Ja ku birimwo

5 RUHUHUMA 2015
France

Sentare ntahinyuzwa ica imanza za Leta mu Bufaransa ikuraho ugukumirwa

Sentare ntahinyuzwa ica imanza za Leta mu Bufaransa ikuraho ugukumirwa

Ndahimbawe cane n’ikiyago duhejeje kugiranira. Birandemesha iyo mungendeye kandi kwiga Bibiliya bituma ngira intumbero mu buzima.

Nagira ndabashimire kubera utwigoro mwagize muri sentare, mu ntwaro no ku rwego rw’idini kugira muze kutwigisha Ijambo ry’Imana.

Imana irishuye amasengesho yanje.

Ivyo vyavuzwe n’abanyororo bo mu Bufaransa mu gukenguruka ingene Ivyabona vya Yehova babafasha kwiga Ijambo ry’Imana.

Ku wa 16 Gitugutu 2013, Sentare ntahinyuzwa ica imanza za Leta mu Bufaransa yarafashe ingingo yatumye ivyo gukumira Ivyabona vya Yehova vyari bimaze igihe mu Bufaransa birangira. Iyo ngingo iraha Ivyabona vya Yehova uburenganzira bwo kwinjira mu mabohero kugira bigishe Ijambo ry’Imana abanyororo baba babisavye. *

Ivyabona bakwa uburenganzira bwo kwigisha Ijambo ry’Imana mu mabohero

Abajejwe amabohero barigeze kumara imyaka n’iyindi bareka Ivyabona vya Yehova bakigisha abanyororo Ijambo ry’Imana naho ata ruhusha bari bafise rwemeza ko ari abakozi b’Imana. Ibintu vyagiye guhinduka mu 1995 inyuma y’aho umugwi w’abashingamateka usohoreye raporo itahurizwako na bose irimwo urutonde rw’amadini yitwa ko ateye akaga, muri yo hakaba harimwo Ivyabona vya Yehova. Ivyo vyarasize iceyi Ivyabona vya Yehova vyongera bituma batangura gukumirwa. Ivyo vyarigaragaje mu mabohero.

Naho raporo z’abashingamateka zidafatwa nk’amategeko, abajejwe amabohero bamwebamwe barisunze iyo raporo yo mu 1995 kugira babuze Ivyabona kwigisha Ijambo ry’Imana abanyororo bavyipfuza. Icabona ca Yehova yarashobora kugendera uwupfunzwe nk’uko amategeko abirekurira umunyagihugu wese, ariko atagira uburenganzira buhabwa umukozi w’Imana. Nta burenganzira yari agifise bwo kuzana Bibiliya canke ikindi gitabu c’idini. Ivyabona babonanira n’abanyororo mu kibanza gihuriramwo abantu bose, bikaba bitaborohera kuganira ivyerekeye Imana. Hari Icabona ca Yehova yavuze ko ico kibanza carimwo “urwamo rwinshi cane” ku buryo wamenga ni mw’isoko. Amabohero amwamwe mbere yarategeka ko abanyorororo baba babonanye n’Ivyabona basakwa bimwe vyitondewe kuko ata ruhusha rwemeza ko ari abakozi b’Imana baba bafise.

Mu mwaka wa 2003, Ivyabona vya Yehova baratanguye kugira utwigoro kugira baronke uburenganzira bwo kugendera abanyororo cokimwe n’ayandi madini, barasaba uruhusha urwego rujejwe amabohero mu Bufaransa. Utwigoro twose twagizwe basaba kwemererwa twabaye impfagusa. Ivyabona barituye urwego rukurira urwo rwa mbere kubera ako karenganyo gashingiye ku gukumirwa ariko biba impfagusa. Umushikiranganji w’ubutungane w’igihugu c’Ubufaransa yishuye ko imvo ituma Ivyabona bataronka ubwo burenganzira cokimwe n’ayandi madini ari uko batari ku rutonde rw’amadini arekuriwe kwinjira mu mabohero kwigisha Ijambo ry’Imana. Ubwo bushikiranganji bwavuze ko hagize Icabona ca Yehova ahabwa ubwo burenganzira ngo vyotuma n’utundi tudumbidumbi dusaba ubwo burenganzira. Ivyabona bamaze kugerageza gutorera umuti ico kibazo biciye mu bushikiranganji bw’ubutungane bikanka, nta yindi nzira yari isigaye atari ukwitura Sentare.

