KU WA 18 GITUGUTU 2023
Angola
Igitabu ca Matayo n’ic’Ivyakozwe vyarasohowe mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola
Muri programa idasanzwe yabaye ku wa 23 Nyakanga 2023, umuvukanyi Johannes De Jager, ari muri Komite y’ishami ryo muri Angola, yaratangaje ko igitabu ca Matayo n’ic’Ivyakozwe n’intumwa vyasohotse mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola. Abashika 1.881 ni bo bari bitavye iyo programa mu ngoro y’amateraniro i Luanda muri Angola. Vyarashoboka kandi ko abantu bavoma ivyo bitabu bishasha kuri jw.org no kuri programa ya JW Library mu rurimi rw’ibimenyetso.
Muri Angola hari abaragi bababa 360.000. Ishengero rya mbere ryo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola ryatanguye mu 2010. Ubu, hari abamamaji barenga 1.000 bakoresha ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola bari mu mashengero 37, imigwi 7 n’umugwi w’imfatakibanza.
Ni bwo bwa mbere igitabu co muri Bibiliya gihinduwe mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola. Umuvukanyi umwe amaze kuraba igitabu c’Ivyakozwe, yavuze ati: «Ukuntu bahinduye mu Vyakozwe 8:26-30 igihe Filipo yariko ariruka ngo ashikire wa Munyetiyopiya, vyaramfashije gutahura neza igituma nkeneye kuguma ngira umwete mu gikorwa co mu ndimiro.»
Turizigiye ko ivyo bitabu bibiri vyasohowe mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Angola bizofasha benshi kwibonera ko Yehova abakunda be n’uko ‘abashima.’—Guharura 6:25.