11 NZERO 2024
Armenia
Imyaka cumi iraheze Ivyabona vya Yehova bo muri Armeniya bariko bakora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare
«Gushiraho ibikorwa bisubirira ivya gisirikare yabaye imwe mu ngingo ziranga ubukerebutsi zafashwe na Leta.» Vyavuzwe n’uwuserukira komite ya Republika y’igihugu ku bijanye n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare
Itariki 14 Nzero 2024 ni ho imyaka 10 yahera hatangujwe ibikorwa bisubirira ivya gisirikare muri Armeniya. Iyo ntunganyo yatumye abo ijwi ryabo ryo mu mutima ritemerera gukora ibikorwa vya gisirikare, bagira ico baterereye mu kibano mu kuja mu bikorwa bitandukanye vyo gufasha abandi. Bimwe muri ivyo bikorwa bahabwa harimwo kwubaka, gutunganya ubusitani, ibikorwa vyo gufasha abantu canke ibindi bikorwa. Kuva ivyo bikorwa bisubirira ivya gisirikare bitanguye, Ivyabona vya Yehova barenga 450, bose bakaba ari abavukanyi bakiri bato, barafashe ingingo yo kugira uruhara muri ivyo bikorwa.
Umuvukanyi Samuel Petrosyan, akorera mu vyo gutunganya ubusitani kubera yanse kuja mu bikorwa vya gisirikare, avuga ati: «Ndagerageza gukora uko nshoboye kwose. Nk’akarorero, ndagerageza kurangiza neza ibikorwa nahawe no kuba imvugakuri mu vyo nkora vyose. Ivyo vyatumye abahagarikizi banje bamfata neza kandi bakanyubaha.»
Umuvukanyi Artur Martirosyan yamaze imyaka itatu akora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare mw’ivuriro. Avuga ati: «Narahimbarwa cane no gufasha abantu bafise ivyo bakeneye. Ivyo naciyemwo vyaramfashije kandi kuba umuntu ahumuye. Narize kurushiriza guhuza n’uko ibintu vyifashe, kuvyifatamwo neza mu bintu bishusha umutwe no kuganira neza n’abandi.»
Imbere ya 2014, abavukanyi bacu bakiri bato bo muri Armeniya baraciriwe umunyororo w’ikiringo kirekire kubera ko ijwi ryabo ryo mu mutima ritabemerera kuja mu gisirikare. Hari umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru yagize ico avuze ku vyiza vy’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare muri Armeniya. Yavuze ati: «Mu ntango nararwanya ibikorwa bisubirira ivya gisirikare kuko narazwa ishinga n’umutekano w’igihugu be n’uko bishobora guteza ingorane. . . . Yamara, naratevye ndatahura ko nabona ibintu ukutari kwo. Haciye imyaka itari mike, vyaragaragaye ko . . . Ivyabona vya Yehova badahungabanya umutekano w’igihugu igihe bariko barakora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare. Ahubwo riho, iyo ntunganyo y’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare yatumye bakora cane mu mice itandukanye.»
Umwe mu bagize komite ya republika yitwararika ivyo bikorwa bisubirira ivya gisirikare yavuze kandi ati: «Haraciye imyaka cumi dutanguje ibikorwa bisubirira ivya gisirikare muri Armeniya . . . Tuvugishije ukuri, gushiraho iyo ntunganyo yabaye imwe mu ngingo ziranga ubukerebutsi zafashwe na Leta. Iyo dusuzumye inzego usanga zikorerwamwo ibikorwa bisubirira ivya gisirikare, dusanga abakora ivyo bikorwa bakora cane kandi bahimbawe. Buri mwaka, turaronka amakete menshi y’abantu bakenguruka ukuntu Ivyabona vya Yehova bafasha cane mu kibano igihe bariko barakora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare. Abahagarikiye inzego Ivyabona vya Yehova bakoreramwo ibikorwa bisubirira ivya gisirikare bavuga ko ari bo bakozi beza kuruta abandi.»
Ivyabona vya Yehova bo muri Armeniya barakenguruka kuba baronka akaryo ko kugira ivyo baterereye mu kibano biciye ku bikorwa bisubirira ivya gisirikare, ariko kandi bakaguma baninahaza Yehova biciye ku ‘bikorwa vyabo vyiza.’—1 Petero 2:12.