Ja ku birimwo

KU WA 14 GITUGUTU 2013
Kenya

Ikigo giterwa muri Kenya

Ikigo giterwa muri Kenya

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nyakanga 2013, abantu bitwaje ibirwanisho barinjiye mu kigo kinini gikorerwamwo ivy’ubudandaji c’i Nairobi muri Kenya, barica abantu nka 67 bongera barakomeretsa abandi nka 175. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bivuga ko hari Ivyabona vya Yehova batari bake bari muri ico kigo mu gihe c’ico gitero, ariko bose barashoboye kuhasohoka badakomeretse. Josphat Makori, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Kenya, avuga ati: “Ico gitero carababaje abanyagihugu bose. Turahojeje ababuriye ababo muri ico gitero. Turiko turakora cane kugira duhumurize mu buryo bw’impwemu ababanyi bacu twongere tubafashe mu buryo buboneka muri iki kiringo kitoroshe.”

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Muri Kenya: Josphat Makori, tel +254 20 387 3211