Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Nararonse ikintu kiruta kuba rurangiranwa

Nararonse ikintu kiruta kuba rurangiranwa

Mw’ijoro rimwe gusa ubuzima bwanje bwarahindutse bikomeye. Hari mu 1984. Nahora ndi umwigeme asanzwe mugabo ico gihe narabaye rurangiranwa. Nabaye uwa mbere mw’ihiganwa ry’abakobwa beza muri Hong Kong. Amafoto yanje yarashirwa mu binyamakuru. Nararirimba, ngatamba, nkavugira imbere y’abantu, ngatanga ibiganiro kuri televiziyo, nkambara impuzu nzizanziza kandi kenshi naba ndi kumwe n’abantu bakomakomeye, nka buramatari wa Hong Kong.

Mu mwaka wakurikiye naratanguye gukina amasinema, akenshi nkaba nari umukinyi nyamukuru. Abanditsi barashaka kumenya inkuru yanje, abafotora bagashaka kumfotora, abandi na bo bagashaka ko aba ari ho ndi mu birori vyo kwinjira canke gutanguza ibintu bishasha canke gusangira na bo. Ni je nari ngezweho.

Ndiko ndakina isinema y’indwano

Ariko rero nahavuye mbona ko ivyo vyose bitari biryoshe nk’uko navyibaza. Akenshi nakina amasinema y’indwano kandi ivyo vyari biteye akaga. Mu buryo butandukanye n’amasinema yo muri Amerika, akenshi abakinyi bo muri Hong Kong ni bo bikinira uruhara rwabo, akaba ari co gituma ari je nikinira ibice vy’isinema wasanga biteye akaga cane nko gutwarira imoto hejuru y’umuduga. Amasinema menshi nakinye yari ay’ubuhumbu n’indwano. Hari n’ayaba arimwo ivy’amadayimoni.

Mu 1995 narubakanye n’umuhinga mu vyo gutunganya amasinema. Naho nasa n’uwufise ibintu vyotuma mpimbarwa, nko kuba rurangiranwa, ubutunzi n’umugabo ankunda, nari mfise intuntu n’umubabaro. Naciye mpeba gukina amasinema.

NIBUKA UKWIZERA NARI MFISE NKIRI MUTO

Naributse ukwizera nari mfise igihe nari nkiri muto. Imisi yose ya gatandatu, twe na mukuru wanje twaraja gutemberera umuryango w’Ivyabona vya Yehova. Serugo ari we Joe McGrath, yaratwigisha Bibiliya turi kumwe n’abakobwa biwe batatu. Umuryango wabo warimwo urukundo n’igishika kandi serugo yafatana icubahiro umugore wiwe n’abana biwe. Narakunda cane kujana na bo gusenga. Rimwe na rimwe twarajana no mu bikorane. Vyari ibihe biteye umunezero koko. Narumva nisanze ndi kumwe n’Ivyabona.

Mugabo mu muryango iwacu ibintu ntivyari vyifashe neza na gato. Ingeso za dawe zaratuntuje cane mawe gushika n’aho arwara akabonge. Igihe nari mfise nk’imyaka cumi, mawe yarahevye kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Jewe narabandanije nabinabi nca mbatizwa mfise imyaka 17. Ariko gato inyuma y’aho, naradukanye ingeso zitabereye abakirisu maze ndakurwa mw’ishengero.

NAHISEMWO KUGARUKA KURI YEHOVA

Inyuma gatoyi y’ubugeni bwacu, abakurambere babiri bo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho twaba baraje kungendera. Baranyeretse ingene nogaruka kuri Yehova Imana maze barandungikira umumisiyonari yitwa Cindy yobimfashamwo. Ico gihe hari vyinshi ntari ncemera mu vy’Imana akaba ari co gituma nasavye Cindy ngo anyereke ikimenyamenya c’uko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana vy’ukuri. Yaranyeretse ibintu vyari vyarabuwe muri Bibiliya vyarangutse. Twahavuye tuba abagenzi somambike. Yaransavye ngo anyigishe ibintu vy’ishimikiro vyo muri Bibiliya kandi naravyemeye. Naza natahura ko Yehova ari Imana y’urukundo kandi ko ashaka yuko mpimbarwa vy’ukuri.

Igihe nasubira kuja gusenga mu Vyabona, nararyoherwa cane no kwifatanya na bo gusumba uko naryoherwa ndi kumwe n’abo twakorana mu vy’amasinema. Ariko ivyo naciyemwo nkiri muto vyatumye ntashobora kwizigira umuntu n’umwe kandi na jewe ubwanje nabona ko ata co maze. Umwe mu Vyabona vya Yehova twari kumwe mw’ishengero, akoresheje Bibiliya yaranyeretse ingene notorera umuti iyo ngorane, kandi narize kurondera abagenzi beza.

IKINTU CIZA KURUTA KUBA RURANGIRANWA

Mu 1997 twe n’umugabo wanje twarimukiye i Hollywood, muri leta ya Kaliforniya muri Amerika. Nararushirije gufasha abantu kwungukira kw’Ijambo ry’Imana. Kwigisha Bibiliya vyaratumye ngira umunezero mwinshi uruta uwo nari mfise nkiri rurangiranwa mu vyo gukina amasinema. Nk’akarorero mu 2002, narahuye na Cheri tukaba twari tuzinanye kera muri Hong Kong. Ivyo twaciyemwo vyinshi vyarasa. Yabaye uwa mbere muri rya higanwa ry’abakobwa beza mu 1983, jewe ndamuba mu 1984. Mbere igihe naba uwa mbere ni we yanyambitse urugori. Yarabaye umukinyi w’amasinema mu nyuma araba umuhinga mu vyo kuyatunganya. Yarakoranye n’abayobozi mu vy’amasinema bazwi cane. Na we nyene yari yarimukiye i Hollywood.

