Ubona gute kazoza?
Iyi si yoba . . .
-
izoguma gutya?
-
izorushiriza kumera nabi?
-
izomera neza?
IVYO BIBILIYA IVUGA
“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:3, 4, Bibiliya y’isi nshasha.
ICO VYOKUMARIRA
Uzogira igikorwa c’ingirakamaro kandi gishimishije.—Yesaya 65:21-23.
Ntuzosubira kurwara canke gushikirwa n’imibabaro iyo ari yo yose.—Yesaya 25:8; 33:24.
Uzobaho uhimbawe kandi ibihe bidahera uri kumwe n’umuryango be n’abagenzi.—Zaburi 37:11, 29.
TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?
Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:
-
Imana irashoboye gushitsa ivyo yasezeranye. Muri Bibiliya, Yehova Imana ni we wenyene yitwa “Mushoboravyose,” kuko afise ububasha butagira aho bugarukira. (Ivyahishuwe 15:3) Ku bw’ivyo, arashoboye rwose gushitsa ivyo yasezeranye ko azohindura iyi si ikamera neza. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “ku Mana vyose birashoboka.”—Matayo 19:26.
-
Imana iripfuza gushitsa ivyo yasezeranye. Nk’akarorero, Yehova ‘arashashaye’ kuzura abapfuye.—Yobu 14:14, 15.
Bibiliya irerekana kandi yuko Umwana w’Imana ari we Yezu yakijije indwara. Yabitumwe n’iki? Yabitumwe n’uko yabishaka. (Mariko 1:40, 41) Cokimwe na Se wiwe, Yezu yaripfuza gufasha abari n’ivyo bakeneye.—Yohani 14:9.
Turashobora rero kwemera tudakeka ko Yehova na Yezu bashaka kudufasha kuzobaho duhimbawe muri kazoza!—Zaburi 72:12-14; 145:16; 2 Petero 3:9.
ZIRIKANA KURI IBI BINTU
Ni gute Imana izohindura iyi si ikamera neza?
Bibiliya irishura ico kibazo muri MATAYO 6:9, 10 no muri DANIYELI 2:44.