Ja ku birimwo

6 NTWARANTE 2015
Mozambique

Ivyabona baraciye hasi no mu kirere kugira batange imfashanyo inyuma y’isegenya rikomeye ryabaye muri Mozambike

Ivyabona baraciye hasi no mu kirere kugira batange imfashanyo inyuma y’isegenya rikomeye ryabaye muri Mozambike

MAPUTO muri Mozambike: Kuva muri Kigarama gushika hagati muri Nzero, mu ntara ya Zambézie muri Mozambike haraguye imvura nyinshi bidasanzwe yahitanye abantu 158. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Mozambike bimenyesha ko ata Vyabona bapfuye canke ngo bakomereke. Ariko rero, iryo segenya ryarabomoye ibibanza bibiri vyo gusengeramwo, ivyitwa Ingoro z’Ubwami, ryongera rirasambura amazu 225 y’Ivyabona.

Ivyabona bitanze bariko bitegurira kuja gukororera ibifungurwa mu karere badashobora gushikamwo ka Chire, mu ntara ya Zambézie.

Ivyabona baciye bashiraho amakomite atari make yo gutabara abashikiwe n’ivyago kugira baronse abo basangiye idini bo mu turere twasinzikaye ivyo bakeneye. Vyongeye, Ingoro z’Ubwami zimwezimwe zaciye ziba zirakoreshwa nk’uburaro be n’aho batangira ibifungurwa. Muri Chire, hakaba ari nko ku bilometero 1.500 uvuye i Maputo, amazi y’iryo segenya yarasambuye ibiraro abantu bahora bacako kugira bashike muri ako karere. Ivyo vyatumye ata wushobora gushikira Ivyabona barenga 1.300. Urwego rujejwe ivy’indege muri Mozambike rwaremereye Ivyabona kuja gukororera muri ako karere amatoni arenga 17 y’ibintu vyo gutabara abashikiwe n’ivyago, bakoresheje kajugujugu.

Muri Morrumbala, imifuko y’intete z’ibigori iriko irapakirwa kugira ije gutangwa

Alberto Libombo, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Mozambike, avuga ati: “Vyari bihimbaye kubona ukuntu abo dusangiye idini bitanze cane mu bijanye no gutabara abashikiwe n’ivyago. Ibiro vy’ishami muri Mozambike birabandanya gutunganya ivyo kurungika ibifungurwa vya nkenerwa kandi biriko biraringaniza ivyo kwubaka no gusanura amazu. Tuzobandanya gukora ivyo dushoboye vyose kugira tugume dufasha abashikiwe n’ivyago twongera tubaremesha mu vy’Imana.”

Ingoro y’Ubwami y’i Chiromo babaye barayikoresha mu kuyitangiramwo imfashanyo

Abajejwe amakuru:

Urwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mozambike: Alberto Libombo, tél. +258 21 450 500