Naragize ikigongwe cinshi igihe namenya ko Cheri yabuze umuhungu bari bimirije kwubakana ahitanywe n’indwara y’umutima yamufashe giturumbuka. Idini yarimwo ry’ababuda, ntiryigeze rimuhumuriza. Na we nyene yari yararonse ivyo abandi bahahamira araba rurangiranwa, ariko ntiyari ahimbawe na gato kandi ntiyashobora kwizigira umuntu n’umwe. Naratanguye kumubwira ivyo nize muri Bibiliya ariko kubera yakuriye mw’idini ry’ababuda vyaramugoye kubitahura.

Umugenzi wanje Cheri ari mu mwambaro wo gukina isinema

Umusi umwe mu 2003 Cheri yaranterefonye ari i Vancouver, muri Kanada, aho yariko arategurira isinema. Yambwiye anezerewe cane ko yariko atwara imodoka atamarira ubwiza bwo mu gihugu hagati aca atangura gusenga n’ijwi ryumvikana ati: “Mbwira Mana, Imana y’ukuri ni nde? Witwa nde?” Muri uwo mwanya nyene yaraciye hafi y’Ingoro y’Ubwami aca abona izina Yehova. Yabonye ko ari Imana imwishuye aca ashaka kubonana n’Ivyabona vya Yehova vuba bishoboka. Narabimufashijemwo kandi haciye imisi mikeyi yaragiye gusenga mu Vyabona mw’ishengero ry’igishinwa riri i Vancouver.

Mu nyuma Cheri yambwiye ati: “Aba bantu baranyitwararika vy’ukuri. Ndashobora kubabwira uko niyumva.” Naranezerewe cane kwumva ambwiye ukwo kubera ko akigira ivy’amasinema atigera agira abagenzi. Cheri yarabandanije kwitaba amakoraniro mu Vyabona. Ariko mu 2005 yarasinye amasezerano yo gutunganya isinema zibiri ndende mu Bushinwa, bica biba ngombwa rero ko asubira muri Hong Kong. Ikinezereye, mu 2006 Cheri yareguriye ubuzima bwiwe Yehova arabatizwa mu gikorane c’Ivyabona cabereye i Hong Kong. Naho yashaka gukorera cane Yehova, akazi kajanye n’ivy’amasinema yakora ntikamworohereza kandi ntiyari ahimbawe.

NDAHIMBARWA NO GUFASHA ABANDI

Mu 2009 ivya Cheri vyarahindutse cane. Yarahevye ka kazi yakora mu vy’amasinema kugira akorere Yehova bimwe bishitse. Yararondeye abandi bagenzi benshi mu Vyabona. Yaratanguye kuza aramara umwanya munini yamamaza inkuru nziza y’Ubwami kandi yarahimbarwa cane no gufasha abandi kumenya ingene bobaho mu buryo bwiza.Matayo 24:14.

Cheri yaratanguye kwiga ururimi rw’ikinepale kugira ngo afashe umugwi w’Ivyabona watera wongerekana wakoresha urwo rurimi i Hong Kong. Mwomenya ko abantu bo muri Hong Kong binuba cane canke bagakengera Abanyanepale babayo kubera bavuga icongereza gike be n’igishinwa gike, imigenzo yabo na yo ikaba itandukanye n’iyabo. Cheri yarambwiye ingene vyamuhimbara cane kwigisha Bibiliya abo bantu. Nk’akarorero, umusi umwe yariko aramamaza inzu ku nzu ahura n’umugore w’Umunyanepale ata vyinshi yari azi ku vyerekeye Yezu kandi akaba ata na kimwe yari azi ku bijanye n’Imana y’ukuri Yehova. Cheri akoresheje Bibiliya yaramweretse ko Yezu yasenga Se wiwe wo mw’ijuru. Igihe uwo mugore yamenya ko ashobora gusenga Imana y’ukuri yitwa Yehova, yarakiriye inkuru nziza n’umutima wiwe wose. Budakeye na kabiri, umugabo wiwe n’umukobwa wiwe na bo nyene baratanguye kwiga Bibiliya.Zaburi 83:18; Luka 22:41, 42.

Cheri muri iki gihe

Igihe nabona ukuntu Cheri ahimbarwa cane no kumara umwanya munini yamamaza, naribajije nti: ‘Jeho kuki? Ni igiki kimbuza kumwigana?’ Ico gihe nanje naba i Hong Kong. Narahinduye uko ivyanje vyifashe kugira ngo nongereze umwanya mara nigisha abantu ukuri kwo muri Bibiliya. Nasanze kwumviriza abantu no kubafasha gutahura Ijambo ry’Imana bituma ngira umunezero nyakuri.

Nasanze kwumviriza abantu no kubafasha gutahura Ijambo ry’Imana bituma ngira umunezero nyakuri

Nk’akarorero narigishije Bibiliya umugore umwe wo muri Viyetinamu yamana intuntu n’amarira. Ubu aranezerewe cane kandi araryoherwa no kwifatanya n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova.

Twe na Cheri twarubuye ikintu ciza cane kuruta kure n’iyo kuba rurangiranwa. Naho guhingura amasinema vyatunezera kandi bigatuma tumenyekana, kwigisha abantu ivyerekeye Yehova Imana biraduhimbara cane kubera ko bituma aninahazwa. Twariboneye ko aya majambo ya Yezu ari ay’ukuri. Yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”Ivyakozwe 20:35.