Ja ku birimwo

Igicapo c’imwe mu nyubakwa nshasha z’i Lubumbashi, muri Kongo

21 NZERO 2022
Democratic Republic of the Congo

Inyubakwa nshasha za Beteli ziriko zirubakwa muri Kongo Kinshasa

Inyubakwa nshasha za Beteli ziriko zirubakwa muri Kongo Kinshasa

Muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, hari inyubakwa nshasha iriko irubakwa i Lubumbashi izokoreshwa nk’ibiro vy’ishami nyamukuru. Vyitezwe ko Abanyabeteli bashika 260 bazotangura kwimukira muri iyo nyubakwa nko muri Rusama 2022, mu gihe abandi Banyabeteli 131 bazoguma bakorera kw’ishami ry’i Kinshasa. a Hari izindi nyubakwa n’amabiro biriko birubakwa hafi y’ishami ry’i Kinshasa. Abanyabeteli nka 48 ni bo vyitezwe ko bazokwimukira muri izo nyubakwa nk’inyuma yo muri Nzero 2024. Izo nyubakwa nshasha zompi zizofasha cane narirya hariko haraba amaterambere muri Kongo.

Ubwubatsi bw’imwe mu nyubakwa zitatu nshasha buriko buratera imbere

Mu mwaka w’umurimo wo mu 2021, abavukanyi bacu bo muri Kongo bayoboye inyigisho zirenga 250.000. Abarenga umuliyoni baritavye Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Ubu, kw’ishami ry’i Kinshasa hari Abanyabeteli 394.

Kubera ko bitari gukunda ko twagura inyubakwa z’i Kinshasa, abavukanyi bararondeye ibibanza vyiyongereye mu bindi bisagara. Barabonye ikibanza kibereye i Lubumbashi gishobora kwubakwamwo inyubakwa nshasha z’ishami n’izindi nyubakwa boshima kwubaka mu nyuma.

Ibubamfu: Abanyabeteli bashika 300 bagiye kwimukira mu nyubakwa nshasha ziri i Lubumbashi. Iburyo: Igicapo cerekana iyo poroje yarangiye

Ico kibanza c’i Lubumbashi kiri nko ku bilometero 2.300 uvuye i Kinshasa. Gipima amahegitari 12, kikaba kizokwubakwamwo inyubakwa z’uburaro, amabiro, idepo, inyubakwa izokorerwamwo ibintu vyinshi harimwo uburiro, hamwe n’ahantu ho kwisamariza.

Ubwo bwubatsi bwatanguye muri Munyonyo 2020, ariko iyo poroje yarahuye n’ingorane nyinshi kubera ikiza ca Korona.

Umuvukanyi Robert Elongo, ari mu bagize Komite y’ishami yo muri Kongo (Kinshasa) avuga ati: “Imipaka yari yugaye. Vyari bigoye cane kuronka ibikoresho vyo kwubaka kandi ivyo vyatumye ibikorwa vy’intango bimara igihe kirekire.”

Yamara, umuvukanyi Elongo avuga ati: “Mu kiringo c’umwaka umwe gusa, twariboneye ingene ibice 40 kw’ijana vy’ibikorwa vy’intango birangira.”

Biraboneka ko Yehova yahezagiye iyo poroje. Dusenga dusaba ko izo nyubakwa nshasha zoshinga intahe ku bantu baba muri ako karere, zongere zitume izina rya Yehova Imana rininahazwa.​—Matayo 24:47.

a Ishami ryo muri Kongo (Kinshasa) rihagarikira ibikorwa vy’Ubwami muri Kongo (Kinshasa) no muri Kongo (Brazzaville).