Ja ku birimwo

29 NDAMUKIZA 2014
Nicaragua

Nyamugigima yateye muri Nikaragwa

Nyamugigima yateye muri Nikaragwa

Ku wa mbere, igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2014, haradutse ikinyamugigima gifise ubukomezi bungana n’ibipimo 5,1 mu buraruko bushira uburengero bwa Managwa, muri Nikaragwa. Ico cari ica nyuma mu binyamugigima vyamaze imisi ine bikubagura ako karere. Igikomeye gusumba vyose cari gifise ubukomezi bungana n’ibipimo 6,6. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Amerika yo hagati biri muri Megizike bimenyesha ko ata Cabona n’umwe yakomeretse. Amazu 7 y’Ivyabona yarasambutse yose, ayandi 21 na yo arononekara bikomeye. Ingoro y’Ubwami imwe, ni ukuvuga inyubakwa Ivyabona vya Yehova basengeramwo iri mu gisagara ca Nagarote, na yo nyene yarononekaye cane. Ku bw’ivyo, vyabaye ngombwa ko amashengero abiri y’Ivyabona vya Yehova akoranira hamwe kuri parikingi y’iyo Ngoro kugira bibuke urupfu rwa Yezu nk’uko bama babigira buri mwaka. Abantu barenga 530 ni bo bari bahari kuri uwo mugoroba, kandi benshi muri bo ntibari Ivyabona. Ibiro vy’ishami biriko birafasha abo dusangiye ukwizera amazu yabo yononekaye kandi birabaronsa aho baba barakitse umusaya.

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Amerika yo hagati: Gamaliel Camarillo, tel. +52 555 133 3048