UDUTABU DUTANGA AMAKURU HIRYA NO HINO KW’ISI
Ivyabona vya Yehova babona gute ubuzima bwo mu rugo?
Ivyabona vya Yehova barihatira gushira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga mu miryango yabo, bikagirira akamaro abagabo, abagore n’abana. Ivyo bica bituma babaho batekanye kandi bakundana. Abavyeyi babona ko bafise ibanga rihambaye ryo kwigisha Bibiliya abana babo.