Ja ku birimwo

22 NZERO 2024
Angola

Harasohotse impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu gi Chokwe

Harasohotse impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu gi Chokwe

Itariki 13 Nzero 2024, umuvukanyi Jeffrey Winder, ari mu bagize Inama Nyobozi, yaratangaje ko hasohotse Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu gi Chokwe. Vyatangajwe kw’ikoraniro ridasanzwe ryabereye ku biro vy’ishami i Luanda muri Angola. Abavukanyi na bashiki bacu bitavye iryo koraniro bose hamwe bari 187, ariko hariho n’abandi 353.427 barikurikiranye kuri zoom. Muri abo harimwo abavukanyi n’abadada 1.644 bavuga ururimi rw’igi Chokwe. Benshi mu bitavye iyo programa bararonse ikopi y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Umuntu yarashobora kandi kuvoma iyo mpinduro mu buhinga bwa none.

Muri Angola, Kongo Kinshasa na Zambiya hariyo abantu nk’imiliyoni zitatu bavuga igi Chokwe. Ubu hirya no hino muri Angola, abavukanyi n’abadada 462 bari mu mashengero cumi akoresha ururimi rw’igi Chokwe. Vyongeye, muri Kongo Kinshasa hari abavukanyi na bashiki bacu bari mu mashengero 21 akoresha ururimi rw’iki Chokwe.

Mu nsiguro umuvukanyi Winder yatanze, yarerekanye ko Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki ikoresha izina ry’uruharo ry’Imana Yehova incuro 237. Umuvukanyi umwe yavuze ati: «Mu Baroma 10:13 herekana ko “umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” Ariko rero, impinduro zimwezimwe za Bibiliya mu gi Chokwe ntizerekana neza ico ivyo bisobanura. Ndashashaye gukoresha Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu mu gufasha abantu gutahura igituma bihambaye ko dukoresha izina ry’Imana kugira turokorwe. Ese ukuntu ari ingabire idasanzwe!»

Turizigiye ko Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu gi Chokwe izofasha abantu benshi kumenya ivyerekeye Yehova no kumukunda n’umutima wabo wose n’inkomezi zabo zose.​—Mariko 12:33.