Ja ku birimwo

12 NTWARANTE 2015
Democratic Republic of the Congo

Kongo (Kinshasa) yariyamirije ikumirwa ry’abanyeshure rishingiye kw’idini

Kongo (Kinshasa) yariyamirije ikumirwa ry’abanyeshure rishingiye kw’idini

“Kurwanya ikumirwa be n’ubusumbasumbane ni ikintu nyamukuru [gishirwa imbere] mu mashure mu gihugu cose.— Ibiro vy’umunyamabanga w’ubushikiranganji bujejwe indero, 12 Ruheshi 2014.

Haraheze imyaka itari mike, abanyeshure b’Ivyabona vya Yehova bo muri Kongo (Kinshasa) baza barirukanwa ku mashure afashwa n’amashirahamwe y’ivy’idini kubera ko bataja mu maporogarama y’idini. Iyo yari ingorane ikomeye kuko ayo mashure yari yafashe amategeko yayo iyashira hejuru y’amategeko ya Leta, yongera arirengagiza uburenganzira abanyeshure b’Ivyabona vya Yehova bafise. Abategetsi bo muri ico gihugu barabonye ako karenganyo maze baca barashigikira uburenganzira abanyeshure bose bafise bwo kwiga ata numwe akumiriwe.

Amashure afashwa n’amadini akurikiza amategeko yayo aho gukurikiza amategeko ya Leta

Amashirahamwe y’ivy’idini yaragiraniye amasezerano na Leta ya Kongo kugira ngo afashe amashure ya Leta yo mu turere dukenye. Ayo masezerano yaratomora ko “abana babwirizwa gukingirwa ibintu bituma haba ikumirwa rishingiye kw’idini bikongera bigatuma haba ukutihanganirana.” Yamara amashure afashwa n’amadini, akenshi yari yarishiriyeho amategeko asaba abanyeshure kwitaba amaporogarama ajanye n’ivy’idini be no kuyagiramwo uruhara. Amashure atari make muri ayo yagumye ashigikira cane amategeko yishingiye, arirengagiza amasezerano yagiraniye na Leta be n’uburenganzira abanyeshure bafise bwo gusenga aho bashaka.

Iyo ngorane yagiye ahabona mu 2005, igihe abanyeshure 52 b’Ivyabona birukanwa kw’ishure rimwe rifashwa n’idini i Abumombazi mu ntara ya Équateur kubera ko bari basavye kutagira uruhara mu bikorwa vy’idini vyari vyaratunganijwe n’abakuru b’iryo shure. Iyo ngorane yarunyutse igihe iyo ngendo yandukira ayandi mashure yo mu zindi ntara afashwa n’amadini. Muri ico gihe abanyeshure 300 b’Ivyabona bo muri Kongo barirukanywe; muri abo hakaba harimwo abanyeshure bo mu myaka yose ushizemwo mbere n’abo mu mwaka wa nyuma.

Kanyere Ndavaro w’imyaka 13 amaze kwirukanwa kw’ishure mu 2009 kubera akarenganyo, yanditse ati: “Ndababaye cane kubera iki kintu kije kumpungabaniriza ubuzima bwanje. Kazoza kanje ntako mbona.” Kambere Mafika Justin, yirukanywe hasigaye igihe gito ngo aronke urupapuro rw’umutsindo mu 2010, yavuze ko ubuzima bwiwe “bwari bwubamye.” Naho abo banyeshure bababajwe cane n’uko bari bankiwe kubandanya kwiga canke kuronka urupapuro rwabo rw’umutsindo, baranse kudohoka ku vyo bemera.

Abategetsi bo muri Kongo bashigikira umwidegemvyo mu vy’idini

Abavyeyi babo bana birukanywe baraganiriye n’abayobozi bayo mashure mu ntumbero yo gutorera umuti iyo ngorane, ariko ntacavuyemwo. Ivyo vyatumye ivyo Vyabona bitura abajejwe intwaro kandi bararonse abategetsi banka akarenganyo, bano bakaba baragize ukwo bashoboye kwose kugira ngo bahagarike iryo kumirwa rishingiye kw’idini.

Mu 2011, umupfasoni Bazizane Maheshe, uno akaba ari umushikiranganji ajejwe indero mu Ntara ya Nord Kivu, yararungitse ikete mu ntara yose ryavuga ngo “Guhagarika ikumirwa rishingiye kw’idini,” rino rikaba ryavuze ko ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe kwari “guteye agahinda.” Iryo kete ryavuga ritomora riti: “Hari abanyeshure bo mu madini amwamwe bakumirwa hisunzwe amategeko yashinzwe mu mashure hatisunzwe amategeko ya Leta ya Kongo.”

Ico kibazo caricariwe na Leta itariki 4 Nyakanga 2013, igihe Mwangu Famba, umushikiranganji ajejwe indero ku rwego rwa Kongo (Kinshasa), yasohora itegeko rigenga amashure yo mu ntara zose. Rya “Kete ryari rijanye no guhagarika ikumirwa rishingiye kw’idini” ryavuga ritomora riti: “Abana bose barafise uburenganzira bwo kwiyandikisha kw’ishure iryo ari ryo ryose hatisunzwe idini barimwo.” Iryo tegeko na ryo ryavuga ko kwirukana abanyeshure kubera idini barimwo ari “uguhonyanga bimwe vyeruye ingingo mfatirwako n’amategeko ya Kongo (Kinshasa).”

Amashure menshi yarashize mu ngiro izo ngingo za Leta maze arasubiza kw’ishure abanyeshure b’Ivyabona. Yamara, hari amashure makeyi yananye. Ivyo vyatumye ku wa 12 Ruheshi 2014 Umushikiranganji w’indero asohora icete cashigikira rya tegeko ryo muri Nyakanga 2013. Muri ico cete harimwo kandi itegeko rishasha ryerekeye indero * umukuru w’igihugu wa Leta ya Kongo yafashe. Ico cete carakoze ku muzi w’iyo ngorane mu kwerekana akamaro ko kugwanya ikumirwa congera kirashimika ko amategeko y’igihugu n’amategeko mpuzamakungu asumba amategeko aba yashinzwe n’ishure. Uwo Mushikiranganji w’indero yaragenye abantu ngo bagendere amashure mu gihugu cose, kugira ngo batohoze neza niba iryo tegeko ririko rirashirwa mu ngiro. Nta gukeka ko izo ngingo zafashwe na Leta zizozana ivyiza biramba.

Bizogirira akamaro benshi

Uko amashure yo muri Kongo abandanya gukora yisunze iryo tegeko, ni ko abanyeshure bose bashobora kwiga batarinze gukumirwa kubera idini barimwo. Abanyeshure bazokwiga kwubaha umuntu wese naho yoba ari mw’idini irihe. Bigenze gutyo, amashure yo muri Kongo ntazoba ariko arashigikira gusa Ibwirizwa nshingiro rya Kongo be n’itegeko ry’Umushikiranganji w’indero, ahubwo kandi azoba ariko araha urwaruka akarorero keza ko kutarenganya abandi.

^ ing. 12 No. 014/004/2014 “Itegeko rishasha ryerekeye indero. . . riraha abavyeyi umwidegemvyo wo kwandikisha abana babo ku mashure bipfuza. . . . Kurwanya ikumirwa be n’ubusumbasumbane ni ikintu nyamukuru [gishirwa imbere] mu mashure mu gihugu cose.”