Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?

Amahera bakoresha ava he?

Amahera bakoresha ava he?

Buri mwaka, turasohora tukongera tugaha abantu Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo bigera ku mamiliyoni amajana. Turubaka tukongera tukitwararika ibiro bikurubikuru n’amacapuriro hirya no hino kw’isi. Amashengero ibihumbi mirongo arakoranira mu bibanza vyo gusengeramwo bibayabaye mugabo vyiza bita Ingoro z’Ubwami. None amahera yo gukora ivyo vyose ava he?

Amahera yose dukoresha ava mu ntererano zitangwa n’abavyishakiye. (2 Abakorinto 9:7) Mu 1879, inomero igira kabiri y’iki kinyamakuru yavuze iti: “Twemera ko ‘Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni’ [uko ni ko iki kinyamakuru citwa ico gihe] ushigikiwe na YEHOVA, kandi magingo akiwushigikiye ntuzokwigera usaba abantu canke ubatakambira ngo bawufashe.” N’ubu ni ko bikimeze.

Intererano zirarungikwa ku biro bikuru vyo mu gihugu canke zigashirwa mu dusandugu tuba turi mu Ngoro z’Ubwami. Mugabo ntitwigera dusaba ikigiracumi, dutoza imperezwa, canke ngo turihishe abantu kubera ivyo tubakorera canke ibitabu tubaha. Ntiduhembwa kubera igikorwa dukora co kwamamaza, kwigisha mw’ishengero canke kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo. Nakare Yezu yavuze ati: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.” (Matayo 10:8) Abakorera ku biro bikurubikuru bose no ku cicaro gikuru, harimwo n’abagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, ntibahembwa.

“Mu bikorwa vyose Ivyabona vya Yehova bakora, intererano zitangwa n’abavyishakiye, umwe wese agatanga ‘intererano’ ashatse kandi akazitanga igihe abishatse.”—Vyavuzwe na Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu mu 2011

Intererano zitangwa zirakoreshwa kandi mu gutabara abashikiwe n’ivyago. Abakirisu bo mu ntango barahimbarwa no gufasha abashikiwe n’ingorane. (Abaroma 15:26) Na twebwe turafasha abashikiwe n’ingorane mu kububakira amazu n’ibibanza vyo gusengeramwo no mu kubaronsa ibifungurwa, ivyambarwa be n’imiti.