Ja ku birimwo

KU WA 14 GITUGUTU 2013
Dominican Republic

Ivyabona baraganisha ubugeni bwa mbere bwemewe n’amategeko muri République Dominicaine butaraganishijwe na Gatolika

Ivyabona baraganisha ubugeni bwa mbere bwemewe n’amategeko muri République Dominicaine butaraganishijwe na Gatolika

Babiri mu Vyabona vya Yehova bo muri République Dominicaine bagize ubugeni igihe c’ibirori vy’intibagirwa ku wa 28 Myandagaro 2013. Kuva kera cane mu 1954, ubugeni bwaraganishwa n’irindi dini atari Gatolika canke inzego za Leta ntibwemerwa n’amategeko muri ico gihugu kubera amasezerano yari hagati ya République Dominicaine na Vatikano. Ivyo vyatuma Ivyabona vya Yehova babwirizwa kuraganisha ubugeni bwabo mu nzego za Leta, ivyo bikaba vyiyongera ku birori vy’ubugeni bijanye n’idini ryabo baba bagize. Ariko rero, ibwirizwa nshingiro rishasha ryaremeje ivy’uko n’ayandi madini araganisha ubugeni, harimwo n’Ivyabona vya Yehova. Ubugeni bwabaye ku wa 28 Myandagaro ni bwo bwari ubwa mbere buraganishijwe n’abatari abagatolika muri ico gihugu.

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Muri République Dominicaine: Josué Feliz, tel. +1 809 595 4007