Ja ku birimwo

26 RUSAMA 2014
Azerbaijan

Ivyabona vya Yehova bo muri Azerbayijani bitura ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu

Ivyabona vya Yehova bo muri Azerbayijani bitura ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu

Hari ku wa mungu mu gitondo bariko barumviriza Ijambo ry’Imana. Mu nzu imwe y’i Baku, muri Azerbayijani, hari hakoraniye abagabo, abagore n’abana bababa 200 bariko barumviriza ikiganiro gishingiye kuri Bibiliya.

Abapolisi barinjiye aho hantu ku nguvu bari kumwe n’abandi bategetsi hamwe n’abamenyeshamakuru bo kuri televiziyo. Uretse ko abo bapolisi batumye ivyo Vyabona vya Yehova batabandanya kwumviriza Ijambo ry’Imana, baranakubise bamwe mu bagabo bari muri iryo koraniro, barasaka aho hantu ata rupapuro rubibahera uruhusha bafise, baratuka abari bahari bongera barabaka ku nguvu amahera, ama orodinateri be n’ibitabu vy’ishengero bishingiye kuri Bibiliya. Abo bapolisi barajanye benshi muri ivyo Vyabona ku kirindiro cabo bongera barabagumana amasaha n’ayandi. Ivyabona batandatu b’abanyamahanga bakorera ngaho baramaze imisi myinshi bapfunzwe mu nyuma baca barabirukana muri ico gihugu. Mu kiganiro co kuri televiziyo cavuzwemwo ivyo bintu vyabaye abamenyeshamakuru baratyoje cane Ivyabona.

Ivyo bintu vyabaye ku wa 24 Kigarama 2006 ni vyo vyabaye intandaro yatumye Ivyabona vya Yehova bitura ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Kuva ico gihe, Ivyabona vya Yehova barashingishije izindi manza 18 muri iyo Sentare zijanye no kuba harahonyanzwe uburenganzira bwo gusenga.

ICATUMYE BITWARA

VYOSE HAMWE

Ibitero vy’abapolisi

5

Kwankirwa gusubira kwemerwa n’amategeko

1

Kubuzwa kuvuga ku mugaragaro ivyo umuntu yemera

2

Gusuzuma ibitabu vyabo

5

Kwirukana abanyamahanga

3

Gusabwa gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima

3

Vyose hamwe

19

Ibirego Leta ya Azerbayijani yarezwe kuri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, gushika ku wa 31 Nzero 2014

Uburorero bukurikira burerekana ingorane zimwezimwe Ivyabona vya Yehova bagira muri Azerbayijani kandi ivyo bikaba ari vyo vyatumye bitura Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

  • Kwankirwa gusubira kwemerwa n’amategeko

    Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova ryemewe n’amategeko ari bwo bwa mbere i Baku ku wa 22 Kigarama 1999, ryongera kwemerwa n’amategeko ku wa 7 Ruhuhuma 2002 na Komite y’igihugu ijejwe gukorana n’amashirahamwe y’ivy’idini. Mu 2009, Leta ya Azerbayijani yarahinduye Itegeko ryerekeye uburenganzira umuntu afise bujanye n’ivyo yemera mu vy’idini maze ica itegeka ko amadini yose yosubira gusaba kwemerwa n’amategeko. Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova ryarabisavye, ariko ya Komite y’igihugu ijejwe gukorana n’amashirahamwe y’ivy’idini iranka yitwaje ko ngo ikete ryo kubisaba ryarimwo utunenge. Naho Leta itahagaritse ivyo bemerewe mu 2002, iranka ko basubira kwemerwa n’iryo tegeko rishasha rigenga amadini.

  • Kubuzwa amahoro no guhamwa n’abapolisi

    Buri ndwi Ivyabona vya Yehova barahurira hamwe mu mazu kanaka kugira ngo bumvirize Ijambo ry’Imana. Incuro nyinshi, abapolisi barinjiye muri izo nzu ku nguvu maze barababuza kubandanya kwumviriza Ijambo ry’Imana, ivyo bakabigira ata ruhusha babifitiye. Barakubaguye ivyo Vyabona, barabatwara ku kirindiro cabo bahamara amasaha n’ayandi bongera barabaka ibitabu bariko barakoresha. Hari Ivyabona batangishijwe amande y’umurengera. Mu 2011, hari Ivyabona batandatu b’i Ganja sentare yakubise intahe mu gahanga ica ibaca amande yose hamwe yababa amadolari y’Abanyamerika 12.000 (nk’amarundi arenga imiliyoni 18) kubera ko ngo bari bagiye kwumviriza Ijambo ry’Imana batabiherewe uruhusha na Leta. Ku wa 11 Nzero no ku wa 2 Ntwarante 2014, ni ho abapolisi baheruka kugaba ibitero ku Vyabona.