Leta yanka gukuraho ugukumirwa

Mu 2006, Ivyabona vya Yehova barasavye Sentare gufuta ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane no gutegeka ubwo bushikiranganji kubaha uburenganzira bwo kwigisha Ijambo ry’Imana mu mabohero. Sentare zose zica imanza za Leta na Sentare zisubiramwo imanza za Leta zo mu Bufaransa zaremeje ko ingingo Leta yafashe yarenze ku mategeko. Vyongeye, mu 2010 Urwego rukuru ruharanira ukungana rukongera rukarwanya ivangura rwariyamirije ingingo ya Leta rwongera rurasaba ubushikiranganji bw’ubutungane gukuraho iryo kumirwa.

Uretse ko Leta y’Ubufaransa itakoze ivyo yasabwe na Sentare hamwe n’izindi nzego, yaciye isaba Sentare ntahinyuzwa ica imanza za Leta gusambura imanza zaciwe.

Ivyabona batsinda urubanza rw’intibagirwa

Mu 2013, Sentare ntahinyuzwa ica imanza za Leta yarihweje urubanza rw’Ivyabona rukaba rwari rugizwe n’imanza icenda zisa. Ku wa 16 Gitugutu 2013, iyo Sentare yarakubise intahe mu gahanga Leta y’Ubufaransa. Ingingo ya Sentare yavuga ko kugira abajejwe amabohero bubahirize uburenganzira bw’abanyororo, “bategerezwa guca baha uburenganzira abaserukira idini bipfuza kugendera abanyororo bakibisabwa bakire kuba batageramiye umutekano canke ngo batere akajagari mw’ibohero.” Vyongeye, Sentare yisunze Ibwirizwa shingiro ry’Ubufaransa hamwe n’Amasezerano y’Abanyaburaya yerekeye agateka ka zina muntu, yatangaje ko abanyororo bafise uburenganzira bwo “gushikiriza ivyiyumviro, kuyoborwa n’inama y’umutima wabo no kuja mw’idini bashaka.” Kuva iyo ngingo ifashwe, abaserukira Ivyabona bashika 105 bo mu Bufaransa no mu bihugu butwara baremerewe kwigisha Ijambo ry’Imana mu mabohero, bica bituma abanyororo bashobora kugenderwa n’Ivyabona vya Yehova baje kubabwira Ijambo ry’Imana.

Muri Nzero 2014, Urwego rujejwe amabohero mu Bufaransa rwaragenye umwe mu Vyabona ngo aserukira abandi bagendera amabohero ku rwego rw’igihugu akaba ari Jean-Marc Fourcault. Ivyo biraha Fourcault uburenganzira bwo kugendera amabohero yose yo mu Bufaransa. Arafise n’uburenganzira bwo guserukira Ivyabona vya Yehova imbere y’Urwego rujejwe amabohero. Fourcault agira ati: “Kuva ubu, abaserukira Ivyabona vya Yehova barafise uburenganzira cokimwe n’abaserukira ayandi madini yemerewe kugendera abanyororo, bwo kuganira n’abanyororo mu mwiherero kandi mu bibanza bibereye, rimwe na rimwe mu vyumba vyabo.”

Iyo ngingo yabaye intsinzi ikomeye mu bijanye n’umwidegemvyo wo gusenga mu Bufaransa. Irasubira kwemeza ko abanyororo bafise uburenganzira bwo gusenga mw’idini bashaka no kugenderwa n’umukozi w’Imana bashaka. Ivyabona vya Yehova barashimiye ubutungane bw’Ubufaransa kubona bukuraho ukwo gukumirwa, ikaba ari iyindi ntambwe nziza Ubufaransa bwateye mu nzira yo kubona Ivyabona vya Yehova nk’idini ryemewe na Leta.

^ ing. 6 Hari abanyororo bamwebamwe babaye Ivyabona vya Yehova bamaze kuyaga n’Ivyabona mw’ibohero. Abandi bashobora kuba bari bamaze kuganira n’Ivyabona imbere y’uko bapfungwa canke bakaba barerewe mu miryango y’Ivyabona imbere y’uko bakora ivyaha ariko ubu bakaba bashaka kugaruka mw’ishengero. Imvo ituma barondera kugenderwa n’Icabona ca Yehova yaba iyihe, abo banyororo bafise uburenganzira bungana n’ubw’abanyororo bo mu yandi madini.