Ja ku birimwo

6 RUSAMA 2015
Guatemala

Amashure y’i Gwatemala yahagurukiye ubukozi bw’ikibi mu rwaruka: Yarasavye Ivyabona vya Yehova ibitabu

Amashure y’i Gwatemala yahagurukiye ubukozi bw’ikibi mu rwaruka: Yarasavye Ivyabona vya Yehova ibitabu

IGISAGARA CA MEXICO: Amashure atatu yo muri Gwatemala yarasavye Ivyabona vya Yehova ibitabu kugira babikoreshe mu vyo bategekanya kwigisha. Ivyabona barayahaye ibitabu 3.500 mu gisupanyoli no mu rurimi rwitwa quiché, rukaba ari rumwe mu ndimi zikoreshwa n’Abamaya ruvugwa n’Abahindi baba muri Amerika. Urwo rurimi ruvugwa mu misozi yo mu burengero bwa Gwatemala.

Kuri rya Shure-shingiro ry’i Paraje Xepec: Umwigisha ariko arigisha akoresheje Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya be n’agatabu Ivyigwa vyanje vya Bibiliya yahawe n’Ivyabona vya Yehova.

Ayo mashure yituye Ivyabona vya Yehova kubera ari rimwe mu mashirahamwe make asohora ibitabu muri urwo rurimi, vyinshi muri vyo bikaba bivuga ibijanye n’ibibazo bihanze urwaruka rwo muri Gwatemala. Mw’ikete ryavuye kw’Ishure-shingiro ry’abahungu n’abakobwa riri i Paraje Xepec, Porofeseri Maria Cortez yavuze ko basavye ivyo bitatu “kugira bagarukire imico runtu ikenewe cane mu kibano.”

Kuri rya shure ry’i Elisa Molina de Sthall: Abanyeshure bariko barasoma Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya muri rwa rurimi rwitwa quiché.

Ivyigwa biherutse kugirwa birerekana ko ubukozi bw’ikibi busigaye bwarabaye ndanse mu rwaruka rwo muri Gwatemala. Ku bw’ivyo, amashirahamwe yo muri Gwatemala nk’iryitwa VPP rijejwe gukinga ubukozi bw’ikibi, yarashinzwe kugira “abanyeshure, abavyeyi, abarezi, abategetsi n’abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike batume mu mashure haba ahantu hatagira inkomanzi kandi bahe ibikorwa abana n’urwaruka bongere babategure ku bwa kazoza.” Muri iyo ntumbero nyene, shure rya leta ritanga inyigisho z’ishimikiro mu vy’uburimyi (INEBOA), ishure ry’abahungu n’abakobwa ry’i Elisa Molina de Sthalli (EORM) be na rya shure-shingiro ry’abahungu n’abakobwa ry’i Paraje Xepec, yarasavye amakopi y’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya muri rwa rurimi rwitwa quiché. Iryo shure rya leta INEBOA ryaranasavye vya bitabu bibiri vy’Ivyabona bigenewe urwaruka bivuga ngo Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro mu gisupanyoli. Iryo shure ryarahaye abavyeyi ivyo bitabu kugira bafashe abana babo gutegurira i muhira ivyigwa bijanye n’imico runtu. Vyongeye, iryo shure ryarashize mu rutonde rw’ivyigwa ya videwo Umwana w’icangazi yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Erick De Paz, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Gwatemala, avuga ati: “Naho intumbero yacu nyamukuru ari iyo kubwira abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya tubasanze ku mihana yabo, turahimbarwa n’uko abigisha n’abavyeyi bikora ku bitabu vyacu kugira bafashe abakiri bato.”

Abajejwe amakuru:

Urwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Gwatemala: Juan Carlos Rodas+502 5967 6015

Mexico: Gamaliel Camarillo, tél. +52 555 133 3048