Ja ku birimwo

12 MUNYONYO 2013
Japan

Igihuhusi ciswe Wipha gitera mu Buyapani

Igihuhusi ciswe Wipha gitera mu Buyapani

Ku wa 16 Gitugutu 2013, igihuhusi ciswe Wipha caraciye ku nkengera yo mu buseruko bw’Ubuyapani. Akazinga gatoyi ka Oshima, kari ku bilometero 120 amaja epfo ya Tokyo, kari mu turere twasinzikajwe cane n’ico gihuhusi. Ico gihuhusi carimwo imvura nyinshi cane y’isegenya, catumye inzuzi zirengerwa n’imisozi ihomvagurika. Cahitanye n’imiburiburi abantu 35. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bo mu Buyapani vyemeje ko ata n’umwe mu Vyabona vya Yehova bo mw’ishengero ryo muri ako karere ka Oshima yapfuye canke ngo akomereke; kiretse ko igisenge c’inzu y’umuryango umwe w’Ivyabona cononekaye, ibindi Vyabona bakaba barafashije mu kugisanura. Ivyabona bo muri ako karere barabaye hafi ababanyi babo, barabafasha bongera barabahumuriza.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mu Buyapani: Shiro Hayasaki, tél. +81 46 233 0005