  • Gusuzuma ibitabu

    Leta ya Azerbayijani ni yo Leta yonyene mu zigize Inama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya * yashizeho itegeko ryo gusuzuma ku nguvu ibitabu vy’idini, aho ikaba ihonyanze ibwirizwa nshingiro ryayo. * Ibitabu vy’Ivyabona bishingiye kuri Bibiliya bivuye mu yandi ma Leta agize iyo Nama y’Abanyaburaya birashika bakabigabanya canke bahejeje kubisuzuma bagaca babuza ko bikoreshwa. Mu bitabu vyabujijwe harimwo inomero zimwezimwe z’Umunara w’Inderetsi, ico kikaba ari ikinyamakuru gisohorwa n’Ivyabona kabiri mu kwezi. * Amasentare yo muri Azerbayijani yaranse kwakira ibirego Ivyabona bari bareze ya Komite y’igihugu ijejwe gukorana n’amashirahamwe y’ivy’idini yuko isuzuma ibitabu vyabo.

Ibindi bihugu birakurikiranira hafi ingene Leta ya Azerbayijani ifata amadini

Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu yarasuzumye yongera aragira ico avuze kw’itegeko ryo muri Azerbayijani rigenga amadini be no ku kuntu ico gihugu gifata amadini.

  • Raporo yo mu 2013 yasohowe n’Umugwi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ujejwe umwidegemvyo w’amadini yo kw’isi yose igira iti: “Naho Leta ya Azerbayijani ivuga ko ata bo ihora ivyiyumviro vyabo, nta mwidegemvyo mu vy’ugusenga uhari, na canecane inyuma yaho hashingiwe rya tegeko rigenga amadini ryo mu 2009 rizitira abantu.”

  • Raporo yasohowe n’Umugwi w’Abanyaburaya ujejwe kurwanya amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba no kurwanya ivyo guhora abandi ivyiyumviro vyabo yarerekanye amakenga ahari ku bijanye n’ingingo zitorohereza amadini. Ku vyerekeye itegeko rigenga amadini ryo muri Azerbayijani, iyo raporo yavuze iti: “Umugwi w’Abanyaburaya ujejwe kurwanya amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba no kurwanya ivyo guhora abandi ivyiyumviro vyabo urasaba ushimitse ko iryo tegeko . . . borihuza n’ibisabwa muri ya Masezerano y’Abanyaburaya ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.”

  • Umugwi w’Inama y’Abanyaburaya w’i Venise warasohoye urutonde rw’ivyohinduka muri rya Tegeko ryerekeye uburenganzira umuntu afise bujanye n’ivyo yemera mu vy’idini rya Azerbayijani. Wavuze uti: “Iryo tegeko ririmwo ingingo nyinshi zitorohereza abantu ziteye kubiri n’ingingo ngenderwako mpuzamakungu. . . . Ingingo zijanye n’ibibazo vy’inkoramutima zirakwiye gusubira kwihwezwa; nk’izijanye n’iryo tegeko ryose be n’uturusho tuva ku burenganzira umuntu afise bwo kwidegemvya mu vy’idini no gufata ingingo zihuye n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, ivyo gusaba kwemerwa imbere y’amategeko, ukwigenga kw’amadini be no guhagarika amashirahamwe y’ivy’idini; kwanka kuja mu gisoda umuntu yisunze ijwi ryo mu mutima, ibijanye no guhindura idini hamwe no gukwiragiza ibitabu bishingiye kw’idini.”

Umwidegemvyo uhabwa agaciro

Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose baraha agaciro cane umwidegemvyo wo kuvuga ivyo bemera, gukoranira hamwe, kwifatanya n’abandi, kwubahiriza ijwi ryabo ryo mu mutima be no gusenga. Barashimira cane amaleta abaha uwo mwidegemvyo. Umugwi mutoyi ugizwe n’Ivyabona 2.500 be n’abandi bifatanya na bo mu gusenga bo muri Azerbayijani barizigiye ko umusi uri izina bazoronka uwo mwidegemvyo abo mu yandi madini muri ico gihugu bafise.

^ ing. 28 Leta ya Azerbayijani yinjiye mu Nama mpanuzwajambo y’Abanyaburaya ku wa 25 Nzero 2001.

^ ing. 28 Ingingo ya 48 irerekana ko umuntu afise umwidegemvyo wo gusenga kandi ingingo ya 50 na yo irabuza ivyo gusuzuma ibimenyeshamakuru.

^ ing. 28 Buri kwezi Ivyabona vya Yehova barasohora integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi; ico kinyamakuru baragiha abantu kugira ngo kibafashe kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Mu vyo bakoresha mu kwiga Bibiliya buri ndwi mu mashengero yabo harimwo integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gisohorwa mu ndimi zirenga 200, hakaba hakwiragwizwa amakopi yababa 60.000.000 buri kwezi; ni co kinyamakuru gikwiragizwa kuruta ibindi vyose kw’isi.