Ni nde vy’ukuri aganza isi?
Wiyumvira ko ari . . .
-
Imana?
-
abantu?
-
ikindi kintu?
IVYO BIBILIYA IVUGA
“Isi yose iganzwa na wa Mubi.”
Ubwuzure Bushasha. “Umwana w’Imana yaje . . . kugira ngo asambure igikorwa ca Shetani.”
ICO VYOKUMARIRA
Uratahura igituma mw’isi hari ingorane.
Uragira imvo yo kwemera ko iyi si izohinduka ikamera neza.
TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?
Egome, kubera n’imiburiburi imvo zitatu:
-
Ubutegetsi bwa Shetani bugiye kuvaho. Yehova yiyemeje gukuraho ububasha Shetani afise ku bantu. Asezerana ‘guhindura ubusa Shetani’ no gukuraho amabi yose yateje.
—Abaheburayo 2:14, Bibiliya y’isi nshasha. -
Imana yaratoye Yezu Kristu ngo azotegeke isi. Yezu aratandukanye rwose n’uwo mutegetsi w’imburakigongwe kandi w’umwikunzi aganza iyi si muri iki gihe. Ku bijanye n’Ubwami bwa Yezu, Imana isezerana iti: “Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo . . . Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”
—Zaburi 72:13, 14. -
Imana ntishobora kubesha. Bibiliya itomora iti: ‘Ntibishoboka ko Imana ibesha.’ (Abaheburayo 6:18) Igihe Yehova asezeranye gukora ikintu, ni nk’aho aba yamaze kugikora! (Yesaya 55:10, 11) “Umutware w’iyi si agira atabwe hanze.”
—Yohani 12:31.
ZIRIKANA KURI IBI BINTU
Ibintu bizoba vyifashe gute kw’isi umutware wayo niyakurwaho?
Bibiliya irishura ico kibazo muri ZABURI 37:10, 11 no mu VYAHISHUWE 21:3, 4.