoha, nibaza ko tuyaze ibintu vyinshi.

Yohani: Egome. Ndakeneye gufata akandi kanya ko gusoma ayo makuru kugira ndayatahure neza.

Karoli: Ntugire ikibazo. Naje vyarantwaye igihe kugira ndabitahure. Ariko nibaza ko n’imiburiburi iki kiyago cagufashije kubona ko ivyo Ivyabona vya Yehova bemera ku bijanye n’Ubwami bw’Imana bishingiye kuri Bibiliya.

Yohani: Ukwo ni ukuri. Kandi ndashima cane ukuntu ivyo mwemera mubishingira kuri Bibiliya.

Karoli: Ndabona ko nawe ari co wipfuza. Nk’uko nari ndabivuze, ivyo tuyaze ni vyinshi. Ushobora kuba igifise ibindi bibazo. Nk’akarorero, twabonye ko vya bihe indwi bifitaniye isano n’Ubwami bw’Imana kandi ko vyatanguye mu 607 Imbere ya Kristu. Ariko ni igiki vy’ukuri kitwemeza yuko ivyo bihe indwi vyarangiye mu 1914? *

Yohani: Emwe, ndakeneye inyishu y’ico kibazo.

Karoli: Bibiliya ubwayo iradufasha kumenya ukuntu ivyo bihe indwi bireha. Ubona ico kibazo twokiyaga ubutaha? *

Yohani: Asha, uzoze.

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ par. 5 Ivyabona vya Yehova barigisha abantu Bibiliya ku buntu. Akenshi babigira mu kuganira ku kibazo kimwekimwe ukwaco.

^ par. 63 Ku bijanye n’ibintu vyobaye mu misi ya nyuma, Yezu yavuze ati: “Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe vy’amahanga birangutse.” (Luka 21:24) Duca tubona rero yuko mu gihe ca Yezu, ubutegetsi bw’Imana bwaserukirwa n’abami batwara bari i Yeruzalemu butari bwasubireho. Kandi ivyo vyobandanije gushika mu gihe c’iherezo.

^ par. 67 Raba ikiganiro kivuga ngo “1914 ni umwaka udasanzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

^ par. 69 Ikiganiro nk’iki c’ubutaha kizokwerekana imirongo yo muri Bibiliya idufasha kumenya ukuntu ivyo bihe indwi vyareha.