Ja ku birimwo

2 RUSAMA 2014
Chile

Umuriro watemye ugatongora i Valparaiso muri Shili

Umuriro watemye ugatongora i Valparaiso muri Shili

I PUENTE ALTO muri Shili—Ku wa 13 Ndamukiza 2014, umuriro w’icaduka wasongerewe isibe n’umuyaga mwinshi wava mw’ibahari Pasifike waratemye uratongora mu gisagara gikomeye ca Valparaiso kirimwo ikivuko muri Shili. Uwo muriro warahitanye abantu nka 15 abandi 500 barakomereka. Inzu nka 2.900 zarahiye ziratokombera, kandi abantu barenga 10.000 basigaye batagira aho bakika umusaya.

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Shili bivuga ko hari Icabona w’umutama yahasize ubuzima. Vyongeye, Ivyabona nka 89 ntibagira aho bakika umusaya. Abenshi muri bo barahawe indaro n’Ivyabona bagenzi babo. Ibiro vy’ishami vyaciye ubwo nyene bishinga komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago; iyo komite iriko irafasha abashikiwe n’ico cago. Hari abitanze bavyishakiye bamaze gutangura gusukura ico kibanza. Ikirere kibakundiye, bazoca batangura gusubira kwubaka inzu zishika 28 z’Ivyabona bagenzi babo zahiye.

Jason D. Reed, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Shili, avuga ati: “Biratubabaje kubona ababanyi bacu bariko barashikirwa n’ingorane zatewe n’uwo muriro w’icaduka. Turatuntujwe cane n’urupfu rw’uwo dusangiye ukwemera, kandi tuguma dusenga dusabira ababuze incuti n’abagenzi. Tuzobandanya gushigikira abahuye n’ico cago mu kubaronsa imfashanyo be n’ikindi kintu cose gikenewe kugira ngo bashobore kubandanya kwihanganira umubabaro batewe n’ico cago.”

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Shili: Jason D. Reed, tel. +56 2 2428 2600